Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Luke 14 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 One Sabbath, when he went to eat in the house of one of the leaders of the Pharisees, they were watching him closely. Umusi umwe, hari kw’Isabato, Yesu aja kuzimanwa mu nzu y’umwe mu bakuru b’Abafarisayo, kandi abari ngaho bose bari bamushinze ijisho.
2 And there in front of him was a man whose body was swollen with fluid. Imbere yiwe hari umugabo agwaye ingwara yo kuvyimba umubiri.
3 Jesus said to the experts in the law and the Pharisees, "Is it lawful to heal on the Sabbath, or not?" Yesu abaza Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe ati: “Mbega biremewe gukiza umuntu ku musi w’Isabato?”
4 But they stayed silent. So he took hold of the man, healed him, and sent him on his way. Ariko ntibagira ico bamwishura. Maze Yesu aca amukorako, aramukiza, aramurungika arigira.
5 Then he said to them, "If one of you has a son or an ox that falls into a well on the Sabbath day, will you not immediately pull him out?" Aca ababaza ati: “Ni nde muri mwebwe yoba afise umwana canke inka, uwo mwana aguye mu kinogo ntamukureyo; canke iyo nka iguye mu kinogo ntayikureyo, ngo ni uko ari ku musi w’Isabato?”
6 And they had no answer to give to this. Na ho nyene ntibashobora kuronka ico bamwishura.
7 When he noticed how the guests chose the places of honor, he told them a parable: Yesu abonye ukuntu abatumire bahitamwo ivyicaro vy’imbere, aca abaha impanuro ati:
8 "When someone invites you to a wedding feast, do not take the place of honor, because a more distinguished guest than you may have been invited. “Nibagutumira mu musi mukuru w’ubukwe, ntuze uhitemwo icicaro c’imbere, kuko bishoboka ko hari uwugusumvya icubahiro nawe yatumiwe nkawe.
9 Then the one who invited you both will come and say to you, 'Give this person your place,' and in disgrace you will have to take the lowest place. Muri ico gihe, nyene urubanza azoza akubwire ati: ‘Mubise yicare.’ Maze uzogenda uramaramara kwicara mu kibanza c’inyuma ya bose.
10 But when you are invited, go and take the lowest place, so that when your host comes he will say to you, 'Friend, move up higher.' Then you will be honored in front of all who are at the table with you. Ariko nibagutumira, uze uhitemwo icicaro c’inyuma kugira ngo nyene urubanza abe ari we aza akubwire ati: ‘Mugenzi, kaze mu cicaro c’imbere.’ Ico gihe uzoba utewe iteka imbere y’abandi batumire bose.
11 For all who exalt themselves will be humbled, and those who humble themselves will be exalted." Kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.”
12 Then he said to the man who had invited him, "When you give a lunch or a dinner, do not invite your friends or your brothers or your relatives or your rich neighbors. If you do, they may invite you back, and you would be repaid. Yesu aca abarira uwamutumiye ati: “Niwategura umusi mukuru, ntuze utumire abagenzi, abavukanyi, incuti, canke ababanyi batunze. Kuko na bo bazogutumira, maze impera yawe ibe iyo.
13 But when you give a banquet, invite the poor, the crippled, the lame, the blind, Ahubwo niwategura umusi mukuru, uze utumire abakene, abamugaye, abacumbagira n’abatabona.
14 and you will be blessed. Since they have no way to repay you, you will be repaid at the resurrection of the righteous." Aho ni ho uzohezagirwa. Kubera yuko badashobora kubikwishura, Imana izobiguhembera mw’izuka ry’abagororotsi.”
15 When one of those at the table with him heard this, he said to him, "Blessed is the one who will eat at the feast in the kingdom of our Father!" Umwe mu bari ngaho ahejeje kwumva ayo majambo, aca abarira Yesu ati: “Hahiriwe uwuzofungura ku mazimano yo mu Bwami bw’Imana.”
16 Jesus replied, "A certain man was giving a great banquet, and he invited many guests. Yesu aramwishura ati: “Habaye umuntu yateguye umusi mukuru, atumira abantu benshi.
17 "When the time came for the banquet, he sent his servant to tell those who had been invited, 'Come, for everything is now ready.' Igihe co kuzimana kigeze, atuma umukozi wiwe kubwira abatumire ati: ‘Nimuze, vyose vyatunganye.’
18 But one after another they all began to make excuses. The first said to him, 'I have bought a field, and I must go and see it. Please excuse me.' Ariko bose baca batangura kwerekana ibibafatiriye bituma batagenda. Uwa mbere ati: ‘Unyihanganire, mpejeje kugura itongo, ngira nje kuriraba.’
19 Another said, 'I have bought five pairs of oxen, and I am on my way to try them out. Please excuse me.' Uwundi na we ati: ‘Ndakwingize umbabarire, naguze inka cumi zirima, ngiye gusuzuma ko zikora neza.’
20 And another said, 'I have just married a wife, and so I cannot come.'" Uwundi na we ati: ‘Sinshobora kuza kuko narongoye.’
21 So the servant came back and reported this to his master. Then the master of the house became angry and said to his servant, 'Go out quickly into the streets and alleys of the town, and bring in the poor, the crippled, the blind, and the lame.' Wa mukozi aragaruka abwira shebuja ingene vyagenze. Maze na we arashavura cane, aca amubwira ati: ‘Genda mu mabarabara no mu mayira yo mu gisagara, uzane abakene, abacumbagira, abatabona, hamwe n’abamugaye.’
22 "'Master,' the servant said, 'what you ordered has been done, and still there is room.' Ahejeje kubikora, wa mukozi abwira shebuja ati: ‘Databuja, ivyo wantumye nabikoze, ariko haracasigaye ibibanza bigaragara.’
23 Then the master told the servant, 'Go out to the roads and country lanes and compel them to come in, so that my house will be full. Shebuja aramubarira ati: ‘Genda mu mayira y’inyuma y’igisagara no mu mirombero, winginge abantu ushimitse, baze kugira ngo inzu yanje yuzure.
24 For I tell you, not one of those who were invited will taste my banquet.'" Ndababwire ukuri, nta n’umwe mu bo nari natumiye ubwa mbere aja no kwumviriza ku mazimano yanje.’ ”
25 Large crowds were traveling with him, and turning to them he said, Yesu ari mu nzira agenda, hari isinzi ry’abantu bari bamukurikiye. Maze Yesu, arahindukira ababwira ati:
26 "If anyone comes to me and does not hate his own father and mother and wife and children and brothers and sisters—yes, even his own life—he cannot be my disciple. “Uwugomba kunkurikira ariko ntiyanke se, canke nyina, canke umugore wiwe, canke abana biwe, canke abo bavukana, ndetse n’ubuzima bwiwe na bwo nyene, ntashobora kuba umwigishwa wanje.
27 Whoever does not carry his own cross and follow me cannot be my disciple. Kandi uwutikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire, ntashobora kuba umwigishwa wanje.
28 Suppose one of you wants to build a tower. Will he not first sit down and count the cost, to see whether he has enough to finish it? Ni nde muri mwebwe agomvye kwubaka igorofa, atobanza kwicara ngo aharure neza ko afise ivyo kuyuzuza?
29 Otherwise, if he lays the foundation and is not able to finish, everyone who sees it will begin to ridicule him, Kuko niyamara kwubaka umushinge hanyuma ntashobore kuyuzuza, abazoyibona bose bazomutwenga,
30 saying, 'This person began to build and was not able to finish.' bivugire bati: ‘Ehe, raba uwu muntu yatanguye kwubaka inzu ariko ntiyashobora kuyuzuza.’
31 Or suppose a king is about to go to war against another king. Will he not first sit down and consider whether he is able with 10,000 men to face the one coming against him with 20,000? Canke, mbega umwami afise abasoda ibihumbi cumi atewe n’uwundi mwami afise abasoda ibihumbi mirongo ibiri, ntiyobanza kwicara akaraba neza ko yoshobora kugwanya uwo mwami amuteye?
32 And if he cannot, he will send a delegation while the other is still far off and ask for terms of peace. Abonye ko adashobora kumugwanya, aca arungika intumwa ku wumuteye akiri kure, kugira ngo bamubaze ivyotuma babana amahoro.
33 In the same way, any one of you who does not give up everything he has cannot be my disciple. Nuko rero, umuntu wese muri mwebwe adaheba ivyiwe vyose, ntashobora kuba umwigishwa wanje.
34 "Salt is good, but if it loses its saltiness, how can it be made salty again? Umunyu ni ingirakamaro. Ariko iyo umaze gutakaza uburyohe bwawo, mbega bwosubiramwo gute?
35 Fit for neither soil nor manure pile, it's thrown out. Whoever has ears to hear, let them hear." Nta co uba ukimaze, haba mw’ivu canke mu mase yo muri nyabarega; haba hasigaye ko utabwa hanze. Uwufise amatwi yumva, niyumve!”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]