Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Luke 13 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Just then some people told him about Galileans whose blood Pilate mixed with their sacrifices. Bamwe mu bari ngaho baca babwira Yesu inkuru y’abantu b’i Galilaya Pilato yishe akavanga amaraso yabo n’ay’ibimazi bariko baratanga.
2 He replied, "Do you think these Galileans were worse sinners than all other Galileans because they suffered these things? Yesu arababwira ati: “Mbega mwibaza ko abo bantu b’i Galilaya bababajwe gutyo kubera bari abanyavyaha kurusha abandi Banyagalilaya?
3 No, I tell you; but unless you repent, you will all perish as well. Haba na mba! Ariko nimutihana namwe muzohona nka bo.
4 Or those eighteen killed when the tower in Siloam fell on them—do you think they were more guilty than everyone else in Jerusalem? Canke mwibaza ko bamwe cumi n’umunani bapfa igihe umunara wabagwako i Silowamu bari abanyavyaha kurusha abandi bantu bose baba i Yerusalemu?
5 No, I tell you; but unless you repent, you will all perish in the same way." Haba na mba! Ariko nimutihana namwe muzohona nka bo.”
6 Then he told this parable: "A man had a fig tree planted in his vineyard. He came looking for fruit on it and found none. Aca abacira uwu mugani ati: “Umuntu umwe yari afise igiti c’umusukoni giteye mu murima wiwe w’imizabibu. Umusi umwe aja kuraba ko hari icamwa yosangako, arabura.
7 He told the gardener, 'Look, for three years I've come seeking fruit on this fig tree and found none. Cut it down—why let it drain the ground?' Aca abarira umukozi yari ajejwe uwo murima ati: ‘Maze imyaka itatu nza kurondera ivyamwa kuri uwu musukoni, ariko singire ico ndonka. Giteme, kuko nta cotuma kibandanya conona isi.’
8 But he replied, 'Sir, leave it this year too, until I dig around it and add manure. Wa mukozi aramubarira ati: ‘Databuja, cihanganire uwundi mwaka, ndakibagarire nongere ndagitabire.
9 Then if it bears fruit next year, good; if not, you can cut it down.'" Nicama bizoba ari vyiza, nikitama na ho uzoheza ugiteme.’ ”
10 Now he was teaching in one of the synagogues on the Sabbath. Umusi umwe Yesu yariko arigisha mw’isinagogi kandi hari kw’Isabato.
11 Just then, a woman weakened by a spirit for eighteen years was bent over, unable to straighten up at all. Aho hari umugore yari amaze imyaka cumi n’umunani amugajwe n’impwemu mbi. Yari yarahetamye umugongo, ntiyashobora kugororoka.
12 Seeing her, Jesus called her over and said, "Woman, you are freed from your disability." Yesu amubonye aca aramuhamagara ngo aze aho ari, amubwira ati: “Mupfasoni, ndakubohoye ubumuga bwawe.”
13 He laid hands on her, and immediately she straightened up and glorified our Father. Aca amurambikako ibiganza. Ako kanya nyene, aca aragororoka, ahimbaza Imana.
14 But the synagogue leader, angry that Jesus had healed on the Sabbath, told the crowd, "There are six days for work. Come be healed on those days, not on the Sabbath." Ariko umukuru w’isinagogi ababazwa n’uko Yesu akijije umuntu ku musi w’Isabato. Aca abarira abantu bari aho ati: “Imisi y’ibikorwa ni itandatu. Muzohore muza gukizwa ingwara muri iyo misi, ariko atari ku musi w’Isabato.”
15 The Lord answered him, "Hypocrites! Doesn't each of you untie your ox or donkey from its stall on the Sabbath and lead it out to water it? Umwami Yesu aca arishura ati: “Mwa ndyarya mwe! Ni nde muri mwebwe atozitura inka canke indogoba yiwe mu ruhongore ku musi w’Isabato ngo ayijane kunywa amazi?
16 Shouldn't this daughter of Abraham, bound by Satan for eighteen years, be freed from that bond on the Sabbath?" Mbega uwu mugore akaba n’umukobwa wa Aburahamu yari amaze imyaka cumi n’umunani aboshwe na Satani, ntiyari akwiye kubohorwa, naho ari ku musi w’Isabato?”
17 As he said these things, all his opponents were humiliated, and all the crowd celebrated all the glorious things he was doing. Avuze ivyo, abamugwanya bose baramaramara. Ariko abandi bose bari banezerejwe cane n’ibitangaza yariko arakora.
18 He said therefore, "What is the kingdom of our Father like? What should I compare it to? Nuko Yesu abandanya avuga ati: “Mbega Ubwami bw’Imana bumeze nk’iki? Nobugereranya n’iki?
19 It's like a mustard seed a man took and planted in his garden, growing into a tree where the sky's birds nested in its branches." Bumeze nk’akabuto k’igiterwa citwa mutaride umuntu yateye mu murima wiwe, karakura gahinduka igiti, maze inyoni zo mu kirere ziraza zarika mu mashami yaco.”
20 And again he said, "What should I compare the kingdom of our Father to? Yongerako ati: “Ubwami bw’Imana nobugereranya n’iki?
21 It is like yeast a woman took and hid in three measures of flour until it all yeasted." Bugereranywa n’umwambiro umugore akoresha mu gukora imikate. Naho yokoresha umwambiro muke mw’ifu ingana n’ingero zitatu, uwo mwambiro muke utuma igikandu cose c’umukate gikakama.”
22 He went on his way through towns and villages, teaching and journeying toward Jerusalem. Nuko Yesu aca mu bisagara no mu mihana yigisha, yerekeye i Yerusalemu.
23 Someone asked him, "Lord, are the saved few?" He said to them, Umuntu umwe aramubaza ati: “Mwami, ubwo abakizwa ntibazoba bake?” Yesu aramwishura ati:
24 "Struggle to enter through the narrow door—many, I tell you, will try to enter and fail. “Mugire umwete wo guca mw’irembo ryaga, kuko ndababwire ukuri, benshi bazogerageza kwinjira ariko ntibabishobore.
25 Once the homeowner rises and shuts the door, you'll stand outside knocking, saying, 'Lord, open for us.' He'll answer, 'I don't know where you're from.' Nyene inzu niyahaguruka akugara umuryango, muzohagarara inyuma mudodora, mutakamba muti: ‘Nyakwubahwa, twugururire.’ Na we azobishura ati: ‘Sindabazi kandi sinzi n’iyo muva.’
26 Then you'll begin to say, 'We ate and drank before you; you taught in our streets.' Namwe muzovuga muti: ‘Twarira kandi twanywera imbere yawe, mbere wigishiriza mu mabarabara y’iwacu.’
27 But he'll say, 'I tell you, I don't know where you're from. Get away from me, all you who do evil!' Ariko azobishura ati: ‘Sindabazi kandi sinzi n’iyo muva. Mviraho mwa nkozi z’ibibi mwe!’
28 There will be weeping and teeth grinding, when you see Abraham and Isaac and Jacob and all the prophets in the kingdom of our Father, while you yourselves are thrown out. Ni ho hazoba amarira no guhekenya amenyo, nimwabona Aburahamu, Isaka na Yakobo hamwe n’abavugishwa bose mu Bwami bw’Imana, namwe muterewe hanze.
29 People will come from east and west, from north and south, and sit down to eat in our Father's kingdom. Abantu bazova mu buseruko no mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko, bahabwe ivyicaro mu mazimano yo mu Bwami bw’Imana.
30 And indeed, some are last who will be first, and some are first who will be last." Kandi mumenye ko hari bamwe mu bari inyuma bazoba ab’imbere, na bamwe mu bari imbere bazoba ab’inyuma.”
31 At that same hour some Pharisees came, telling him, "Get out, leave here—Herod wants to kill you." Ico gihe, bamwe mu Bafarisayo baca baza aho Yesu ari, bamubwira bati: “Va ngaha ugende, kuko Herode Antipa agomba kukwica.”
32 And he said to them, "Go tell that fox: Look, I drive out demons and complete healings today and tomorrow, and on the third day I am finished. Yesu arabishura ati: “Genda mubwire iyo mbwebwe ko ndiko ndirukana abadayimoni nongera nkiza abagwaye uno musi n’ejo; ku musi ugira gatatu nzoba ndangije igikorwa canje.
33 Still, I must travel today, tomorrow, and the next day, since no prophet can die outside Jerusalem. Uko biri kwose, ntegerezwa kubandanya urugendo rwanje uno musi n’ejo na hirya y’ejo, kuko nta handi umuvugishwa akwiye kwicirwa atari i Yerusalemu.
34 Jerusalem, Jerusalem, killing the prophets, stoning those sent to her! How often I longed to gather your children as a hen gathers her brood under her wings—but you refused! Yewe Yerusalemu, yewe Yerusalemu! Wewe wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko. Ni kangahe nagerageje kwegeranya abana bawe nk’uko inkoko yegeraniriza imiswi yayo mu mababa yayo, ariko ukanyankira!
35 Look, your house is left to you. I tell you: you won't see me until you say, 'Blessed is the one who comes in the name of our Father!'" Kubw’ivyo, raba inzu yanyu igiye kuba akahebwe. Ndababwira ukuri ko mutazosubira kumbona kugeza aho muzovugira muti: ‘Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho.’”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]