Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Luke 12 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Meanwhile, as thousands crowded together, trampling each other, Jesus began speaking first to his disciples: "Guard yourselves against the yeast of the Pharisees—that is, hypocrisy. Muri ako kanya nyene, abantu ibihumbi n’ibihumbi bariko baragwirirana, gushika aho ata waronka aho ahonyora. Maze Yesu atangura kubigisha ahereye ku bigishwa biwe, abagabisha ati: “Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo, ari bwo buryarya.
2 Nothing is concealed that will not be revealed, and nothing hidden that will not be made known. Nta cagizwe ibanga kitazomenyekana, kandi nta canyegejwe kitazoshirwa ahabona.
3 So whatever you said in darkness will be heard in the light, and what you whispered in private rooms will be announced from the rooftops. Ivyo mwavugiye ahatabona bizokwumvikanira ahabona, kandi ivyo mwongoreraniye mu vyumba abantu bazobivugira hejuru ku mazu basemerera.
4 "I tell you, my friends: don't fear those who kill the body, then can do nothing more. Bagenzi banje, umve ndababwire: ntimugatinye abica umubiri ariko inyuma y’ivyo ata kindi bashobora kubagira.
5 I'll show you whom to fear: fear the one who, after killing, has authority to throw you into hell. Yes, I tell you, fear him. Ariko ngira ndababwire uwo mukwiye gutinya: mutinye Imana yo ishobora kwica umubiri, ikagira n’ububasha bwo kuwuta mu muriro wa Gehinomu. Ndababwiye ukuri, abe ari yo mutinya.
6 Aren't five sparrows sold for two small coins? Yet not one is forgotten before our Father. Mbega utunyoni dutanu ntitugurwa ubusa bw’amahera? Ariko Imana ntiyibagira na kamwe muri two.
7 But even the hairs of your head are all counted. Don't be afraid—you're worth more than many sparrows. Mbere n’imishatsi yo ku mitwe yanyu yaraharuwe yose. Nuko rero ntimutinye, kuko musumvya agaciro utunyoni twinshi.
8 "And I tell you, whoever acknowledges me before others, the Son of Man will also acknowledge before our Father's angels. Ndababwire ukuri, umuntu wese azonyemanga imbere y’abantu, Umwana w’Umuntu na we azomwemanga imbere y’abamarayika b’Imana.
9 But whoever denies me before others will be denied before our Father's angels. Ariko uwuzonyihakana imbere y’abantu, nanje nzomwihakana imbere y’abamarayika b’Imana.
10 Anyone who speaks a word against the Son of Man will be forgiven, but whoever blasphemes against the Holy Spirit will not be forgiven. Kandi umuntu wese atuka Umwana w’Umuntu azobiharirwa, ariko uwutuka Mpwemu Yera ntazobiharirwa.
11 When they bring you before synagogues, rulers, and authorities, don't worry how to defend yourselves or what to say, Nibabashengeza mu masinagogi, imbere y’abatware n’abategetsi, ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzokwireguza canke muzovuga.
12 for the Holy Spirit will teach you in that very hour what you must say." Mpwemu Yera azobigisha ivyo mukwiye kuvuga ako kanya nyene.”
13 Someone in the crowd said to him, "Teacher, tell my brother to divide the inheritance with me." Umwe mu bari ngaho abwira Yesu ati: “Mwigisha, mbwirira uwo tuvukana yemere tugabure ivyo twarazwe.”
14 But Jesus said to him, "Man, who appointed me a judge or arbitrator over you?" Yesu aramwishura ati: “Ni nde yangize umucamanza wanyu n’umuhagarikizi wo kubagaburira ivyanyu?”
15 He said to them, "Watch out! Guard against every kind of greed, because life isn't made up of possessions, however many." Aca ababwira ati: “Mube maso, mwirinde guhahamira ivy’isi, kuko ubuzima bw’umuntu ntibuhagaze kw’itunga ryinshi afise.”
16 And he told them a parable: "The land of a certain rich man produced a good harvest. Aca abacira umugani ati: “Habaye umugabo w’umutunzi yarimye itongo ryiwe aronka umwimbu mwinshi cane.
17 He thought to himself, 'What should I do? I have no place to store my crops.' Aribwira ati: ‘Mbega nkore iki ko mbuze aho nkwiza umwimbu wanje?’
18 So he said, 'Here's what I'll do: tear down my barns, build bigger ones, and store all my grain and my goods there.' Aca yigira inama ati: ‘Reka ndabigenze gutya: nsambure ibigega vyanje hanyuma nubake ibibiruta. Gutyo nzoronka aho mbika ingano zanje n’ubundi butunzi.
19 And I will say to my soul, "Soul, you have plenty stored up for many years—rest, eat, drink, enjoy life." Hanyuma mpeze mbwire umutima wanje nti: “Mutima wanje, icara uruhuke, urye, unywe, unezerererwe ubuzima, kuko ufise ibizogutunga imyaka myinshi.” ’
20 But our Father said to him, 'Fool! Tonight your soul is demanded back from you. Then what you've prepared, whose will it be?' Ariko Imana iramubarira iti: ‘Wa gipfu we, iri joro nyene ubuzima bwawe urabwakwa. None ivyo waruhiye bizoba ivya nde?’
21 That's what happens to anyone who piles up treasure for himself but isn't rich toward our Father." Uko ni ko bizogenda kuri abo bose biyegeraniriza ubutunzi bwabo ariko badatunze mu buryo bw’Imana.”
22 Then Jesus told his disciples, "So I tell you: don't worry about your life—what you'll eat—or about your body—what you'll wear. Yesu aca abwira abigishwa biwe ati: “Ni co gituma ndababwira nti: ntimukiganyire kubera ivyo mukeneye kugira ngo mubeho, vyaba ivyokurya canke ivyo kwambara.
23 For life is more than food, and the body more than clothing. Ubuzima buraruta cane ivyokurya, kandi umubiri uraruta cane ivyambarwa.
24 Look at the ravens: they don't sow or reap, have no storeroom or barn, yet our Father feeds them. How much more valuable you are than birds! Nimwitegereze ibikona: ntibibiba kandi ntivyimbura, ntibigira n’ububiko canke ibigega, ariko Imana irabigaburira. None mwebwe ntimuruta inyoni kure n’iyo?
25 Which of you by worrying can add a single hour to his life? Ni nde muri mwebwe yoshobora kwiyongera akanya na gatoya ko kubaho kubera kwiganyira?
26 Since you cannot do such a small thing, why do you worry about the rest? Nimba mutishoboza ikintu gito nk’ico, ni kuki mwiganyira ku bindi?
27 Notice how the lilies grow: no toil, no spinning. Yet I tell you, not even Solomon in all his splendor was dressed like one of these. Nimwitegereze ingene amashurwe yo ku misozi akura. Ntakora kandi ntajisha impuzu. Ariko ndababwira ko na Salomo ubwiwe mu cubahiro ciwe cose atigeze ashaza nka rimwe muri yo.
28 If this is how our Father clothes the grass of the field—here today, thrown into the oven tomorrow—how much more will he clothe you, you of little faith? Nimba Imana yambika gutyo ivyatsi vyo ku misozi, biriho uno musi ariko ejo bikazotererwa mu ziko, mbega ntizorushirizaho kubambika, yemwe ab’ukwizera guke?
29 Do not seek what you will eat or drink, and do not be anxious. Kandi ntimugashire umutima ku vyo muzorya canke muzonywa; ntimukiganyire kuri ivyo.
30 For all the nations of the world seek these things; your Father knows you need them. Kuko n’abantu bo mu mahanga yose yo kw’isi na bo ivyo ni vyo birukira ubudasiba, ariko mweho So wo mw’ijuru arazi ko ivyo vyose mubikeneye.
31 Instead, seek our Father's kingdom, and these things will be given to you as well. Ahubwo nimubanze mwitwararike Ubwami bw’Imana, ivyo na vyo izobibaha nk’inyongera.
32 "Do not be afraid, little flock, for your Father has been pleased to give you the kingdom. Yewe busho buto, ntutinye kuko So wo mw’ijuru bimuhimbara kuguha Ubwami.
33 Sell your possessions and give to the poor. Make yourselves purses that don't wear out—an unfailing treasure in the heavens, where no thief comes near and no moth destroys. Nimugurishe ivyo mutunze, mubihe aboro. Mwironderere imifuko ibika amahera itazoshira, n’ubutunzi budahera bwo mw’ijuru, aho abasuma badashika, n’imiswa itazobwonona.
34 For where your treasure is, there your heart will be also. Kuko aho ubutunzi bwanyu buri ari ho imitima yanyu izoba.
35 "Be dressed and ready for service, and keep your lamps burning, Mwame mukenyeye kandi amatara yanyu yame yaka,
36 like servants waiting for their master's return from the wedding feast, so when he comes and knocks, they open the door at once. mumere nk’abanyarugo barindiriye ko shebuja ava mu bukwe kugira ngo bace bamwugururira niyashika akadodora.
37 Blessed are the servants the master finds alert when he comes. Truly I tell you, he will dress himself for service, have them recline at the table, and come serve them. Hahiriwe abo bakozi shebuja azosanga bagiteramye bamurindiriye. Ndababwije ukuri ko na we azokenyera akabicarika, hanyuma akabagaburira.
38 Whether he comes at midnight or just before dawn, blessed are those servants if he finds them ready. Hahiriwe abo bakozi shebuja azosanga bagiteramye bamurindiriye, naho yoza mu gicugu canke bugiye guca.
39 Know this: if the homeowner knew what hour the thief was coming, he would not have let his house be broken into. Mutahure ibi: iyaba nyene inzu yomenye isaha igisuma kizirako, ntiyokwemera ko kimena inzu yiwe.
40 You too must be ready—the Son of Man comes at an hour you don't expect." Namwe mukwiye kwama mugavye, kuko Umwana w’Umuntu azoza mu gihe mutamwiteze.”
41 Peter said, "Lord, are you telling this parable for us, or for everyone?" Petero aramubaza ati: “Mwami, uwu mugani uwuciriye twebwe gusa, canke uwuciriye bose?”
42 The Lord replied, "Who is the faithful, wise manager the master puts in charge of his household servants, to give them their ration at the right time? Umwami Yesu aramwishura ati: “Mbega umunyabigega w’umwizigirwa kandi w’umunyabwenge ni nde? Ni uwo shebuja ashobora guha ubukuru bwo kuganza abandi bakozi no kubagaburira mu gihe gikwiye.
43 Blessed is that servant whom the master finds doing so when he returns. Azoba ahiriwe uwo mukozi shebuja azosanga akora gutyo niyagaruka.
44 Truly I tell you, he will put him in charge of all his possessions. Ndababwire ukuri, azoshika amuzeza ivyo atunze vyose.
45 But if that servant tells himself, 'My master delays his coming,' and starts beating the servants, men and women, and eats, drinks, and gets drunk. Ariko vyogenda gute hamwe uwo mukozi yokwibwira mu mutima ati: ‘Databuja yatevye kugaruka,’ hanyuma agatangura gukubita abandi bakozi, akirira, akinywera, akiborererwa?
46 That servant's master will come on a day he doesn't expect, at an hour he doesn't know, cut him in two, and give him a place among the unfaithful. Shebuja azoshika umusi uwo mukozi atari yiteze ko ashikirako, no kw’isaha atazi. Azomuhimbagura hanyuma amusangize ikibanza n’abatizera.
47 The servant who knew his master's will but didn't prepare or act on it will get many blows. Uwo mukozi yari asanzwe azi ivyo shebuja agomba hanyuma ntavyitegurire ngo abikore, azohanwa bikomeye.
48 But the one who didn't know, yet did what deserved punishment, will get few blows. Everyone given much will be asked for much; the one entrusted with much will be asked for even more. Ariko uwutazi ivyo shebuja agomba, hanyuma agakora ibitari vyo, azohanwa buhoro. Uwahawe vyinshi azosabwa vyinshi, kandi uwajwe vyinshi azobazwa vyinshi.
49 "I came to throw fire on the earth—how I wish it were already lit! Naje kwatsa umuriro kw’isi; ese iyo uba umaze kwaka!
50 But I have a baptism to undergo, and how distressed I am until it is accomplished! Hariho umubatizo w’imibabaro ntegerezwa kubatizwa, kandi urandemereye mu mutima kugeza ndawubatijwe.
51 Do you think I came to bring peace on the earth? No, I tell you, but division. Mbega mwiyumvira ko naje ngo nzane amahoro kw’isi? Haba na mba! Ahubwo naje gutuma abantu bacanamwo.
52 From now on there will be five in one household divided—three against two and two against three. Uhereye ubu, mu muryango w’abantu batanu bazocanamwo, batatu bagwanye babiri, babiri bagwanye batatu.
53 They'll split—father against son and son against father, mother against daughter and daughter against mother, mother-in-law against her daughter-in-law and daughter-in-law against mother-in-law." Umugabo azogwanya umuhungu wiwe, umuhungu na we agwanye se; umugore azogwanya umukobwa wiwe, umukobwa na we agwanye nyina; umugore azogwanya umukazana wiwe, umukazana na we agwanye inabukwe.”
54 He also told the crowds, "When you see a cloud rising in the west, you immediately say, 'Rain is coming,' and so it does. Yongera abwira isinzi ry’abantu bari aho ati: “Iyo mubonye igicu kivuye mu burengero, muca muvuga muti: ‘Imvura igira igwe,’ kandi biba uko nyene.
55 And when the south wind blows, you say, 'It will be hot,' and it is. Mubonye umuyaga uhuhuse uva mu bumanuko, mukavuga muti: ‘Hagira haze ubushuhe,’ kandi bica biba uko nyene.
56 Hypocrites! You know how to read the face of earth and sky. Why don't you know how to read this present time? Mwa ndyarya mwe, ko mushobora gutahura ibimenyetso vy’ibihe murabiye ku biba kw’isi no kw’ijuru, ni igiki kibabuza gutahura ivy’iki gihe?
57 "And why don't you judge for yourselves what is right? Ni kuki mudashobora guca urubanza, mugahitamwo ikibereye?
58 While going with your accuser to the magistrate, work to settle with him on the way, or he may drag you to the judge, and the judge hand you to the officer, and the officer throw you in prison. Nihagira umuntu aja kukwitwarira ku mucamanza, wihutire kwiyuzuza na we mutarashikayo. Ahandi ho, azogushikana imbere y’umucamanza, hanyuma na we agutange ku mukuru w’ibohero, maze na we agute mw’ibohero.
59 I tell you, you will not get out until you have paid the very last penny." Ndakubwire ukuri, ntuzovayo utarishe n’igiceri ca nyuma umuheraniye.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]