Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Luke 19 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Jesus entered Jericho and was passing through. Nuko Yesu yinjira mu gisagara ca Yeriko, ahaca arengana.
2 And there was a man named Zacchaeus; he was a chief tax collector, and he was rich. Muri ico gisagara hari umuntu yitwa Zakayo, yari umutozakori mukuru, kandi yari atunze cane.
3 He wanted to see who Jesus was, but couldn't for the crowd—he was short. Yashaka kubona Yesu, ariko ntivyakunda kuko hari isinzi ry’abantu, na we akaba ari mugufi.
4 He ran ahead and climbed a sycamore tree to see him, since Jesus was about to pass that way. Nuko ariruka yurira igiti c’umusukomora cari i ruhande y’inzira, kuko ari ho Yesu yagira ace.
5 When Jesus reached the spot, looked up, and said to him, "Zacchaeus, hurry down, for I must stay at your house today." Yesu ahashitse, ararangamiza, amubwira ati: “Zakayo, ururuka ningoga, kuko uwu musi nyene nkwiye kurara iwawe.”
6 So he hurried down and welcomed him joyfully. Nuko aca arururuka ningoga, amwakira iwe yuzuye umunezero.
7 Seeing this, everyone grumbled, "He's gone to stay with a sinful man." Ababibonye bose batangura kwidodomba bati: “Agiye kurara mu nzu y’umunyavyaha!”
8 Zacchaeus stood and said to the Lord, "Look, Lord, I give half my possessions to the poor, and if I've cheated anyone, I'll repay four times as much." Ariko Zakayo arahaguruka, abarira Umwami Yesu ati: “Mwami, ngira mfate ica kabiri c’ivyo ntunze ndakigaburire aboro, kandi nimba hari uwo nivye, ndabimuriha incuro zine.”
9 Jesus told him, "Today salvation has come to this house, since he too is a son of Abraham. Yesu aca avuga ati: “Uwu musi agakiza kinjiye muri iyi nzu, kuko uwu na we ni umwana wa Aburahamu.
10 For the Son of Man came to seek and to save the lost." Umwana w’Umuntu yazanywe no kurondera hamwe no gukiza abazimiye.”
11 While they listened, he added a parable, since he was near Jerusalem and they thought our Father's kingdom would appear immediately. Bakiriko baramwumviriza, Yesu arabandanya abacira umugani, kuko yari yegereje gushika i Yerusalemu, kandi ico gihe abantu bibaza ko Ubwami bw’Imana buca bushika ubwo nyene.
12 So he said, "A nobleman went to a distant land to receive a kingdom for himself and return. Ababwira ati: “Umuntu ava mu muryango wubashwe, yagiye mu gihugu ca kure kwimikwa, kugira ngo azogaruke yabaye umwami.
13 Calling ten of his servants, he gave each about three months' wages, saying, "Trade with this until I return." Imbere yo kugenda akoranya icumi bo mu bakozi biwe, abaha mina cumi, ababwira ati: ‘Nimwakire aya mahera, mugende muyadandarishe gushika aho nzogarukira.’
14 His citizens hated him and sent envoys after him, saying, "We don't want this man ruling over us." Ariko abantu bo mu gihugu ciwe baramwanka, bituma barungika intumwa inyuma yiwe zija kuvuga ziti: ‘Uwo muntu ntidushaka ko aba umwami wacu.’
15 "Returning after receiving the kingdom, he called the servants he had given money to, to learn what they had earned. Amaze kwimikwa akaba umwami aragaruka. Aca atumako ba bakozi yaha amahera, kugira ngo arabe inyungu bungutse.
16 The first came, saying, 'Lord, your money has earned ten times as much.'" Uwa mbere araza, avuga ati: ‘Databuja, mina yawe yungutse izindi cumi.’
17 "He replied, 'Well done, good servant! Since you were faithful in a small matter, take charge of ten cities.'" Aca amubwira ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza. Ko wabaye umwizigirwa muri bike, ndaguhaye kuganza ibisagara cumi.’
18 "And the second came, saying, 'Lord, the money you gave me has earned five times as much.'" Uwa kabiri araza avuga ati: ‘Databuja, mina yawe yungutse izindi zitanu.’
19 "And he said to him, 'And you will be in charge of five cities.'" Shebuja aramwishura ati: ‘Ndaguhaye kuganza ibisagara bitanu.’
20 "Then another came, saying, 'Lord, here is your money back, which I kept wrapped in a cloth;' Ariko uwundi mukozi araza abwira shebuja ati: ‘Databuja, akira mina yawe; nayibitse mu gitambara ndayinyegeza kure.
21 for I was afraid of you, because you're a harsh man: you take what you didn't deposit and reap what you didn't sow." Naratinye kuko nzi ko uri umuntu agoye; wanura ivyo utanikiye, ukimbura ivyo utarimye.’
22 He answered, "By your own mouth I judge you, wicked servant! You knew I'm a harsh man, taking what I didn't deposit and reaping what I didn't sow? Shebuja aramwishura ati: ‘Ngira ndagucire urubanza mfatiye ku vyo wivugiye wewe nyene, wa mukozi mubi we! Nimba wari uzi ko ndi umuntu agoye, nanura ivyo ntanikiye, nkimbura ivyo ntarimye,
23 Why then didn't you put my money in the bank? I'd have collected it with interest when I returned. ni kuki utajanye amahera yanje ku bayadandarisha kugira ngo ngarutse ndonke umutahe wanje n’inyugu yawo?’
24 He said to those standing by, 'Take the money from him and give it to the one with ten times as much.'" Nuko abwira abari bahagaze aho ati: ‘Nimumwake mina yiwe muyihe uwufise icumi.’
25 "And they said to him, 'Lord, he has ten times as much! Baca bavuga bati ‘Databuja, erega asanzwe afise cumi!’
26 I tell you: everyone who has will be given more; but from the one who has none, even what he has will be taken. Na we arabishura ati: ‘Ndababwire ukuri, uwufise azokwongererezwa, uwudafise na we azokwakwa n’ivyo yari afise.
27 But bring here these enemies of mine who refused my rule, and slaughter them before me.'" Abo bansi banje na bo badashaka ko ndababera umwami, nimubazane hano mubicire imbere yanje.’ ”
28 And when he had said these things, he went on ahead, going up to Jerusalem. Yesu ahejeje kuvuga ivyo, aca arabandanya aduga i Yerusalemu.
29 Nearing Bethphage and Bethany, at the Mount of Olives, he sent two of the disciples, Yegereje i Betifage n’i Betaniya ku Musozi wa Elayono, atuma babiri mu bigishwa biwe, ababwira ati:
30 saying, "Go into the village ahead. As you enter, you will find a colt tied there, never sat on. Untie it and bring it here. “Nimugende muri iriya mihana iri imbere yanyu; nimwashikayo murahasanga inyana y’indogoba iziritse ata muntu n’umwe arayigenderako. Muce muyizitura, muyizane hano.
31 If anyone asks you, 'Why are you untying it?' say, 'The Lord needs it.'" Nihagira uwubabaza ati: ‘Ni kubera iki muyizituye?’ Mumwishure muti: ‘Umwami arayikeneye.’ ”
32 So those who were sent went away and found it just as he had told them. Nuko abatumwe baragenda, basanga ibintu bimeze nk’uko yari yabibabwiye.
33 As they were untying the colt, its owners said to them, "Why are you untying the colt?" Bakiriko barayizitura, nyeneyo arababaza ati: “Ni kuki muzitura iyo ndogoba?”
34 And they said, "The Lord needs it." Baramwishura bati: “Umwami arayikeneye.”
35 They brought it to Jesus, threw their cloaks on the colt, and set Jesus on it. Maze baca bayishira Yesu, bayisasako impuzu zabo, bayimwicarikako.
36 And as he rode along, they spread their cloaks on the road. Kandi aho yaca hose, abantu baca basasa impuzu zabo mu nzira.
37 As he neared the descent of the Mount of Olives, the whole crowd of disciples began rejoicing, praising our Father loudly for all the mighty works they had seen, Yegereye ahari inzira imanuka iva ku Musozi wa Elayono, isinzi ry’abigishwa biwe batangura guhimbaza Imana n’akanyamuneza kenshi n’amajwi arenga, kubera ibitangaza vyinshi bari bamaze kubona, bavuga bati:
38 saying, "Blessed is the King who comes in the name of our Father! Peace in heaven and glory in the highest!" “Hahezagirwe umwami aje mw’izina ry’Uhoraho!” “Amahoro abe mw’ijuru, n’icubahiro hejuru mw’ijuru!”
39 And some of the Pharisees in the crowd said to him, "Teacher, rebuke your disciples." Bamwe mu Bafarisayo bari muri iryo sinzi babwira Yesu bati: “Mwigisha, hoza abo bigishwa bawe!”
40 He answered, "I tell you, if these were silent, the very stones would cry out." Arabishura ati: “Ndababwire ukuri, naho bohora, amabuye yosemerera.”
41 And when he drew near and saw the city, he wept over it, Yegereye Yerusalemu, yitegereza igisagara, arakiririra,
42 saying, "If only you had known today what brings you peace! But now it is hidden from your eyes. avuga ati: “Ese icari kumpa, bicitwa uno musi ugashobora gutahuye, ivyerekeye amahoro yawe! Ariko noneho ivyo bihishijwe amaso yawe.
43 Days are coming when your enemies will build a barricade around you, surround you, and hem you in on every side, Kuko ntibigitevye ko abansi bawe baza bakakwubakira ibikwa vyo kwuririrako, maze bakagukikuza impande zose.
44 and they will level you and your children within your walls, leaving no stone on another, because you did not recognize the time of your visitation." Bazogusambura gushika ku mushinge, bagutikizanye n’abana bawe bari muri mu mpome zawe. Ntibazosigaza ibuye na rimwe rigeretse ku rindi, kuko utigeze umenya igihe Imana yaza kukugendera.”
45 And he entered the temple and began to drive out those who were selling, Yinjiye mu rusengero, aca atangura kwirukana abariko bararudandarizamwo.
46 he told them, "Scripture says, 'My house will be a house of prayer,' but you've made it a den of robbers." Ababwira ati: “Handitswe ngo: ‘Inzu yanje izoba iyo gusengeramwo,’ ariko mweho mwayihinduye ‘ubwihisho bw’ibisuma.’”
47 He taught daily in the temple, while the chief priests, scribes, and leaders of the people looked for a way to kill him, Imisi yose Yesu yama yigishiriza mu rusengero. Ariko abaherezi bakurubakuru, abigisha b’ivyagezwe n’abatware b’Abayuda bose baguma barondera ukuntu bomwica.
48 but they found nothing they could do, since all the people hung on his words. Ariko ntibaronka aho bamuca kuko abantu bose bakunda cane kwumviriza inyigisho ziwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]