Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Luke 20 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 One of those days, as Jesus taught the people in the temple and preached good news, the chief priests and scribes came up with the elders, Umusi umwe Yesu yariko arigisha abantu mu rusengero, ababwira Ubutumwa Bwiza. Maze abaherezi bakurubakuru, abigisha b’ivyagezwe n’abakuru b’Abayuda baza aho ari.
2 and asked him, "Tell us by what authority you do these things, or who gave you this authority." Baramubaza bati: “Ni ubuhe bubasha butuma ukora ivyo? Ni nde yabuguhaye?”
3 He answered them, "I also will ask you a question. Tell me: Arabishura ati: “Reka nanje mbanze ndababaze. Nimunyishure:
4 Was the baptism of John from heaven, or from man?" Mbega umubatizo wa Yohana wavuye mw’ijuru ku Mana canke ku bantu?”
5 They discussed among themselves: "If we say, 'From heaven,' he'll say, 'Why didn't you believe him?' Baravugana hagati yabo bati: “Nitwavuga tuti: ‘Wavuye mw’ijuru,’ aca atubaza ati: ‘None ni kuki mutizeye ivyo Yohana yavuze?’
6 But if we say 'From man,' all the people will stone us, for they're convinced John was a prophet." Nitwavuga tuti: ‘Ni ku bantu,’ abantu bose baradutera amabuye kuko bemera ata gukekeranya ko Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.”
7 So they answered that they did not know where it came from. Nuko baramwishura bati: “Ntituzi aho wavuye.”
8 And Jesus said to them, "Neither will I tell you by what authority I do these things." Yesu na we aca ababwira ati: “Nanje rero, sindababwira ububasha butuma nkora ibi aho buva.”
9 He began telling the people this parable: A man planted a vineyard, leased it to tenants, then went abroad for a long time. Hanyuma Yesu acira umugani abari ngaho, avuga ati: “Habaye umuntu yarimye uruzabibu, hanyuma aruzeza abarimyi, afata urugendo rwa kure, amarayo igihe kinini.
10 "At harvest he sent a servant to the tenant farmers for his share of the vineyard's fruit, but they beat him and sent him away empty-handed. Iyimbura rigeze, atuma umukozi wiwe kuri ba barimyi kugira ngo bamuhe igice c’umwimbu w’inzabibu kimwegukira. Ariko ba barimyi bafata uwo mukozi baramukubita, bamurungika iminwe misa.
11 He sent another servant; they beat him too, humiliated him, and sent him away empty-handed. Hanyuma arungika uwundi mukozi, na we nyene baramutuka, baramukubita, bamurungika iminwe misa.
12 And he sent yet a third, but they wounded this one too and threw him out. Arungika n’uwa gatatu; we baramukomeretsa, bamuterera inyuma y’uruzabibu.
13 The vineyard owner said, 'What should I do? I will send my beloved son; perhaps they will respect him.' Nyene uruzabibu aribaza ati: ‘Mbega yemwe ngire gute? Reka ndungike umuhungu wanje nkunda cane, kumbure wewe bazomusonera.’
14 But seeing him, the tenants reasoned among themselves: 'This is the heir. Let's kill him, so the inheritance becomes ours.' Ariko ba barimyi bakimubona baca batangura kuvugana bati: ‘Uwu ni we azoba samuragwa. Reka tumwice kugira ngo twegukire ivyo yorazwe.’
15 They threw him out of the vineyard and killed him. What then will the vineyard owner do to them? Nuko bamukwegera inyuma y’umurima w’uruzabibu bamwicirayo. None mwibaza ko nyene uruzabibu niyaza azobagira gute?
16 "He will come, destroy those tenants, and give the vineyard to others." Hearing this, they said, "Impossible!" Azoza yice abo barimyi, maze urwo ruzabibu aruzeze abandi.” Abantu bavyumvise, baca bavuga bati: “Ikintu kibi nk’ico ntikikabe!”
17 He looked straight at them and asked, "Then what is this that's written: 'The stone the builders rejected became the cornerstone'? Yesu arabitegereza, arababaza ati: “None aya majambo yo mu Vyanditswe avuga ngo: ‘Ibuye abubatsi bagaye ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka’ asobanura iki?
18 Everyone who falls on that stone will be broken to pieces, and when it falls on anyone, it will crush him." Umuntu wese azogwa kuri iryo buye azovunagurika, kandi uwo rizogwako rizomusya.”
19 The scribes and chief priests wanted to arrest him then and there, knowing he'd told this parable against them—but they feared the people. Abigisha b’ivyagezwe n’abaherezi bakurubakuru barondera ingene bomufata ubwo nyene, kuko bari batahuye ko ari bo ariko aravuga muri uwo mugani, ariko batinya abantu.
20 Watching closely, they sent spies pretending to be honest, to catch him in his words, so as to hand him over to the governor's rule and authority. Nuko batangura kumugenza, bahera abantu bigize abubaha Imana ngo bamutegere mu majambo avuga, kugira ngo baronke ivyo bamurega ku bategetsi b’Abaroma.
21 They asked him, "Teacher, we know you speak and teach rightly, favor no one, but truly teach God's way. Ba bantu babaza Yesu bati: “Mwigisha, turazi ko uvuga kandi wigisha ivy’ukuri. Nta ho uhengamira, kandi wigisha inzira y’Imana mu kuri kwose.
22 Is it lawful for us to pay taxes to Caesar, or not?" None rero tubwire: mbega biremewe gutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemewe?”
23 But he saw through their cunning and said, Yesu abonye ubugunge buri muri bo, aca ababwira ati:
24 "Show me a coin worth a day's wages. Whose image and inscription is on it?" They said, "Caesar's." “Nimunyereke igiceri c’idenariyo. Iyi shusho n’ibi vyandiko biriko ni ivya nde?” Baramwishura bati: “Ni ivya Kayisari.”
25 He said to them, "Then give Caesar what's Caesar's, and our Father what's our Father's." Aca ababwira ati: “Nuko rero, ivya Kayisari nimubihe Kayisari, ivy’Imana na vyo mubihe Imana.”
26 They could not trap him in his words before the people, and amazed at his answer, they fell silent. Ntibabaye bakironka ingene bomufatira ku vyo avuga ku mugaragaro, ahubwo batangajwe n’inyishu yiwe, baca barahora.
27 Some Sadducees, who deny there is a resurrection, came and asked him, Maze bamwe mu Basadukayo, ari bo batemera ivy’izuka ry’abapfuye, baza aho Yesu ari baramubaza bati:
28 "Teacher, Moses wrote for us: if a man dies leaving a wife but no children, his brother must marry the widow and raise offspring for him. “Mwigisha, Mose yanditse avuga ko iyo umuntu apfuye agasiga umugore atagira abana, uwo bavukana ategerezwa kurongora uwo mupfakazi kugira ngo aronkere uruvyaro uwo muhisi.
29 Now there were seven brothers. The first took a wife and died childless. Rero, harigeze kuba abavukana indwi. Mukuru muri bo ararongora, ariko apfa atavyaye.
30 And the second, Uwa kabiri aca arongora uwo mupfakazi,
31 and the third took her, and likewise all seven left no children and died. n’uwa gatatu bigenda uko, gushika no ku w’indwi bose biba nk’uko, bapfa ata wusize umwana.
32 Finally the woman also died. Maze haheze igihe n’uwo mugore arapfa.
33 At the resurrection, then, whose wife will she be? For all seven had married her." None ku musi w’izuka ry’abapfuye uwo mugore azoba uwa nde, ko yabaye umugore w’abo bahungu bose uko ari indwi?”
34 And Jesus said to them, "The people of this age marry and are given in marriage, Yesu arabishura ati: “Abantu bo muri kino gihe bararongora kandi bararongorwa.
35 "But those considered worthy to reach that age and the resurrection from the dead neither marry nor are given in marriage. Ariko abazoba babereye kuzuka mu bapfuye no kuba mw’isi nshasha ntibazorongora canke ngo barongorwe.
36 For they can no longer die, because they are like angels and children of our Father, children of the resurrection. Vyongeye ntibazoba bagipfa, kuko bazoba bameze nk’abamarayika. Bazoba ari abana b’Imana, kuko bazoba bazutse.
37 But even Moses showed the dead are raised, at the bush passage, calling our Father the God of Abraham and of Isaac and of Jacob. Ku vyerekeye izuka ry’abapfuye, na Mose ubwiwe yaravyerekanye, igihe yavuga ivy’igisaka caka kidatemuka, akavuga ko Uhoraho ari Imana ya Aburahamu, ya Isaka na Yakobo.
38 He isn't God of the dead but of the living, for all are alive to him." Si Imana y’abapfuye, ni Imana y’abazima, kuko kuri yo bose bariho.”
39 Then some of the scribes answered, "Teacher, you have spoken well." Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe barishura bati: “Uvuze neza, Mwigisha.”
40 For they no longer dared to ask him anything. Ntibabaye bacubahuka kumubaza ikibazo na kimwe.
41 But he said to them, "How can they say that the Christ is the son of David? Yesu aca ababwira ati: “Ni kubera iki muvuga ngo Kristo ni mwene Dawidi?
42 For David himself says in the Psalms, 'Our Father said to my Lord, "Sit at my right hand, Dawidi ubwiwe ni we yivugiye mu gitabu ca Zaburi ati: ‘Uhoraho yabariye Umwami wanje ati: “Icara i buryo bwanje
43 until I make your enemies a footstool for your feet."' kugeza abansi bawe bose ndabashize musi y’ibirenge vyawe.” ’
44 David then calls him Lord—how is he his son?" None nimba Dawidi amwita Umwami, yoba umwana wiwe gute?”
45 While all the people were listening, he said to his disciples, Yesu abwira abigishwa biwe, abari aho bose bumva, ati:
46 "Watch out for the scribes, who want to walk in long robes, and love greetings in the marketplaces, the best seats in synagogues, and places of honor at feasts, “Mwirinde abigisha b’ivyagezwe. Bakunda kugendagenda bambaye amakanzu maremare y’icubahiro, no kuramutswa mu cubahiro mu makoraniro y’abantu. Bakunda kandi guhabwa ivyicaro vy’icubahiro mu masinagogi no mu misi mikuru y’amazimano.
47 who devour widows' houses and pray long prayers for show. They will receive greater condemnation." Barya amazu y’abapfakazi bakabatwara ivyabo, kandi bakabandanya biyerekana nk’abantu beza mu gusenga amasengesho maremare. Ni co gituma bazohanwa kurusha abandi.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]