Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Luke 21 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Looking up, Jesus saw the rich putting their gifts into the temple treasury. Yesu akiri mu rusengero, yunamura amaso abona abatunzi bashize amashikanwa yabo mu co bayatorezamwo.
2 He also saw a poor widow putting in two small copper coins. Yongera abona n’umupfakazi na we ashizemwo ibiceri bibiri.
3 "Truly I tell you," he said, "this poor widow has put in more than all the others. Aca avuga ati: “Ndababwire ukuri, uwu mupfakazi w’umukene atanze vyinshi kurusha abandi bose.
4 For all these gave gifts from their surplus, but she gave from her poverty all she had to live on." Abandi bose batanze amashikanwa ku musesekara w’ubutunzi bwabo, ariko we, mu bukene bwiwe, atanze ivyomubeshejeho vyose.”
5 As some were speaking of the temple, decorated with fine stones and gifts dedicated to our Father, he said: Bamwe mu bigishwa batangura gushima ingene urusengero rwari rusharijwe n’amabuye meza cane hamwe n’ibindi vyashikaniwe Imana vyo kurushariza. Maze Yesu arababwira ati:
6 "As for what you're looking at, days are coming when not one stone will be left on another—every one will be thrown down." “Ivyo vyose muriko murabona, igihe kizoza aho ata buye na rimwe rizosigara rigeretse ku rindi; yose azosamburirwa hasi.”
7 "Teacher," they asked, "when will these things happen, and what sign will show these things are about to happen?" Baca baramubaza bati: “Mwigisha, ivyo bizoshika ryari? Ni ikihe kimenyetso kizokwerekana ko bigiye gushika?”
8 "Watch out, don't be deceived," he said. "Many will come in my name, saying, 'I am he,' and, 'The time is near.' Don't follow them. Na we arabishura ati: “Mwiyubare ntihagire umuntu n’umwe abazimiza. Kuko benshi bazoza biyita izina ryanje, bavuga ngo: ‘Ni jewe Kristo,’ kandi ngo: ‘Igihe kirashitse.’ Ntimuze mubakurikire.
9 When you hear of wars and revolts, don't panic. These must come first, but the end won't follow at once." Nimwumva intambara n’imigumuko, ntimuze muhagarike imitima yanyu. Ivyo bitegerezwa kubanza gushika, ariko iherezo rya vyose ntirizoba rirashika.”
10 Then he said to them, "Nation will rise against nation, and kingdom against kingdom. Yongera ababwira ati: “Ihanga rizotera irindi hanga, ubwami butere ubundi bwami.
11 Great earthquakes will strike, with famines and plagues in various places, and terrors and great signs from heaven. Hazoba ukunyiganyiga kw’isi gukomeye kandi guteye ubwoba; hazotera amapfa n’ingwara z’ivyaduka mu bice vy’isi bitandukanye. Hazoba ibiteye ubwoba n’ibimenyetso bihambaye biva mw’ijuru.
12 But before all this, they'll grab you and persecute you, handing you over to synagogues and prisons, hauling you before kings and governors because of my name. Ariko ivyo bitarashika, bazobahama, babafate, babatware mu masinagogi no mu mabohero, babarengutse imbere y’abami n’abatware babahora izina ryanje.
13 This will be your opportunity to bear witness. Ako kazoba ari akaryo ko kunshingira intahe.
14 So settle in your hearts not to prepare your defense beforehand, Ariko ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzokwireguza,
15 for I will give you words and wisdom no opponent can resist or refute. kuko nzobaha amajambo n’ubwenge bizotuma abababuranya badashobora kubahaririza canke ngo babahinyuze.
16 You will be betrayed even by parents and brothers and relatives and friends, and they will kill some of you. Mbere n’abavyeyi banyu, abo muvukana, incuti n’abagenzi bazobahemukira, kandi bazokwica bamwe muri mwebwe.
17 You will be hated by everyone for my name's sake. Abantu bose bazobanka babahora izina ryanje.
18 But not a hair of your head will perish. Ariko nta n’agashatsi ko ku mitwe yanyu kazotakara.
19 By your endurance you will gain your lives." Nimwihangana, muzorokora ubugingo bwanyu.
20 "When you see Jerusalem surrounded by armies, then know that its desolation has drawn near. Nimwabona i Yerusalemu hakikujwe n’ingabo, muzoce mumenya ko isenyurwa ryaho ryegereje.
21 Then let those in Judea flee to the mountains, let those in the city leave, and let those in the countryside not enter it, Nuko abazoba bari i Yudaya baze bahungire ku misozi, abari mu gisagara bakivemwo, kandi abazoba bagiye mu misozi, ntibaze bagaruke mu gisagara.
22 for these are days of judgment, when all that is written will be fulfilled. Kuko iyo misi izoba ari iy’ukwihora kw’Imana, kugira ngo Ivyanditswe bishike.
23 How terrible it will be for pregnant women and nursing mothers in those days! For great distress will fall on the land, and wrath against this people. Ese ukuntu iyo misi izoba ari iy’umubabaro utagira uko ungana ku bagore bibungenze n’abazoba bonsa! Kizoba ari igihe c’umubabaro mwinshi mu gihugu, n’uburake bw’Imana kuri ubu bwoko.
24 They will fall by the edge of the sword and be led captive into all nations. Jerusalem will be trampled by the nations until the times of the nations are fulfilled." Benshi muri bo bazokwicishwa inkota, canke batwarwe nk’inyagano mu mahanga yose yo kw’isi. Igisagara ca Yerusalemu kizohonyangwa n’abanyamahanga kugeza igihe abanyamahanga bagenewe kirangiye.
25 "There will be signs in sun, moon, and stars, and on earth, nations in distress, confused by the sea's roar and surge. Hazoba ibimenyetso ku zuba, ku kwezi no ku nyenyeri. Kw’isi na ho, amahanga azogira ubwoba abure uko agira, kubera ukubomborana kw’amazi yo mu biyaga hamwe n’imipfunda.
26 People fainting from fear, dreading what's coming on the world, for the powers of the heavens will be shaken. Imitima y’abantu izohagarara bishwe n’ubwoba, babonye ibigira bishike kw’isi, kuko ivy’inkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa.
27 Then they will see the Son of Man coming in a cloud with power and great glory. Inyuma y’ivyo, umuntu wese azobona Umwana w’Umuntu azananye n’ibicu, afise ububasha n’ubwiza bwinshi.
28 When these things start, straighten up and lift your heads, for your redemption is near." Nimwabona ivyo bibaye, muze muhaguruke, murangamize kuko ugucungurwa kwanyu kuzoba kwegereje.”
29 Then he told them a parable: "Look at the fig tree and all the trees. Nuko Yesu abacira umugani ati: “Nimurabire ku giti c’umusukoni canke ku kindi giti ico ari co cose.
30 When they sprout leaves, you see for yourselves and know summer is already near. Iyo bizanye amababi, muca mumenya ko agatasi kari hafi.
31 Likewise, when you see these things happen, know the kingdom of our Father is near. None rero nimwabona ivyo vyose, muzoce mumenya neza ko Ubwami bw’Imana buri hafi.
32 Truly I tell you, this generation will not pass away until all these things have taken place. Ndababwire ukuri, abo muri runo runganwe ntibazopfa bose ivyo vyose bitarashika.
33 Heaven and earth will pass away, but my words will never pass away." Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazovaho.
34 "Watch yourselves, or your hearts will be weighed down by wild living, drunkenness, and life's worries, and that day will spring on you suddenly, like a trap. Mwiyubare, imitima yanyu ntiremerwe n’akaborerwe hamwe n’ibihimbaro bijanye na ko, canke imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, kugira ngo uwo musi ntuze ubashikeko giturumbuka,
35 For it will come upon everyone living on the face of the whole earth. kuko uko ari ko uzoshika ku bari kw’isi bose.
36 Keep watch at all times, praying for strength to escape everything about to happen, and to stand before the Son of Man." Nuko rero mwame maso, musenge kugira ngo muze muronke inkomezi zibashoboza kurengana ivyo vyose, no kugira ngo muze mushobore guhagarara imbere y’Umwana w’Umuntu.”
37 By day he taught in the temple; at night he went out and stayed on the Mount of Olives. Imisi yose Yesu yama yigishiriza mu rusengero, ku mugoroba akava mu gisagara akaja kurara ku Musozi wa Elayono,
38 All the people would come to him at dawn in the temple to hear him. kandi abantu benshi bama baza mu gatondo mu rusengero kumwumviriza.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]