Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Luke 22 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Now the Feast of Bread Without Yeast, called Passover, was approaching. Umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro, ari wo musi wa Pasika wegereje,
2 The chief priests and the scribes were looking for a way to kill him, because they feared the people. abaherezi bakurubakuru n’abigisha b’ivyagezwe bariko barondera akaryo ko kwica Yesu, ariko bagatinya abantu.
3 Then Satan entered into Judas, the one called Iscariot, who was one of the twelve. Nuko Satani yinjira muri Yuda Isikariyote, umwe muri bamwe cumi na babiri,
4 He went and conferred with the chief priests and temple officers how he might betray him to them. na we aca aja ku baherezi bakurubakuru hamwe n’abakuru b’abarinzi b’urusengero ngo bavugane ingene yobashikiriza Yesu.
5 They were glad and agreed to give him money. Na bo baranezerwa cane, baca bumvikana kumuha amahera.
6 He agreed and began looking for an opportunity to betray him to them away from the crowd. Yuda na we aravyemera, maze aca atangura kurondera akaryo keza ko kumubashikiriza ata bantu benshi bahari.
7 Then the day of Unleavened Bread arrived, when the Passover lamb had to be sacrificed. Maze umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro urashika, kandi kuri uwo musi bategerezwa gutanga ikimazi c’umwagazi w’intama wa Pasika.
8 Jesus sent Peter and John, saying, "Go prepare the Passover for us to eat." Yesu abarira Petero na Yohana ati: “Nimugende mudutegurire ivyokurya vya Pasika.”
9 They said to him, "Where do you want us to prepare it?" Baramubaza bati: “Ni hehe ugomba ko tubitegurira?”
10 He said, "Once you enter the city, a man carrying a jar of water will meet you. Follow him into the house he enters, Arabishura ati: “Mucinjira mu gisagara, muraja guhura n’umuntu yikoreye umubindi w’amazi. Muce mumukurikira gushika mu nzu aja kwinjiramwo,
11 "and tell the owner of the house, 'The Teacher says to you: Where is the guest room where I may eat the Passover with my disciples?' hanyuma mubwire nyene urugo muti: ‘Umwigisha ashaka kumenya ahari icumba c’abashitsi aja gusangiriramwo ivya Pasika n’abigishwa biwe.’
12 And he will show you a large upper room, furnished; prepare it there." Na we araja kubereka icumba kinini co hejuru, kirimwo ibikenewe vyose. Aho abe ari ho mubitegurira.”
13 They went and found it just as he had told them, and they prepared the Passover. Nuko baragenda basanga bimeze nk’uko yabibabwiye, maze bategura ivyokurya vya Pasika.
14 When the hour came, he reclined at table, and the apostles with him. Isaha ishitse, Yesu n’intumwa ziwe baca baricarana ku meza.
15 He told them, "I have deeply longed to eat this Passover with you before I suffer. Yesu arababwira ati: “Nari naripfuje cane gusangira namwe iyi Pasika imbere y’uko mbabazwa.
16 For I tell you, I won't eat it until it's fulfilled in the kingdom of our Father." Kuko ndabamenyesheje ko ntazosubira kurya iyindi Pasika, kugeza igihe insiguro yayo izoba ishitsweko mu Bwami bw’Imana.”
17 Taking a cup and giving thanks, he said, "Take this and divide it among yourselves. Nuko afata igikombe, agishimira Imana, ababwira ati: “Nimwakire munywe mwese.
18 For I tell you, from now on I will not drink the vine's fruit until our Father's kingdom comes." Kuko ndababwire, sinzosubira kunywa ku muvinyu w’imizabibu, gushika aho Ubwami bw’Imana buzozira.”
19 He took bread, gave thanks, broke it, and gave it to them, saying, "This is my body, given for you. Do this in memory of me." Aca afata n’umukate, awushimira Imana, arawumanyura, arawubahereza avuga ati: “Iki ni ikimenyetso c’umubiri wanje utanzwe ku bwanyu; muzohore mubikora mu kunyibuka.”
20 He did the same with the cup after supper: "This cup is the new covenant in my blood, poured out for you. Bahejeje gufungura, agira uko nyene, afata igikombe, avuga ati: “Iki gikombe ni isezerano rishasha rivuye mu maraso yanje, asesetse ku bwanyu.
21 But look—the hand of the one who betrays me is with me on the table. Kandi ehe raba uwugira angurishe twicaranye hano dusangira.
22 The Son of Man goes as determined, but woe to that man through whom he is handed over!" Umwana w’Umuntu agiye gupfa nk’uko vyanditswe, ariko aragowe uwo muntu amugurishije.”
23 They began asking each other which of them would do this. Baca batangura kubazanya hagati muri bo uwokwubahuka gukora ivyo.
24 A dispute also arose among them about which of them was the greatest. Maze haduka impari hagati yabo, bagomba kumenya umukuru muri bo.
25 He said to them, "Kings of nations dominate them, and rulers over them are called benefactors. Yesu arababwira ati: “Abami b’Abanyamahanga babatwaza umukazo, kandi ababafiseko ububasha bose bashaka kwitwa abagiraneza.
26 Not so with you: let the greatest among you become like the youngest, the leader like the one serving. Ariko ntimukwiye kumera gutyo. Ahubwo umukuru muri mwebwe namere nka mutoya muri mwebwe, kandi umutware amere nk’umukozi wanyu.
27 Who is greater—the guest at the table or the one serving? The guest, isn't it? Yet I am among you as one who serves. Mbega hagati y’uwuri ku meza afungura n’umukozi amutegurira imfungurwa ni nde mukuru? Mbega si uwuri ku meza? Ariko jewe ndi hano muri mwebwe nk’uwubakorera.
28 "You are those who have stayed with me in my trials, Mwebwe muri bamwe bagumanye nanje mu bihe vyo kugeragezwa kwanje.
29 and I confer on you a kingdom, just as my Father conferred one on me, Nanje ndabahaye Ubwami nk’uko Data yabumpaye nanje,
30 so you'll eat and drink at my table in my kingdom, and sit on thrones judging the twelve tribes of Israel." kugira ngo muze murire mwongere munywere ku meza yanje mu Bwami bwanje, kandi muze mwicare ku ntebe z’icubahiro mucire imanza imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.”
31 "Simon, Simon, listen—Satan has demanded to sift all of you like wheat, Nuko abwira Petero ati: “Simoni, Simoni, umviriza! Satani yabasavye kugira ngo abagosore nk’uko bagosora ingano.
32 but I prayed for you, that your faith not fail. Once you have turned back, strengthen your brothers." Ariko wewe nagusengeye kugira ngo ntutakaze ukwizera, kandi niwamara kwihana ukangarukako uze ukomeze bene So.”
33 Peter said, "Lord, I'm ready to go with you to prison and death." Petero aramwishura ati: “Mwami, nditeguye kujana nawe no gushika mw’ibohero, mbere no gupfana nawe.”
34 Jesus said, "I tell you, Peter: the rooster won't crow today before you deny three times that you know me." Yesu aramubwira ati: “Petero, ndakubwire ukuri, isake itarabika uzoba umaze kunyihakana gatatu kose uvuga ko utanzi.”
35 He asked, "When I sent you without money bag, knapsack, or sandals, did you lack anything?" "Nothing," they said. Yesu aca arababaza ati: “Igihe nabarungika ata saho, ata mufuko canke ibirato, hari ico mwakenye?” Baramwishura bati: “Nta na kimwe.”
36 He said to them, "But now, let the one with a money bag take it, and a knapsack too. Let the one without a sword sell his cloak and buy one. Aca arababwira ati: “Ubu rero uwufise amahera mu mufuko nayibangikanye, uwufise isakoshi ayitore, kandi n’uwudafise inkota agurishe umutamana wiwe ayigure.
37 For I tell you this Scripture must be fulfilled in me: 'He was counted among sinners.' For what is written about me is coming true." Ndababwire, iri jambo ryavugishijwe kuri jewe ngo: ‘Yafashwe nk’umwe mu bagarariji,’ ritegerezwa gushika. Ni ukuri, ivyanditswe kuri jewe vyose bigira bishike.”
38 They said, "Lord, look, here are two swords." He said to them, "It is enough." Abigishwa biwe baramubwira bati: “Mwami, ehe turafise inkota zibiri.” Arabishura ati: “Izo ziramaze.”
39 And he went out, as usual, to the Mount of Olives, and the disciples followed him. Hanyuma Yesu aca ajana n’abigishwa biwe ku Musozi wa Elayono nk’uko yari asanzwe abigenza.
40 When he reached the place, he told them, "Pray you don't give in to temptation." Bashitseho, Yesu arababwira ati: “Nimusenge kugira ngo ntimutsindwe n’ibibagerageza.”
41 And he withdrew from them about a stone's throw, and knelt down and prayed, Aca yigira kure gato nk’aho umuntu yotera ibuye, arapfukama arasenga ati:
42 saying, "Father, if you are willing, take this cup from me. Yet not my will, but yours, be done." “Data, ubigomvye, ndakwinginze unkure imbere iki gikombe c’imibabaro. Ariko ntibibe nk’uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.”
43 And an angel from heaven appeared to him, strengthening him. Maze umumarayika aramwiyereka avuye mw’ijuru, amwongera inkomezi.
44 In agony he prayed more intensely; his sweat became like great drops of blood falling down to the ground. Nuko arasenga cane, yuzuye umubabaro mwinshi, icuya ciwe gicika nk’amama y’amaraso atonyangira hasi.
45 When he rose from prayer, he came to the disciples and found them asleep from grief, Yunamutse ahejeje gusenga, asubira aho ba bigishwa biwe bari bari, asanga basinziriye, baremerewe n’umubabaro.
46 he said to them, "Why are you sleeping? Get up and pray, so you don't yield to temptation." Arababaza ati: “Ni kuki musinziriye? Nimuvyuke, musenge kugira ngo ntimutsindwe n’ibibagerageza.”
47 While he was still speaking, a crowd came, led by the one called Judas, one of the twelve. He came up to Jesus to kiss him, Yesu akiriko aravuga, haca haza abantu benshi, barongowe na Yuda, umwe muri ba bigishwa cumi na babiri. Nuko yegera Yesu, aramusoma.
48 but Jesus said to him, "Judas, would you betray the Son of Man with a kiss?" Yesu aca amubwira ati: “Yuda, ugurishije Umwana w’Umuntu mu kumusoma?”
49 Seeing what was about to happen, those with him said, "Lord, should we strike with the sword?" Abigishwa ba Yesu babonye ibigira bibe baramubaza bati: “Mwami, tubivune na za nkota?”
50 And one of them struck the servant of the high priest and cut off his right ear. Umwe muri bo aca akubita inkota umukozi w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi kw’i buryo.
51 But Jesus answered, "No more of this!" And he touched the ear and healed him. Yesu aca arasemerera ati: “Geza aho, biramaze!” Maze aca akora kuri ukwo gutwi, aramukiza.
52 Then Jesus said to the chief priests, temple officers, and elders who had come out against him, "Have you come out with swords and clubs, as against a robber? Yesu aca abwira abaherezi bakurubakuru, abarinzi b’urusengero n’abatware bari baje kumufata, ati: “Mbega mbaye umugumutsi, aho muza kumfata mwitwaje inkota n’amahiri?
53 Every day I was with you in the temple, and you didn't lay hands on me. But this is your hour, and the authority of darkness." Imisi yose namana namwe mu rusengero, ntimwigeze mumfata. Ariko noneho igihe canyu ni iki; umwijima ugira uganze.”
54 Seizing him, they led him and brought him into the high priest's house; Peter followed at a distance. Nuko baramufata bamutwara mu rugo rw’umuherezi mukuru. Petero na we arabakurikira agendera kure inyuma yabo.
55 They lit a fire in the middle of the courtyard and sat together; Peter sat among them. Ariko bamaze gushika mu rugo bagacana umuriro bakicara, Petero na we yaciye yicarana na bo.
56 But a servant girl, seeing him sitting facing the light, stared at him and said, "This one too was with him." Maze umwigeme umwe akora ngaho aramubona ariko arota umucanwa. Aramwihweza, aca avuga ati: “Uwu mugabo yari kumwe na Yesu.”
57 But he denied it, saying, "Woman, I do not know him." Ariko arabihakana, abwira uwo mugore ati: “Haba na mba, sindanamuzi!”
58 Shortly after, another saw him and said, "You too are one of them." But Peter said, "Man, I'm not." Haciye akanya, uwundi muntu aramubona, avuga ati: “Na wewe uri umwe muri bo.” Petero yishura uwo muntu ati: “Eka sindi kumwe na bo.”
59 About an hour later, another insisted, "This man was certainly with him, for he's a Galilean too." Haciye nk’isaha, uwundi muntu arabishimangira ati: “Ni ivy’ukuri uwu yari kumwe na Yesu, kuko ni Umunyagalilaya.”
60 But Peter said, "Man, I don't know what you're saying." Immediately, while he was still speaking, the rooster crowed. Petero yishura uwo muntu ati: “Sinzi n’ivyo uriko uravuga.” Akiriko aravuga, isake ica irabika.
61 The Lord turned and looked at Peter. Peter remembered what the Lord had told him: "Before the rooster crows today, you will deny me three times." Umwami Yesu aca arahindukira, araba Petero mu maso. Petero na we aca yibuka ya majambo Yesu yari yamubwiye ati: “Uno musi nyene, isake itarabika, uza kuba umaze kunyihakana gatatu.”
62 And he went out and wept bitterly. Petero aca asohoka hanze, araturikisha ararira.
63 Now the men who were holding Jesus mocked him as they beat him. Maze abagabo bari bamurinze batangura kumucokora no kumukubita.
64 They blindfolded him and kept asking, "Prophesy! Who is it that struck you?" Bamupfunga igitambara mu maso, bamubwira bati: “Vugishwa! Ni nde agukubise?”
65 And they said many other things against him, insulting him. Bongera bamubwira n’ayandi majambo menshi yo kumutuka.
66 At daybreak, the people's council of elders convened—chief priests and scribes—and led him away to their council, saying, Bukeye, inama nkuru y’abatwara ubwo bwoko irakorana, irimwo abaherezi bakurubakuru n’abigisha b’ivyagezwe, maze Yesu ajanwa imbere yabo.
67 "If you are the Christ, tell us." He said to them, "If I tell you, you will not believe, Baramubaza bati: “Tubwire! Uri Kristo?” Yesu arabishura ati: “Naho nobibabwira ntimwovyemera,
68 "and if I ask you, you will not answer. kandi nobabaza ikibazo ntimwonyishura.
69 "But from now on the Son of Man will sit at the right hand of the power of our Father." Ariko kuva ubu Umwana w’Umuntu agiye kwicara i buryo bw’Inyenkomezi.”
70 They all said, "So you are the Son of God?" He said to them, "You say that I am." Bose baramubaza bati: “Ugomvye kuvuga rero ko uri Umwana w’Imana?” Na we arabishura ati: “Muravyivugiye ko ndi we.”
71 They said, "What more testimony do we need? For we heard it ourselves from his mouth." Baca bavuga bati: “None hari ibindi vyabona dukeneye? Ntituvyiyumviye bimwiviriye mu kanwa?”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]