Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Luke 23 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then the whole assembly rose and brought him before Pilate. Nuko abari mu nama bose bavira hasi rimwe bamujana kwa Pilato,
2 They began accusing him: "We found this man misleading our nation, forbidding taxes to Caesar, and claiming to be Christ, a king." batangura kumurega bavuga bati: “Uwu muntu twasanze ariko aragumura abantu bo mu bwoko bwacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, kandi yigira Kristo, umwami.”
3 Pilate asked him, "Are you the King of the Jews?" He answered, "You say so." Pilato aca abaza Yesu ati: “Woba uri umwami w’Abayuda?” Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi we.”
4 Then Pilate said to the chief priests and the crowds, "I find no guilt in this man." Pilato aca abarira abaherezi bakurubakuru n’isinzi ry’abantu bari ngaho bose ati: “Uwu muntu simbona ikimwagira.”
5 But they pressed on: "He stirs up the people, teaching all through Judea, from Galilee to here." Ariko barushiriza kuvuga bati: “Agumura abantu i Yudaya hose biciye mu nyigisho ziwe. Yatanguriye i Galilaya none raba ashitse n’ino i Yerusalemu.”
6 When Pilate heard this, he asked whether the man was a Galilean. Pilato avyumvise aca abaza ati: “Uwu muntu ava i Galilaya?”
7 Learning he was under Herod's authority, he sent him to Herod, who himself was also in Jerusalem in those days. Maze amenye ko Yesu atwarwa mu ntara ya Herode Antipa, aca aramumurungikira, kandi ico gihe Herode yari i Yerusalemu.
8 Seeing Jesus, Herod was delighted—he'd long wanted to see him, having heard about him, and hoped to see him perform a sign. Herode abonye Yesu, aranezerwa cane kuko yari amaze igihe kirekire yipfuza kumubona. Yari yarumvise ivyiwe, maze yipfuza kumubona ngo akore igitangaza.
9 He questioned him at great length, but Jesus gave him no answer. Nuko abaza Yesu ibibazo vyinshi ariko ntiyishura na kimwe.
10 The chief priests and the scribes stood by, vehemently accusing him. Abaherezi bakurubakuru n’abigisha b’ivyagezwe bari bahagaze ngaho, bamwagiriza bashimitse.
11 Herod and his soldiers scorned and mocked him, dressed him in bright clothing, and sent him back to Pilate. Herode n’abasoda biwe baca batangura kumushinyagurira no kumucokora. Baca bamwambika impuzu y’ubwami, baramurungika asubira kwa Pilato.
12 That day Herod and Pilate became friends—they had been enemies before. Kuva uwo musi Herode na Pilato baca baba abagenzi, kuko imbere y’aho bari abansi.
13 Pilate then called together the chief priests, the rulers, and the people, Pilato aca akoranya abaherezi bakurubakuru, abatware n’abari ngaho bose,
14 and said to them, "You brought me this man as one turning the people away. I examined him before you and found no guilt in this man on your charges. ababwira ati: “Mwanzaniye uwu muntu muvuga ko yateye imigumuko, ariko namusambishirije imbere yanyu, nta caha camwagiriye.
15 Neither did Herod, for he sent him back to us. Look, he has done nothing deserving death. Ndetse na Herode nta co yamwagirije kuko mwiboneye ko yamudusubije. Nta co yakoze cotuma yicwa.
16 I will therefore discipline him and release him." Ndamukubitisha gusa, hanyuma ndamurekure.” [
17 Not in this edition Igihe cose kuri Pasika, Pilato yama abarekurira imbohe imwe.]
18 But they all cried out together, "Away with this man! Release Barabbas to us!" Ariko bose basemerera icarimwe bati “Uwo muntu nabambwe, uturekurire Baraba.”
19 a man imprisoned for a rebellion that happened in the city, and for murder. (Uwo Baraba yari yatawe mw’ibohero yagirizwa ubwicanyi hamwe n’umugumuko wari wabaye mu gisagara.)
20 Pilate addressed them once more, wanting to release Jesus, Kubera ko Pilato yagomba kurekura Yesu, yongera avugana n’iryo sinzi ry’abantu.
21 but they kept shouting, "Crucify, crucify him!" Ariko bo barushiriza gusemerera bati: “Nabambwe! Nabambwe!”
22 A third time he said to them, "Why? What wrong has this man done? I find no ground for death in him. So I will punish and release him." Yongera kubabaza ubwa gatatu ati: “None ni ikihe caha yakoze? Nta kintu na kimwe nabonye yakoze cotuma yicwa. Ariko ndamutanga bamutonagure gusa, hanyuma ndamurekure.”
23 But they kept shouting loudly, demanding he be crucified, and their voices prevailed. Noneho baca bashira urwamo hejuru basaba ko Yesu abambwa, gushika aho Pilato arengerwa,
24 So Pilate decided that their demand should be granted. aca abemerera ico bamusavye.
25 He released the man they asked for, jailed for rebellion and murder, but handed Jesus over to their will. Nuko arekura wa mugabo yari apfunzwe yagirizwa imigumuko n’ubwicanyi, uwo bari basavye ko yobarekurira, hanyuma abaha Yesu ngo bamukoze ico bashaka.
26 Leading him away, they seized a man named Simon of Cyrene, coming in from the countryside, and put the cross on him to carry behind Jesus. Abasoda batwaye Yesu kumubamba bafata Simoni w’i Kurene, yari avuye mu mirima, baca bamukorera umusaraba, agendera inyuma ya Yesu.
27 A great crowd of the people followed him, including women who were weeping and wailing for him. Maze abantu isinzi baramukurikira, harimwo n’abagore bagenda baramuririra baboroga.
28 But Jesus turned to them and said, "Daughters of Jerusalem, don't cry for me; cry for yourselves and your children. Yesu arahindukira arababarira ati: “Bakobwa b’i Yerusalemu, nta co mundirira. Nimwiririre mwebwe, muririre n’abana banyu.
29 For the days are coming when they will say, 'Blessed are the barren, the wombs that never bore, the breasts that never nursed.' Kuko igihe kigiye gushika, aho abantu bazovuga bati: ‘Hahiriwe abagore batigeze bavyara, n’inda zitigeze zibungenga, hamwe n’amabere atigeze yonsa.’
30 Then they'll begin saying to the mountains, "Fall on us," and to the hills, "Cover us." Hanyuma ‘bazobwira imisozi bati: “Tugweko!” n’imitumba bati: “Tunyegeze!” ’
31 For if they do this when the wood is green, what will happen when it's dry?" Kuko nimba bagiriye gutya igiti kibisi, mbega icumye co bizokigendera gute?”
32 Two others, who were criminals, were also led away to be put to death with him. Kandi hariho n’abandi bagabo babiri b’inkozi z’ikibi, na bo bajanwa kwicirwa hamwe na Yesu.
33 When they reached the place called The Skull, they crucified him there with the criminals, one on his right, one on his left. Babashikanye ahantu hitwa Nyagihanga, abasoda baca baramubamba, ari kumwe na za nkozi z’ikibi, umwe i buryo uwundi i bubamfu bwiwe.
34 Jesus said, "Father, forgive them, for they do not know what they are doing." Then they divided his garments, casting lots. Maze Yesu aravuga ati: “Data, bababarire, kuko ntibazi ico bariko barakora.” Maze bagabura impuzu ziwe bakoresheje ubupfindo.
35 The people stood watching; the rulers sneered, "He saved others—let him save himself, if he's God's Christ, the Chosen One." Abantu isinzi bari aho babiraba; abakuru b’Abayuda na bo bamucokora, bavuga bati: “Yakijije abandi, niyikize na we turabe, ko yigira ngo ni Kristo, Uwatoranijwe n’Imana.”
36 The soldiers also mocked him, coming up to offer him sour wine, N’abasoda baraza baramushinyagurira, bamuha inkarisha kugira ngo anywe,
37 and saying, "If you are the King of the Jews, save yourself!" bamubwira bati: “Nimba uri umwami w’Abayuda, niwikize turabe!”
38 There was also an inscription over him: "This is the King of the Jews." Baca bamanika icandiko hejuru yiwe kivuga ngo: Uwu ni umwami w’Abayuda.
39 One of the hanged criminals insulted him: "Aren't you the Christ? Save yourself and us!" Umwe muri za nkozi z’ikibi zibambanywe na we aramutuka ati: “Ko uri Kristo, niwikize hanyuma natwe udukize.”
40 But the other rebuked him: "Don't you even fear God, since you're under the same sentence? Ariko mugenziwe aramukankamira avuga ati: “Mbega wewe ntutinya n’Imana kandi waciriwe urubanza rumwe n’urwiwe?
41 Rightly so—we're paying for what we did; but this man has done nothing wrong." Twebwe twahaniwe ikiri ukuri, kuko turiko twishura ibihwanye n’ivyo twakoze. Ariko uwu we nta kibi na kimwe yakoze.”
42 Then he said, "Jesus, remember me when you come into your kingdom." Aca avuga ati: “Yesu, uranyibuka niwagaruka mu Bwami bwawe.”
43 And Jesus said to him, "Truly I tell you, today you will be with me in Paradise." Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, uno musi nyene uraza kubana nanje muri paradizo.”
44 It was already about noon, and darkness covered the whole land until three in the afternoon, Hari nk’isaha zitandatu z’umurango, maze umwijima utwikira igihugu cose gushika isaha icenda,
45 for the sun's light failed; and the curtain of the temple was torn in two. kuko izuba ryari ryazimye. Maze igitambara co mu rusengero na co gitabukamwo kubiri.
46 Jesus called out loudly, "Father, into your hands I commit my spirit!" Then he breathed his last. Yesu aca arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Data, mu biganza vyawe ni ho nshize impwemu yanje.” Ahejeje kuvuga ivyo, aracikana.
47 Seeing what happened, the centurion praised our Father: "This man really was righteous." Intwazangabo y’Umuroma yari aho abonye ibibaye, aca ashima Imana avuga ati: “Ni ukuri, uwu muntu yari umugororotsi.”
48 All the crowds gathered for this sight, seeing what happened, went home beating their chests. Rya sinzi ry’abantu bari bakoraniye aho baje gushengerera ibiriko biraba babonye ibibaye, basubira inyuma buzuye umubabaro, bishishitira.
49 All his acquaintances, and the women who followed him from Galilee, stood far off watching these things. Ariko abari bazi Yesu, harimwo na ba bagore bari bamukurikiye kuva i Galilaya, bagumye bahagaze aho barabira kure ivyariko biraba.
50 Now there was a man named Joseph, a member of the council, a good and righteous man, Hari umugabo yitwa Yosefu, yari mu bagize inama nkuru y’abatwara ubwoko bw’Abayuda, akaba n’umuntu mwiza kandi agororotse.
51 who had not agreed to their plan and action. He was from Arimathea, a Jewish town, and was waiting for the kingdom of our Father. Ntiyari ashigikiye abandi mu ngingo zose bafashe n’ivyo bakoze. Yava mu gisagara c’Abayuda citwa Arimataya, kandi yari yiteze ukuza kw’Ubwami bw’Imana.
52 This man went to Pilate and asked for the body of Jesus. Nuko aja kwa Pilato, amusaba ikiziga ca Yesu.
53 He took it down, wrapped it in a linen cloth, and laid him in a rock-cut tomb where no one had yet been laid. Hanyuma akimanura ku musaraba, akizingira mu gitambara cera, aca agishira mu mva nshasha yimbwe mu gitandara, itari bwigere ihambwamwo n’umuntu n’umwe.
54 It was the day of Preparation, and the Sabbath was about to begin. Ivyo vyabaye ari ku musi wo kwitegurira Isabato, kandi yagira itangure.
55 Women who came with him from Galilee followed, saw the tomb, and how his body was placed. Nuko ba bagore bavana na Yesu i Galilaya, bakurikira Yosefu, barabona ya mva, babona n’ukuntu ikiziga ca Yesu kiryamitsweyo.
56 They went back and prepared spices and ointments, then rested on the Sabbath as commanded. Baca basubira i muhira bategura ibimota neza n’amavuta yo gusiga ikiziga. Ariko Isabato igeze bararuhuka kugira bubahirize icagezwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]