Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Lamentations 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 How lonely sits the city that once was full of people! She has become like a widow, she who was great among the nations. She who was a princess among the provinces has become a forced laborer. Ese ukuntu igisagara gisigaye ari umusaka, kera cahora cuzuye abantu! Ese ukuntu kimeze nk’umupfakazi, kandi kera cahora gihambaye mu mahanga! Cahora kimeze nk’umwamikazi mu zindi ntara ariko ubu cabaye nk’umugurano.
2 Bitterly she weeps in the night, tears on her cheeks. Among all her lovers she has no one to comfort her; all her friends have betrayed her, they have become her enemies. Mw’ijoro gicunduguta amosozi, akagitemba ku matama. Mu bahora bagikunda bose nta n’umwe wo kugihoza. Abagenzi baco bose baragihemukiye; bahindutse abansi baco.
3 Judah has gone into exile under affliction and harsh servitude; she lives among the nations but finds no resting place. All her pursuers have overtaken her in the midst of her distress. Amaze kugira amarushwa menshi n’ugucumukura, Yuda yajanywe ari inyagano. Ubu aba hagati mu mahanga, nta buragamo afise na mba. Abamuhiga bose baramushikiriye bamusanze mu mubabaro mwinshi.
4 The roads to Zion mourn, for no one comes to the appointed feasts. All her gates are desolate, her priests groan, her young women grieve, and she herself is in bitter anguish. Amayira aja i Siyoni aragandaye, kuko ata muntu n’umwe akija mu misi mikuru yashinzwe. Amarembo yaho yose aripfumbereje, abaherezi baho baraniha, abagore baho bakiri bato barababaye kandi hari ukwihebura kurenze urugero.
5 Her foes have become her masters, her enemies are at ease, for our Father has afflicted her because of her many rebellions. Her children have gone away, led captive before the enemy. Abamugwanya basigaye ari bo bamuganza; abansi biwe baguwe neza. Uhoraho yamuzanyeko imibabaro kubera ivyaha vyiwe vyinshi. Abana biwe bose batwawe nk’inyagano, bacitse imbohe imbere y’abansi babo.
6 All her majesty has departed from the daughter of Zion. Her princes have become like deer that find no pasture; they flee without strength before their pursuers. Ubwiza bwose bwaraheze ubwahora ku mukobwa w’i Siyoni. Abaganwa baho bameze nk’impongokazi yabuze aho irisha; kubera intege nke zabo bakuye hasi barahunga imbere y’uwabahiga.
7 In the days of her affliction and wandering, Jerusalem remembers all the precious things that were hers from days of old. When her people fell into the hands of the enemy, with no one to help her, the enemies looked on and mocked her downfall. Mu misi y’umubabaro waho no kuburanirwa Yerusalemu hibutse ubutunzi bwose hari hafise mu misi ya kera. Igihe abantu baho bagwa mu maboko y’umwansi, ntihabonetse n’umwe wo kubatabara. Abansi baho ubu baraharaba bakitwengera babonye uburyo hasambuwe.
8 Jerusalem has sinned grievously; therefore she has become an object of scorn. All who honored her despise her, for they have seen her nakedness; she herself groans and turns away. Yerusalemu hakoze ivyaha vyinshi ni co catumye hahumana. Abahora bahubaha ubu barahakengera, kuko babonye ubwambure bwaho; ubwaho haraniha hihindukiza.
9 Her uncleanness clung to her skirts; she gave no thought to her future. Her fall is astounding, with no one to comfort her. "Look, my Father, on my affliction, for the enemy has triumphed!" Ubuhumane bwaho buhomye ku vyambarwa hambaye; ntihiyumviriye kuri kazoza kaho. Ukugwa kwaho kwabaye ugukomeye; kandi nta n’umwe wo kuhagarukirako. “Yewe Uhoraho, raba umubabaro wanje, kuko umwansi yanesheje.”
10 The enemy has stretched out his hand over all her precious things; she has watched the nations enter her sanctuary—those you had forbidden to enter your assembly. Umwansi yasahuye ubutunzi bwaho bwose; habonye abanyamahanga batubaha Imana binjira mu Ngoro, abo wari warihanije ngo ntibaze binjire mw’ikoraniro ryawe.
11 All her people groan as they search for bread; they trade their treasures for food just to stay alive. "Look, my Father, and see, for I have become despised. Abantu baho bose baraniha kuko barondera ico barya; batanga ubutunzi bwabo ngo baronke ivyokurya bashobore kuzigama ubuzima. “Ewe Uhoraho, raba kandi wongere witegereze, ukuntu nkengerewe.”
12 Is it nothing to you, all you who pass by? Look and see if there is any sorrow like my sorrow, which was brought upon me, which our Father inflicted on the day of his fierce anger. “Mbega mwebwe murengana nta co bibabwiye? Nimuhindukire hirya no hino murabe. Mbega hari ukubabazwa guhwanye n’uku kwanje ukwo nahawe n’Uhoraho, ku musi w’uburake bwiwe bw’inkazi?
13 From on high he sent fire into my bones, and it overcame them. He spread a net for my feet and turned me back; he has left me desolate, faint all the day long. Yarungitse umuriro ari iyo hejuru, awurungika mu magufa yanje. Yagaranzuye urusenga rufata amaguru yanje maze ansubiza inyuma. Yansize ndi umusaka, kandi nguma mu mubabaro rikarinda rirenga.
14 My rebellions were bound into a yoke; knit together by his hand, they were laid upon my neck, and he sapped my strength. The Sovereign Father handed me over to those I cannot withstand. Ivyaha vyanje yabiboheye hamwe bicika ingogo, yavyegeranishije ukuboko kwiwe. Vyaraje bishika no kw’izosi ryanje kandi Imana yatumye inkomezi zanje zisambuka. Yandekuriye mu maboko y’abo ntashobora no guhagarara imbere.
15 The Sovereign Father has rejected all the mighty men in my midst; he summoned an assembly against me to crush my young men. The Sovereign Father has trampled the virgin daughter of Judah as in a winepress. Imana yaranse abagwanyi banje bose bari kumwe nanje; yahamagariye ingabo zose kungwanya kugira ngo bamene umutwe abasore banje. Imana yahonyanze Umukobwa w’i Buyuda, nka kurya baganira umuvinyu mu bwato.
16 For these things I weep; my eyes, my eyes flow with tears, for a comforter who could revive my spirit is far from me. My children are desolate, for the enemy has prevailed." Ni co gituma ndira amaso yanje akaba yuzuye amosozi. Kandi nta n’umwe ari hafi wo kumpoza nta n’umwe wo kuremesha impwemu yanje. Abana banje bakuweho kuko umwansi yaturushije inkomezi.”
17 Zion stretches out her hands, but there is no one to comfort her. Our Father has decreed that Jacob's neighbors would become his enemies; Jerusalem has become a filthy thing among them. I Siyoni hamanitse amaboko, ariko nta n’umwe yabonetse wo kuhahoza. Kw’itegeko ry’Uhoraho, ababanyi ba Yakobo bamuhindukiye abansi; i Yerusalemu habahindukiye nk’ikintu gihumanye hagati muri bo.
18 Our Father is righteous, for I have rebelled against his word. Hear, all you peoples, and look on my suffering; my young women and my young men have gone into captivity. “Uhoraho aragororotse, ariko nagararije ivyo yategetse. Nimwumve, yemwe mahanga mwese; nimurabe umubabaro wanje. Abasore banje n’inkumi zanje bajanywe nk’inyagano.
19 I called to my lovers, but they deceived me. My priests and my elders perished in the city while they searched for food just to stay alive. Natumyeko abakunzi banje ariko barampemukiye. Abaherezi banje n’inararibonye zanje bahoneye mu gisagara mu gihe bariko bararondera indya ngo barabe ko boba barabayeho.
20 Look, my Father, for I am in distress; my stomach churns, my heart is overturned within me, for I have been very rebellious. In the street the sword cuts people down; in the house it is like death. Raba, yewe Uhoraho, ingene ndi mu magorwa! Muri jewe nuzuye uruhagarara, kandi mu mutima ndahungabanye, kuko nabaye umugarariji arushirije. Hanze, inkota yampekuye abana banje; mu nzu na ho ni urupfu gusa.
21 They have heard how I groan, with no one to comfort me. All my enemies have heard of my trouble; they are glad that you have done it. Bring on the day you have declared, that they may become like me. Abantu bumvise ukuniha kwanje, ariko nta n’umwe wo kumpoza. Abansi banje bose bumvise amagorwa yanje; banezererwa ivyo wakoze. Ndakwinginze ngo ubashitseko wa musi wavuga ngo na bo bamere nkanje.
22 Let all their evil come before you, and deal with them as you have dealt with me for all my rebellions; for my groans are many, and my heart is faint. Ivyo bagabitanije vyose nibije imbere yawe; ubakorere nk’ivyo wankoreye kubera ivyaha vyanje. Ukuniha kwanje ni kwinshi kandi umutima wanje ucitse intege.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]