Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 52 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Zedekiah, twenty-one at his crowning, ruled Jerusalem eleven years. His mother was Hamutal, daughter of Jeremiah of Libnah. Zedekiya yari afise imyaka mirongo ibiri n’umwe igihe yaba umwami, aganza imyaka cumi n’umwe ari i Yerusalemu. Nyina wiwe yitwa Hamutali mwene Yeremiya w’i Libuna.
2 He did evil in our Father's eyes, just as Jehoiakim had done. Akora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu nyonga ziwe, nk’uko Yehoyakimu yakoze.
3 This came to Jerusalem and Judah from our Father's anger, until he cast them from his presence. Then Zedekiah rebelled against the king of Babylon. Ivyo vyose vyashikiye Yerusalemu n’Ubuyuda kubera uburake bw’Uhoraho bwari bwaziririnze, akirukana abantu biwe mu maso hiwe. Maze Zedekiya agarariza umwami w’i Babiloni.
4 In the ninth year of his reign, tenth month, tenth day, Nebuchadnezzar king of Babylon came against Jerusalem with his whole army, camped against it, and built a siege wall around it. Nuko, mu mwaka ugira icenda Zedekiya ari ku ngoma, ku musi ugira cumi w’ukwezi kw’icumi, Nebukadineza umwami w’i Babiloni aja gutera Yerusalemu ajanye n’ingabo ziwe zose. Bacumbika inyuma y’igisagara, bacubakira ivyo kwuririrako ku mpande zose.
5 So the city was besieged until the eleventh year of King Zedekiah. Igisagara kiguma cugarijwe gushika mu mwaka ugira cumi na rimwe Zedekiya ari ku ngoma.
6 In month four, day nine, famine gripped the city; no food remained for the people of the land. Ku musi ugira icenda w’ukwezi kwa kane inzara iba nyinshi mu gisagara gushika aho abantu babura ico batamira.
7 Then the city was breached. All the soldiers fled, slipping out by night through the gate between the two walls near the king's garden, while the Babylonians surrounded the city, and they headed toward the Arabah. Nuko uruzitiro rw’igisagara bararusatura, maze ingabo zose zirahunga. Bava mu gisagara mw’ijoro baca mw’irembo riri hagati y’ibihome bibiri hafi y’umurima w’umwami, naho Abanyababiloni bari bakikuje igisagara. Bahunga berekeye ikiyaya ca Yorodani citwa Araba,
8 But Babylonian troops chased the king and caught Zedekiah on Jericho's plains, and his whole army scattered from him. Ariko ingabo z’Abanyababiloni zikurikira umwami Zedekiya zimufatira mu kiyaya c’i Yeriko. Abasoda biwe bose baramuta, barasanzara.
9 They captured the king and brought him to the king of Babylon at Riblah in Hamath, who sentenced him. Nuko na we aca arafatwa, bamujana ku mwami w’i Babiloni yari i Ribula mu ntara y’i Hamati, aca amucira urubanza aho nyene.
10 King of Babylon killed Zedekiah's sons before his eyes, and killed all Judah's officials at Riblah too. Umwami w’i Babiloni yicira abahungu ba Zedekiya mu maso yiwe; yongera yica n’abatware bose b’i Buyuda akiri aho nyene i Ribula.
11 He blinded Zedekiah, bound him with bronze chains, and Babylon's king brought him to Babylon, imprisoned until his death. Aca anogora amaso Zedekiya, amubohesha iminyororo y’umwakaka, aca amujana i Babiloni, amushira mw’ibohero kugeza umusi yapfiriyeko.
12 In the fifth month, the tenth day—Nebuchadnezzar's nineteenth year—Nebuzaradan, captain of the guard, King Nebuchadnezzar's servant, came to Jerusalem. Ku musi ugira icumi w’ukwezi kwa gatanu, mu mwaka ugira icumi n’icenda Nebukadineza ari umwami w’i Babiloni, ni ho Nebuzaradani umukuru w’ingabo zo ku kirimba, akaba n’umwishikira w’umwami w’i Babiloni, yashika i Yerusalemu.
13 He burned our Father's house, the king's house, and all Jerusalem's houses—every great house he burned with fire. Aturira Ingoro y’Uhoraho, ikirimba c’umwami, hamwe n’ayandi mazu yose yari i Yerusalemu. Inyubakwa zose zihambaye zo mu gisagara araziturira.
14 All the Babylonian army with the guard commander tore down all the walls surrounding Jerusalem. Abasoda bose b’i Babiloni bari barongowe n’uwo mukuru w’ingabo zo ku kirimba, baraza basenyura inzitiro zose z’i Yerusalemu.
15 Nebuzaradan, captain of the guard, deported some of the poorest people, those remaining in the city, the deserters who defected to Babylon's king, and the rest of the craftsmen. Nebuzaradani, umukuru w’abasoda bo ku kirimba, ajana mu kinyago bamwe mu bakene, hamwe n’abari bagisigaye mu gisagara, abanyamyuga hamwe n’abari barishikanye ku mwami w’i Babiloni.
16 But Nebuzaradan, captain of the guard, left some of the land's poorest to work vineyards and fields. Ariko Nebuzaradani asiga bamwe mu bakene bo mu gihugu ngo bakorere imizabibu n’imirima.
17 The bronze pillars of our Father's house, and the stands and bronze sea in our Father's house—the Babylonians smashed them and carried all the bronze to Babylon. Abanyababiloni basenyura za nkingi z’umwakaka hamwe na ca gikarabiro c’umwakaka n’ivyo cari giteretseko vyari mu Ngoro y’Uhoraho, batwara n’umwakaka wabo wose i Babiloni.
18 They took the pots, shovels, wick trimmers, basins, dishes, and all bronze vessels used for temple service. Batwara n’udukono two kuyoreramwo umunyota, ivyo kuyoza umunyota, ibikombe, amabesani, amapanu, hamwe n’ibindi bikoresho vyose vy’umwakaka, vyakoreshwa mu Ngoro.
19 The captain of the guard also took the small bowls, fire pans, basins, pots, lampstands, incense dishes, and drink-offering bowls—whatever was gold as gold, whatever was silver as silver. Uwo mukuru w’abasoda bo ku kirimba atwara ibikoresho vyari bikozwe mu nzahabu nziza vyose no mw’ifeza, harimwo amabesani, ivyo guturirirako ibimota neza, inkono, ibiterekwako amatara, amasahani n’ibikombe vyakoreshwa mu gutanga amashikanwa y’ibinyobwa.
20 The two pillars, the bronze sea, twelve bronze bulls under the stands, which King Solomon made for our Father's house—the bronze of it all could not be weighed. Umwakaka wavuye muri za nkingi zibiri, ca gikarabiro bita ikiyaga na ya mashuri icumi n’abiri acuzwe mu mwakaka yari musi yaco, na vya bitereko biterurwa, ivyo umwami Salomo yari yarakoze ngo bibe ivyo mu Ngoro y’Uhoraho, vyari biremereye cane ku buryo bitashobora gupimwa ku munzane.
21 Each pillar stood about twenty-seven feet tall, eighteen feet around, with walls three inches thick, and hollow. Inkingi imwe yose yapima ingero z’igice c’ukuboko cumi n’umunani z’uburebure n’ingero z’igice c’ukuboko cumi na zibiri zo kuzunguruka; imwimwe yose yari ikirohori, kandi yari ifise intimbatimba ingana n’isantimetero umunani.
22 Its bronze capital was about seven and a half feet high, with a network and pomegranates all around, all bronze. The second pillar matched, with pomegranates. Umwashi w’umwakaka wari hejuru y’inkingi imwe wareha n’ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’uburebure ukaba usharijweko amakomamanga y’umwakaka awukikuje. Ku yindi nkingi, hari uwundi ufise amakomamanga yawo nk’uko nyene.
23 Ninety-six pomegranates on the sides; the pomegranates totaled one hundred on the network all around. Amakomamanga mirongo icenda ku mpande, igitigiri cose c’amakomamanga cari hejuru ya rwa rusobekerane cari ijana.
24 The guard commander took Seraiah the chief priest, Zephaniah the second priest, and the three doorkeepers, Uwo mukuru w’abasoda bo ku kirimba agira imbohe Seraya umuherezi mukuru, Zefaniya umuherezi wa kabiri hamwe n’abarinzi b’irembo batatu.
25 from the city he took the officer over the soldiers, seven of the king's advisers found in the city, the army commander's secretary who mustered the people of the land, and sixty men of the land found in the city. Mu bari basigaye mu gisagara, atwara intwazangabo yatwara abasoda baja ku rugamba hamwe n’abahanuzi indwi b’umwami, atwara n’umunyamabanga yari ajejwe kwinjiza abantu mu gisoda, hamwe n’abandi bantu mirongo itandatu yasanze mu gisagara hagati.
26 Nebuzaradan, captain of the guard, took them to the king of Babylon at Riblah. Iyo ntwazangabo Nebuzaradani ica ifata ba bantu bose ibashira umwami w’i Babiloni i Ribula.
27 Babylon's king struck them down and killed them at Riblah in Hamath. Judah went into exile from its land. Aca abicira aho nyene i Ribula mu ntara y’i Hamati. Uko ni ko Abayuda batwawe mu kinyago, bakurwa mu gihugu cabo.
28 This is the number of the people Nebuchadnezzar exiled: in the seventh year, 3,023 Judeans; Iki ni co gitigiri c’abantu Nebukadineza yajanye ari inyagano: mu mwaka ugira indwi, Abayuda ibihumbi bitatu na mirongo ibiri na batatu;
29 in the eighteenth year of Nebuchadnezzar, 832 persons from Jerusalem; Mu mwaka ugira icumi n’umunani Nebukadineza ari ku ngoma, abavuye i Yerusalemu bari amajana umunani na mirongo itatu na babiri;
30 in Nebuchadnezzar's twenty-third year, Nebuzaradan the guard commander exiled 745 Judeans; the total was 4,600 people. mu mwaka wiwe wa mirongo ibiri na gatatu, Abayuda amajana indwi na mirongo ine na batanu bajanywe ari inyagano na Nebuzaradani umukuru w’ingabo zarinda umwami. Bose hamwe bari ibihumbi bine n’amajana atandatu.
31 In the thirty-seventh year of Jehoiachin king of Judah's exile, on the twelfth month's twenty-fifth day, Evil-merodach king of Babylon, in his first year, favored Jehoiachin king of Judah and freed him from prison. Mu mwaka ugira mirongo itatu n’indwi Yehoyakini umwami w’i Buyuda ari mu kinyago, umwaka Evili-Merodaki yimikiwemwo ngo abe umwami w’i Babiloni, ku musi wa mirongo ibiri na gatanu w’ukwezi kw’icumi na kabiri, ni ho yarekura Yehoyakini ava mw’ibohero.
32 He spoke kindly to him, setting his throne above other kings' thrones with him in Babylon. Amufata neza, amuha n’ikibanza c’icubahiro gisumba ivy’abandi bami bari kumwe na we i Babiloni.
33 So Jehoiachin took off his prison clothes and ate at the king's table every day, all his life. Nuko Yehoyakini ntiyasubira kwambara impuzu z’imbohe, kandi yama asangira n’umwami ku meza yiwe imisi yose yari asigaje y’ukubaho kwiwe.
34 The king of Babylon gave him a daily allowance all his life, until the day he died. Umwami w’i Babiloni yama aha Yehoyakini ku musi ku musi ivyo kumutunga imisi yose yari akiriho, kugeza ku musi yapfiriyeko.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]