Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Joshua 23 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 A long time after our Father gave Israel rest from all their enemies around them, Joshua was old, well along in years. Inyuma y’igihe kirekire Uhoraho ahaye amahoro Abisirayeli akabakiza abansi babo bose bari babakikuje, Yosuwa yari ageze mu zabukuru.
2 Joshua called all Israel—elders, heads, judges, officers—and said, "I am old, far along in years. Nuko akoranya Abisirayeli bose; abatware bose, abarongozi n’abacamanza arababwira ati: “Ehe raba ndageze mu zabukuru.
3 You have seen all your Father did to all these nations for your sake; your Father fought for you. Mwese mwarabonye ivyo Uhoraho yakoreye aya mahanga yose ku bwanyu; Uhoraho Imana yanyu ni yo yabagwaniye.
4 Look, I have allotted you, as an inheritance for your tribes, these remaining nations, and all nations I have cut off, from the Jordan to the Great Sea in the west. Mwibuke ingene nagaburiye imiryango yanyu intara mwahawe nk’imigabane, igihugu cose twafashe n’ico tutarafata, kuva kuri Yorodani gushika ku Kiyaga Mediterane mu burengero.
5 Your Father himself will push them back and drive them out before you, and you will possess their land, as your Father promised you. Iki gihugu kizoba icanyu, kuko Uhoraho Imana yanyu we nyene azokwiyirukanira ayo mahanga abahunge. Azobirukana imbere yanyu namwe mufate igihugu cabo, nk’uko Uhoraho Imana yanyu yabibasezeraniye.
6 Be very strong to keep and do all written in the book of the law of Moses, not turning from it right or left. None rero mushire imitima yanyu ku vyanditswe muri iki gitabu c’ivyagezwe vya Mose, ntimuzohengamire i buryo canke i bubamfu.
7 Do not mix with these remaining nations among you. Do not mention their gods' names or swear by them; do not serve or bow down to them. Ntimuzokwifatanye n’ayandi mahanga akiri muri mwebwe, ntimuzokwambaze amazina y’imana zabo canke ngo murahire mu mazina yazo. Ntimuzozikorere canke ngo munazunamire.
8 But hold fast to your Father, as you have done to this day. Ariko mwumire k’Uhoraho Imana yanyu nk’uko mwayumiyeko gushika ubu.
9 Your Father has driven out great and strong nations before you; no one has stood against you to this day. Uhoraho yirukanye amahanga akomakomeye imbere yanyu, gushika ubu nta na rimwe rirabahagarara imbere.
10 One of you chases 1,000, for your Father himself fights for you, as he promised you. Umwe muri mwebwe yirukana igihumbi, kuko Uhoraho Imana yanyu ari we abagwanira nk’uko yabibasezeraniye.
11 So watch yourselves carefully, to love your Father. None rero mushire imitima yanyu ku gukunda Uhoraho Imana yanyu.
12 But if you turn back and cling to these remaining nations left among you, intermarry with them, mixing with them and they with you, Ariko nimwahindukira mukifatanya n’abacitse kw’icumu bo muri aya mahanga basigaye muri mwebwe canke mugahana abageni mukivanga na bo,
13 be sure your Father will no longer drive out these nations before you. They will be a snare and a trap for you, a whip on your sides and thorns in your eyes, until you perish from this good land your Father gave you. mumenye ko Uhoraho atazokwirukana ayo mahanga imbere yanyu. Ariko bazobabera imitego muzogwamwo, bababere inkoni zo kubakubita mu migongo n’amahwa abazibura mu maso, gushika mutikiriye muri iki gihugu ciza Uhoraho Imana yanyu abahaye.
14 I am now going the way of all the earth. You know with all your heart and all your soul that not one of the good things your Father promised about you has failed—all have come true for you; not one has failed. Ehe ndi mu kwitaba Imana nk’uko bigendera abandi bose. Murazi n’imitima yanyu yose n’imishaha yanyu yose ko ata ciza na kimwe Uhoraho Imana yanyu yasezeranye kitashitse. Ivyo yasezeranye vyose yarabishikije, nta na kimwe cavuyemwo.
15 Just as every good word your Father spoke to you came true, so he will bring on you every harmful thing, until he destroys you from this good land he gave you. Ariko nk’uko iciza cose Uhoraho Imana yanyu yasezeranye cashitse, ni ko n’ibibi vyose Uhoraho yavuze bizoshika nimwamugarariza. Azobatikiza gushika muhonere muri iki gihugu ciza yabahaye.
16 If you break your Father's covenant, which he commanded you, and go and serve other gods and bow to them, your Father's anger will burn against you, and you will quickly be destroyed from the good land he gave you." Nimwaca kubiri n’isezerano Uhoraho Imana yanyu yabahaye, mukunamira izindi mana mukazisenga, uburake bw’Uhoraho buzobaziriringira, muhonere bidatevye muri ico gihugu ciza yabahaye.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]