Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Joshua 24 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Joshua gathered all the tribes of Israel to Shechem, summoned its elders, heads, judges, and officers, and they stood before our Father. Maze Yosuwa akoraniriza i Shekemu imiryango yose ya Isirayeli. Ahamagaza abakuru, abatware, abacamanza n’abarongozi, bose baza imbere y’Imana.
2 Joshua told all the people, "This is what our Father, the God of Israel, says: "Long ago your ancestors lived beyond the Euphrates River—Terah, father of Abraham and Nahor—and served other gods.' Yosuwa abarira abantu bose ati: “Uku ni ko Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze: ‘Mu gihe ca kera, ba sogokuruza banyu, harimwo Tera se wa Aburahamu na Nahori, babaye hakurya y’uruzi Efurate kandi basenga izindi mana.
3 I took your father Abraham from beyond the River, led him through all the land of Canaan, multiplied his children, and gave him Isaac. Ariko mfata sogokuruza Aburahamu ndamukura hakurya y’urwo ruzi ndamushikana i Kanani, ndamuha uruvyaro runini nciye kuri Isaka.
4 I gave Isaac Jacob and Esau, gave Esau Mount Seir to possess, but Jacob and his sons went down to Egypt. Isaka namuhaye Yakobo na Esawu. Esawu namuhaye imisozi ya Seyiri ngo ayegukire, ariko Yakobo n’abana biwe ndabamanukana muri Egiputa.
5 'I sent Moses and Aaron, I struck Egypt with what I did among them, then I brought you out.' Maze ntuma Mose na Aroni, nongera ntera ivyago Abanyegiputa, hanyuma ndabakura muri Egiputa.
6 I brought your ancestors out of Egypt; you reached the sea. Egyptians chased your ancestors with chariots and horsemen to the Red Sea. Igihe nakura ba sogokuruza banyu muri Egiputa, mwashitse ku Kiyaga Gitukura, Abanyegiputa babakurikira bari ku mikogote no ku mafarasi.
7 When they cried to me, I put darkness between you and the Egyptians, brought the sea over them, and covered them. Your eyes saw what I did in Egypt. Then you lived in the wilderness a long time. Ariko ba sogokuruza banyu batakambira jewe Uhoraho ngo ndabatabare, nca nsuka umwijima hagati yabo n’Abanyegiputa, ndabarenzako ikiyaga kirabatwara. Amaso yanyu yariboneye ivyo nakoreye Egiputa.
8 'I brought you to the Amorites' land beyond the Jordan. They fought you; I gave them into your hand, and you took their land. I destroyed them ahead of you. Nabazanye mu gihugu c’Abamori baba mu buseruko bwa Yorodani. Barabagwanije, ariko ndabatanga mu maboko yanyu. Nabaranduye imbere yanyu, namwe mufata igihugu cabo.
9 Then Balak son of Zippor, king of Moab, rose and fought Israel. He sent and called Balaam son of Beor to curse you, Igihe Balaki mwene Zipori, umwami w’i Mowabu, yitegura ngo agwanye Abisirayeli, yarungitse Balamu mwene Beyori kubavuma.
10 but I wouldn't listen to Balaam, so he blessed you again and again, and I rescued you from his hand. Ariko sinumviriza Balamu, na we aho kubavuma arabahezagira, gutyo ndabakiza Balaki.
11 You crossed the Jordan to Jericho. Its citizens fought you—Amorites, Perizzites, Canaanites, Hittites, Girgashites, Hivites, Jebusites—but I gave them into your hand. Nuko mujabuka Yorodani mushika i Yeriko, abatware b’i Yeriko barabatera ngo babagwanye, nk’uko Abamori, Abaperizi, Abanyakanani, Abaheti, Abagirugashi, Abahiwi n’Abayebusi babigize. Ariko nabatanze mu maboko yanyu.
12 I sent the hornet ahead of you; it drove out the two Amorite kings before you—not by your sword or your bow. Narungitse amavubi imbere yanyu, yirukana abami babiri b’Abamori. Si inkota yanyu canke umuheto wanyu vyabahaye intsinzi.
13 I gave you land you did not work for, cities you did not build—and you live in them; you eat from vineyards and olive groves you did not plant.'" Nabahaye igihugu c’amatongo mutarimye, n’ibisagara mutubatse, mubibamwo, murya inzabibu n’imyelayo mutateye.’
14 Now, fear our Father, serve him with integrity and faithfulness. Remove the gods your ancestors served beyond the River and in Egypt, and serve our Father. None rero, nimwubahe Uhoraho mumukorere mu kuri no mu bwizigirwa; mushire kure imana ba sogokuruza banyu bakoreye hakurya y’uruzi Efurate, no muri Egiputa, hanyuma mukorere Uhoraho.
15 But if serving our Father seems wrong to you, choose for yourselves today whom you will serve—the gods your ancestors served beyond the River, or the gods of the Amorites in whose land you live. As for me and my household, we will serve our Father." Ariko nimba mudashaka gukorera Uhoraho, nimwitorere uwu musi iyindi mana mukorera, zaba imana ba sogokuruza bakorera hakurya y’uruzi Efurate, zaba imana z’Abamori, abo mubereye mu gihugu. Ariko twe n’abo mu nzu yanje, tuzokorera Uhoraho.”
16 The people answered, "We could never abandon our Father to serve other gods. Maze abantu bose bishura bati: “Guheba Uhoraho tugakorera izindi mana ntibikatubeko!
17 For our Father brought us and our ancestors up out of the land of Egypt, out of the house of slavery, and did these great signs before our eyes. He kept us safe the whole way we traveled, and among all the peoples we passed through. Uhoraho Imana yacu ni we yatwikuriye muri Egiputa twe na ba sogokuru bacu, mu gihugu c’ubuja, akorera ibitangaza n’ibimenyetso mu maso yacu. Yaturinze urugendo rwose atuzigamira mu mahanga yose twaciyemwo.
18 And our Father drove out before us all the peoples, including the Amorites living in the land. We too will serve him, for he is our Father." Uhoraho ni we yirukanye ayo mahanga yose imbere yacu, harimwo Abamori baba muri iki gihugu. None rero natwe tuzokorera Uhoraho, kuko ni we Mana yacu wenyene.”
19 Joshua told the people, "You cannot serve our Father—he is a holy God, a jealous God. He won't forgive your rebellion and sins. Maze Yosuwa arababarira ati: “Mwebwe ntimushoboye gukorera Uhoraho, kuko ni Imana itunganye kandi ipfuha. Ntizokwihanganira ubugarariji n’ivyaha vyanyu.
20 If you abandon our Father and serve foreign gods, he will turn, harm you, and consume you, after he has done you good." Nimwava k’Uhoraho mugakorera izindi mana, azobateza ivyago bibatikize bibamare, inyuma y’ivyiza vyose yabagiriye.”
21 But the people said to Joshua, "No! We will serve our Father." Na bo bishura Yosuwa bati: “Haba na mba! Tuzokorera Uhoraho.”
22 Then Joshua said to the people, "You are witnesses against yourselves that you have chosen our Father, to serve him." "We are witnesses," they said. Maze Yosuwa arababarira ati: “Mwebwe ubwanyu muri ivyabona vyanyu ko mwahisemwo gukorera Uhoraho.” Na bo bati: “Egome turi ivyabona.”
23 "Now put away the foreign gods among you, and turn your hearts to our Father, the God of Israel." Yosuwa arababwira ati: “Nuko rero nimukure imana z’abanyamahanga ziri muri mwebwe, imitima yanyu muyegurire Uhoraho Imana ya Isirayeli.”
24 And the people said to Joshua, "We will serve our Father, and we will obey his voice." Na bo bishura Yosuwa bati: “Tuzokorera Uhoraho Imana yacu, twongere tumwubahe.”
25 Joshua made a covenant with the people that day, and set them a statute and ordinance at Shechem. Uwo musi nyene Yosuwa aca agirana isezerano n’abo bantu aho i Shekemu, aca abaha amabwirizwa n’ivyagezwe vy’Uhoraho.
26 Joshua wrote these words in the Book of the Law of our Father, then took a large stone and set it up there under the oak by our Father's sanctuary. Hanyuma Yosuwa aca yandika ivyo vyose mu gitabu c’ivyagezwe vy’Imana. Afata n’ibuye rinini ry’icibutso, arishira musi y’igiti kinini kiri hafi y’ihema ry’ibonaniro ry’Uhoraho.
27 Joshua told all the people, "Look, this stone will be a witness against us, because it heard every word our Father spoke to us. It will be a witness against you, so you don't deny your Father." Yosuwa ababwira ati: “Iri buye ni icabona hagati yacu. Ryumvise ivyo Uhoraho yatubwiye vyose. Rizobacira urubanza nimwava ku Mana yanyu.”
28 Then Joshua sent the people away, each to his own inheritance. Nuko Yosuwa aca arabarungika basubira iwabo, umwe wese aja mu ntara bahawe nk’iragi ryabo.
29 After this, Joshua son of Nun, the servant of our Father, died at 110 years old. Inyuma y’ivyo vyose, Yosuwa mwene Nuni, umusavyi w’Uhoraho, arahwera amaze imyaka ijana na cumi.
30 They buried him in his inheritance at Timnath-serah, in Ephraim's hill country, north of Mount Gaash. Bamuhamba mw’itongo yahawe i Timunati-Sera, mu ntara y’imisozi ya Efurayimu, haruguru y’umusozi Gayashi.
31 Israel served our Father all Joshua's days, and all the days of the elders who outlived him and knew all the work our Father had done for Israel. Abisirayeli bakorera Uhoraho mu gihe cose Yosuwa yari akiriho no mu gihe c’abatware bakoranye na we, abo yasize amaze gupfa, hamwe n’abandi bose bari barabonye ivyo Uhoraho yari yarakoreye Isirayeli.
32 Joseph's bones, which the Israelites had carried up from Egypt, they buried at Shechem, in the plot Jacob bought from Hamor's sons, Shechem's father, for one hundred pieces of silver—it became Joseph's descendants' inheritance. Na ya magufa ya Yosefu Abisirayeli bari baduganye bayakuye muri Egiputa baca bayahamba i Shekemu, mw’itongo Yakobo yari yaraguze ibiceri vy’ifeza ijana ahaguze na bene Hamori se wa Shekemu. Ryaciye riba iry’uruvyaro rwa Yosefu.
33 Eleazar son of Aaron died, and they buried him at Gibeah, given to his son Phinehas in the hill country of Ephraim. Hanyuma Eliyazeri mwene Aroni arapfa, ahambwa i Gibeya, ahari hahawe umuhungu wiwe Finehasi mu gihugu c’imisozi miremire ca Efurayimu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]