Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Joshua 22 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then Joshua summoned the Reubenites, the Gadites, and the half-tribe of Manasseh, Ico gihe Yosuwa akoranya abo mu muryango wa Reyubeni n’uwa Gadi, hamwe n’igice c’uwa Manase
2 and said to them, "You have kept all Moses the servant of our Father commanded you, and obeyed my voice in all I commanded you. ababwira ati: “Mwashikije ivyo Mose umusavyi w’Uhoraho yabategetse vyose, kandi nanje mwaranyumviye mu vyo nabategetse vyose.
3 You have not abandoned your brothers these many days, down to this day, but kept the duty of your Father's command. Kuko uhereye kera gushika n’ubu, mutigeze mutana urugamba benewanyu, ahubwo mwabandanije igikorwa Uhoraho Imana yanyu yabashinze.
4 Now your Father has given your brothers rest, as he promised. So turn back to your tents, in the land you possess, which Moses, servant of our Father, gave you across the Jordan. None rero ko Uhoraho Imana yanyu ahaye akaruhuko benewanyu nk’uko yabisezeranye, nimwisubirire iwanyu, mu ntara Mose umusavyi w’Uhoraho yabahaye mu buseruko bwa Yorodani.
5 Only take great care to do the command and law Moses, servant of our Father, commanded you: love your Father, walk in all his ways, keep his commands, cling to him, and serve him with all your heart and all your soul." Ariko muzokwame mwiyubara, mukurikize amabwirizwa n’ivyagezwe Mose umusavyi w’Uhoraho yabahaye: Mukunde Uhoraho Imana yanyu, mugendere mu nzira ziwe, mushitse amabwirizwa yiwe, mwumire kuri we, kandi mumukorere n’imitima yanyu yose, n’imishaha yanyu yose.”
6 Then Joshua blessed them and sent them away, and they went to their tents. Nuko Yosuwa arabahezagira, arabarungika, basubira iwabo.
7 Moses had given the half-tribe of Manasseh a possession in Bashan; to the other half Joshua gave a possession with their brothers west of the Jordan. When Joshua sent them home to their tents, he blessed them. Igice kimwe c’umuryango wa Manase Mose yari yagihaye intara ya Bashani mu buseruko bwa Yorodani, ikindi gice Yosuwa yagihaye intara yo mu burengero bwa Yorodani. Igihe Yosuwa yariko arabarungika, yarabahezagiye,
8 He told them, "Go home with great wealth—abundant livestock, silver, gold, bronze, iron, and many clothes. Share the plunder from your enemies with your brothers." ababwira ati: “Nimusubire iwanyu mutwaye n’ubutunzi bwinshi mwanyaze abansi banyu: ibitungwa, ifeza, inzahabu, imyakaka, ivyuma, n’ivyambarwa vyinshi. Muzobigabure na benewanyu.”
9 Then Reuben, Gad, and the half-tribe of Manasseh turned back from the Israelites at Shiloh in Canaan, to Gilead, their own possession, settled there at the command of our Father through Moses. Abo mu muryango wa Reyubeni n’uwa Gadi hamwe n’igice c’uwa Manase baca batandukanira n’abandi Bisirayeli i Shilo mu ntara ya Kanani, basubira i Gileyadi, mu ntara bahawe nk’uko Uhoraho yari yarabitegetse abicishije kuri Mose.
10 Reaching the region of the Jordan in Canaan, the Reubenites, Gadites, and half-tribe of Manasseh built an altar there by the Jordan—an altar impressive in size. Bageze i Geliloti hafi ya Yorodani mu gihugu c’i Kanani, abo mu muryango wa Reyubeni n’uwa Gadi, n’ab’igice c’umuryango wa Manase baca bubaka igicaniro gisumba ibindi vyose.
11 The Israelites heard, "Look, Reubenites, Gadites, and the half-tribe of Manasseh have built an altar facing Canaan, in the region of the Jordan, on Israel's side." Abandi Bisirayeli bumvise ko umuryango wa Reyubeni n’uwa Gadi hamwe n’ab’igice c’umuryango wa Manase bubatse igicaniro ku rubibe rwa Kanani i Geliloti hafi ya Yorodani ku ruhande rwa Isirayeli,
12 When Israel's people heard, the whole assembly of Israel's people gathered at Shiloh to wage war against them. bose baca bakoranira i Shilo kugira ngo baje kubatera.
13 The Israelites sent Phinehas son of Eleazar the priest to the Reubenites, Gadites, and half-tribe of Manasseh in Gilead, Abisirayeli baca barungika Finehasi mwene Eliyazeri umuherezi, aja i Gileyadi mu miryango ya Reyubeni na Gadi n’igice c’umuryango wa Manase.
14 with him ten chiefs, one per ancestral house, from every tribe of Israel, each head of his ancestral house among Israel's clans. Bamurungikana n’abagabo icumi b’abatware, umwumwe ku muryango, hamwe n’umukuru umwemwe ku muce wose wo mu miryango ya Isirayeli.
15 They came to the Reubenites, Gadites, and half-tribe of Manasseh in the land of Gilead and said to them, Bashitse i Gileyadi, babarira imiryango ya Reyubeni na Gadi n’igice c’umuryango wa Manase bati:
16 "The whole assembly of our Father asks: 'What treachery is this against our Father, the God of Israel—turning today from following him, building yourselves an altar today to rebel against him? “Ikoraniro ryose ry’Uhoraho rigize riti: ‘Ni kubera iki muhemukiye Imana ya Isirayeli ukwo? Ni iki catumye muva k’Uhoraho mukamugarariza mu kwiyubakira igicaniro?
17 Wasn't Peor's sin enough for us? We haven't made ourselves clean from it to this day, though a plague struck the congregation of our Father, Mbega icaha c’i Peyori nticari kimaze kuri twebwe? Gushika n’uwu musi ntituriyeza uko bikwiye, mbere n’inyuma y’uko ikiza caje ku bwoko bw’Uhoraho!
18 that you must turn away today from following our Father? If you rebel against him today, tomorrow he will be angry with all Israel's congregation. Mbega murahevye Uhoraho? Nimwagarariza Uhoraho uwu musi, ejo Uhoraho azorakira Abisirayeli bose.
19 But if the land of your possession is unclean, then cross over into the land of our Father's possession, where his tabernacle dwells, and take possession among us. Only do not rebel against our Father, and do not draw us into rebellion with you, by building yourselves an altar other than the altar of our Father. Nimwakenera aho mwubaka igicaniro kubera intara yanyu ihumanye, muzoze mwifatanye natwe mu ntara y’Uhoraho ahari ihema ry’ibonaniro ry’Uhoraho, mubane natwe. Ariko ntimugararize Uhoraho mu kwubaka ikindi gicaniro atari ca gicaniro c’Uhoraho Imana yacu.
20 Did Achan son of Zerah not act unfaithfully with the devoted things, bringing wrath on all Israel's community? He was not the only one who died for that guilt.'" Mbega igihe Akani mwene Zera yakora icaha mu kwiba ivyari vyagenewe kuba ivy’Uhoraho, uburake bw’Imana ntibwaziriringiye Abisirayeli bose? Si we wenyene yapfuye azize ico caha.’ ”
21 The Reubenites, Gadites, and half-tribe of Manasseh answered the heads of Israel's clans. Abo mu muryango wa Reyubeni n’uwa Gadi hamwe n’ab’igice c’umuryango wa Manase bishura abakuru b’imiryango y’Abisirayeli bati:
22 "The Mighty One, our Father! The Mighty One, our Father! He knows, and let Israel itself know! If in rebellion or in unfaithfulness against our Father, do not spare us today, “Uhoraho, Imana Ihambaye, ni we Mana wenyene! Uhoraho, Imana Ihambaye, ni we Mana wenyene! Ni yo izi ukuri, kandi n’Abisirayeli na bo nibakumenye. Iki gicaniro ntitwacubatse mu kugarariza Uhoraho. Nimba twacubatse mu bugarariji n’ukutumvira, Imana ntitureke ngo tubeho.
23 that we built our own altar to turn away from following our Father, or to offer on it burnt, grain, or peace offerings—may our Father himself call us to account! Nimba twubatse igicaniro cacu kugira ngo tuve k’Uhoraho, ngo tugishikanireko ibimazi vyo guturirwa, hamwe n’amashikanwa y’ifu canke amashikanwa y’ishimwe, Uhoraho arabiduharurako.
24 Rather, we did this from fear that someday your children might say to ours, 'What connection do you have with our Father, the God of Israel? Haba na mba! Icatumye tucubaka ni ukugira ngo uruvyaro rwanyu ntiruzohave rubwira uruvyaro rwacu ruti: ‘Mbega mwebwe Uhoraho Imana ya Isirayeli muyisenga nka ba nde?
25 For our Father made the Jordan a border between us and you, Reubenites and Gadites—you have no share in him.' So your children might stop our children from revering our Father. Ko Uhoraho yashize hagati yacu uruzi Yorodani, mwebwe Abareyubeni n’Abagadi, nta co mupfana n’Uhoraho.’ Gutyo uruvyaro rwanyu rugatuma urwacu ruheba gutinya Uhoraho.
26 Therefore we said, 'Let us build ourselves an altar, not for burnt offering and not for sacrifice, Ni co catumye twibwira tuti: ‘Reka twubake igicaniro, ariko ntitugitangireko ibimazi.’
27 but a witness between us and you, and our generations after us, that we serve our Father before him with burnt offerings, sacrifices, and peace offerings—so your children won't tell ours someday, "You have no share in our Father."' Twashaka ko kiba icibutso gusa. Kizokwibutse uruvyaro rwanyu n’urwacu ko natwe dufise uburenganzira bwo gusenga Uhoraho mu rusengero rwiwe, tugashikana amashikanwa yo guturirwa, ibimazi n’amashikanwa y’ishimwe. Ni ho uruvyaro rwanyu rutazobwira urwacu ruti: ‘Nta mugabane mufise k’Uhoraho.’
28 We thought: if they ever say this to us or our future generations, we'd answer, 'See the model of our Father's altar our ancestors made—not for burnt offering or sacrifice, but a witness between us and you.' Kandi twibwira tuti nibatubwira gutyo canke bakabibwira uruvyaro rwacu, tuzobabwira tuti: ‘Ehe raba igicaniro kimeze nk’ic’Uhoraho ba sogokuruza bacu bubatse. Si ico guturirirako amashikanwa canke gushikanirako ibimazi; ni icabona hagati ya twebwe na mwebwe.’
29 We would never rebel against our Father or turn away from following him today by building an altar for burnt offerings, grain offerings, or sacrifices, apart from our Father's altar before his dwelling!" Ntibikabe ko tugarariza Uhoraho mu kwiyubakira igicaniro co gushikanirako amashikanwa yo guturirwa, amashikanwa y’ifu hamwe n’amashikanwa y’ishimwe; atari ku gicaniro c’Uhoraho Imana yacu kiri imbere y’ihema ry’ibonaniro ryayo.”
30 When Phinehas the priest, the leaders of the community, and the heads of Israel's clans who were with him heard what the Reubenites, Gadites, and Manassites said, they were pleased. Finehasi umuherezi hamwe n’abarongozi b’umuryango wa Isirayeli ari bo barongoye imice igize imiryango yose bumvise ivyo abo mu muryango wa Reyubeni, n’abo mu muryango wa Gadi n’ab’igice c’uwa Manase bababwiye, baranezerwa cane.
31 Phinehas son of Eleazar the priest said to the Reubenites, Gadites, and Manassites, "Today we know our Father is among us, since you haven't betrayed him this way. Now you've saved Israel's people from the hand of our Father." Finehasi mwene Eliyazeri umuherezi abwira abo mu muryango wa Reyubeni, n’abo mu muryango wa Gadi n’ab’igice c’uwa Manase ati: “Uyu musi dutahuye ko Uhoraho ari kumwe natwe, kuko mutakoze ibikorwa vyo kugarariza Uhoraho nk’uko twavyibaza. Mukijije Isirayeli ukuboko kw’Uhoraho.”
32 Phinehas son of Eleazar the priest, and the leaders, left the Reubenites and Gadites in Gilead and returned to Canaan, to Israel, and reported back to them. Maze Finehasi mwene Eliyazeri umuherezi hamwe n’abo barongozi baca basezera imiryango ya Reyubeni na Gadi, bava muri iyo ntara ya Gileyadi, basubira i Kanani, biganira abandi Bisirayeli ivyabaye.
33 The report pleased the Israelites, and the Israelites blessed our Father and gave up going to war against them to destroy the land where the Reubenites and Gadites lived. Na bo bavyumvise barahimbarwa, bashima Imana. Ntibaba baciyumvira ivyo gutera imiryango ya Reyubeni na Gadi ngo bazimanganye igihugu babamwo.
34 The Reubenites and Gadites called the altar Witness, "For," they said, "it is a witness between us that our Father is God." Maze abo mu muryango wa Reyubeni n’uwa Gadi baca bita izina ico gicaniro rivuga riti: “Icabona hagati yacu ko Uhoraho ari we Mana.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]