Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Job 12 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then Job answered: Yobu arasubira yishura ati:
2 "No doubt you are the people, and wisdom will die with you. “Ni ukuri umenga ni mwebwe muzi vyose, kandi umenga nimwapfa ubwenge bwose buzoba bujanye namwe!
3 But I have a mind as well as you; I am not inferior to you. Who does not know things like these? Ariko nanje mfise ubwenge nkamwe, nta co munsumvya. Ni nde ayobewe ivyo vyose muriko muravuga?
4 I have become a laughingstock to my friends—I, who called on God and he answered me; a just and blameless man, now a laughingstock. Nabaye agatwengo kuri bagenzanje, naho nambaza Imana kandi ikantabara. Naho bantwenga, ndi umugororotsi, inyankamugayo.
5 The comfortable look down on misfortune—a ready blow for those whose feet are slipping. Abaguwe neza bakengera abari mu magorwa, bagahenura abadandabagirana.
6 The tents of robbers are at peace, and those who provoke God are secure—those who carry their god in their own hand. Amahema y’abambuzi ntakomakomwa, abacokora Imana baratekaniwe, inkomezi zabo ni zo bagize imana yabo.
7 But ask the animals, and they will teach you; the birds of the sky, and they will tell you; Nimubaze ibikoko, bizobigisha. Mubaze inyoni zo mu kirere, zizobibabwira.
8 or speak to the earth, and it will teach you; and the fish of the sea will explain it to you. Canke uvugane n’isi, izokwigisha, canke mureke amafi yo mu biyaga ababwire.
9 Who among all these does not know that the hand of our Father has done this? Ni igiki muri ivyo vyose kitazi ko ukuboko kw’Uhoraho ari we yakoze ivyo?
10 In his hand is the life of every living thing and the breath of all mankind. Ubuzima bw’ivyaremwe vyose buri mu biganza vyiwe co kimwe n’impwemu z’abariho bose.
11 Does not the ear test words as the palate tastes its food? Mbega ugutwi ntigusorongora amajambo nk’uko akanwa gatandukanya uburyohe bw’ivyokurya?
12 Wisdom is found with the aged, and understanding with length of days. Ubwenge bufiswe n’abatama, kandi ugutahura gufiswe n’abamaze imyaka myinshi.
13 With him are wisdom and might; his are counsel and understanding. Ubwenge n’inkomezi vy’ukuri ni ivy’Imana, kuja inama no gutahura ni ivyayo.
14 What he tears down cannot be rebuilt; the one he shuts in cannot be released. Ico isambuye ntigisubira kwubakwa; abo iboshe nta wushobora kubabohora.
15 If he holds back the waters, they dry up; if he releases them, they overwhelm the land. Itumye imvura itara, haba ubugaragwa. Iyirekuye na ho imyuzure ikwira isi.
16 With him are strength and sound wisdom; the deceived and the deceiver are both his. Inkomezi no gutahura ni ivyayo, kandi uwabeshwe n’uwabeshe, bompi ni abayo.
17 He leads counselors away stripped, and makes fools of judges. Ishorera abatware bari ibirenge bisa, abacamanza ikabanyaga ubwenge.
18 He loosens the bonds imposed by kings and ties a loincloth around their own waists. Abami ibambura inyambarabami zabo, ikabambika umukanda mu rukenyerero gusa.
19 He leads priests away stripped and overthrows those long established. Abaherezi ibashorera nk’abaja, igatembagaza abategetse kuva kera.
20 He silences the lips of the trusted and strips the elders of discernment. Izivya akanwa k’abizigiwe, inararibonye ikazaka ugutahura.
21 He pours contempt on princes and strips the strong of their power. Abahambaye ibambika agakengerwe, abanyenkomezi ikabambura ibigwanisho.
22 He uncovers deep things out of darkness and brings deep shadow into the light. Ishira ahabona ivyihishije mu mwijima w’umuzitanya, igitutu c’umwijima gikomeye ikagihindura umuco.
23 He makes nations great, then destroys them; he enlarges nations, then leads them away. Ni yo ikomeza amahanga, ikongera ikayasambura. Ni yo iyagura ikongera ikayashwiragiza.
24 He strips away the reason of the earth's leaders and sends them wandering in a trackless waste. Abatware b’isi ibambura ubwenge, bagasigara bayerera mu gahinga katagiramwo inzira.
25 They grope in darkness with no light, and he makes them stagger like a drunken man." Bagakabakaba mu mwijima utagira umuco, bakadandabagirana nk’imborerwa.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]