Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Job 13 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "Look, my eye has seen all this; my ear has heard and understood it. Amaso yanje yabonye ivyo vyose, amatwi yanje yavyumvise kandi nabitahuye.
2 What you know, I also know; I am not inferior to you. Ivyo muzi nanje ndabizi; nta co mundusha.
3 But I would speak to the Almighty, and I long to argue my case with God. Ariko nshaka kwivuganira n’Iyishoboravyose, niburanire n’Imana yonyene.
4 But you whitewash with lies; you are all worthless physicians. Ariko mwebwe mundementaniriza ibinyoma, mumeze nk’abaganga ata co bazi
5 If only you would be utterly silent—that would be your wisdom! Iyo mupfuma munuma, ni ho mwari kuba mugize ubwenge.
6 Now hear my argument, and listen to the plea of my lips. Nimwumve ivyireguro vyanje, mutege amatwi ukuburana kw’iminwa yanje.
7 Will you speak falsely for God and speak deceitfully for him? Mbega mwoburanira Imana mu binyoma hamwe n’amajambo yanyu y’ubugunge?
8 Will you show him partiality? Will you argue the case for God? Mbega Imana mwoyiburanira muhengamye? Mugaharira ku bwayo?
9 Would it go well with you when he examines you? Or could you deceive him the way you would deceive a man? Aho mwibaza ko vyoborohera iseranguye ivyiyumviro vyanyu? Mwibaza ko mwoyibesha nk’uko mubesha abantu?
10 He will surely rebuke you if you secretly show partiality. Ni ukuri ntizobura kubabaza ivyo mwakoze nimwagomba kuyiburanira muhengamye.
11 Will not his majesty terrify you, and the dread of him fall upon you? Mbega icubahiro cayo ntikibatera ubwoba? Mbega igitinyiro cayo ntikizobasumira?
12 Your maxims are proverbs of ashes; your defenses are made of clay. Amajambo y’ubwenge yanyu afise agaciro nk’ak’umunyota. Imburano zanyu zifise inkomezi nk’iz’inkono z’ibumba.
13 "Be silent before me, and let me speak; let whatever comes fall on me. Nimunume, mundeke mvuge, bice aho bigomba.
14 Why should I put my own flesh at risk and take my life in my own hands? Ni vyo, amagara yanje ndayafashe mu minwe, kandi mvuga ico niyumvira.
15 Though he slay me, I will hope in him; yet I will defend my ways to his face. Naho yonyica, noguma ndayizigiye, ariko ngira mburane imbere yayo.
16 This too will be my deliverance, for no godless person would dare come before him. Ndazi ko ivyo bizomviramwo agakiza, kuko uwutubaha Imana atohagarara imbere yayo.
17 Listen carefully to my words; let my declaration reach your ears. Tega amatwi mwumve amajambo yanje, amatwi yanyu yumve ivyo mvuga.
18 Look, I have prepared my case; I know that I will be vindicated. Urubanza rwanje narushinze, kandi ndazi ko nzorutsinda.
19 Who will contend with me? For then I would be silent and die. Mbega hari uwufise ico anyagiriza? Aho ni ho nonuma gushika mpfe.
20 "Only grant me two things, and then I will not hide myself from your face: Mana yanje, umpe ibi bintu bibiri, nanje sinzotinya kurenguka mu nyonga hawe.
21 Withdraw your hand far from me, and do not let the dread of you terrify me. Nkurako ikiganza cawe, wongere ureke kunteza ubwoba igitinyiro cawe.
22 Then call, and I will answer; or let me speak, and you reply to me. Hanyuma uheze uvuge, nanje ndishura, canke undeke mvuge, na we unyishure.
23 How many are my wrongs and my sins? Show me my rebellion and my sin. Mbega ibigabitanyo n’ivyaha vyanje bingana gute? Nyereka ibicumuro n’ivyaha vyanje.
24 Why do you hide your face and count me as your enemy? Ni kubera iki unyegeza mu nyonga hawe, ukamfata nk’umwansi wawe?
25 Will you frighten a wind-driven leaf and chase after dry chaff? Mbega wotera ubwoba ikibabi kigururwa n’umuyaga, ukirukanga inyuma y’umuguruka wumye?
26 For you write bitter things against me and make me inherit the sins of my youth. Kuko ivyo unyandikako bimbera umururazi, ukampanira ivyo nakoze mu buto bwanje.
27 You put my feet in the stocks and watch all my paths; you set a limit for the soles of my feet. Ibirenge vyanje wabiboheye mu mpatane z’ibiti, ukurikirana intambuko zanje zose, ugashingira akarimbi amakanda y’ibirenge vyanje.
28 "So man wastes away like rotting wood, like a garment eaten by moths." Ubuzima bwanje na bwo bubaye nk’igiti kibunzwe, bubaye nk’impuzu iriwe n’umuswa.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]