Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 8 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "At that time,' declares our Father, 'they will remove the bones of Judah's kings, officials, priests, prophets, and Jerusalem's people from their graves. ‘Muri ico gihe,’ ni ko Uhoraho avuze, ‘amagufa y’abami n’abaganwa b’i Buyuda, ay’abaherezi n’ay’abavugishwa n’Imana, hamwe n’ay’abantu b’i Yerusalemu bose, azozurwa akurwe mu mva zayo.
2 They will be spread before sun, moon, and all heaven's host they loved, served, followed, consulted, and worshiped—ungathered, unburied, manure on the ground. Azokwanikirwa ku zuba, ku kwezi no ku nyenyeri zose zo kw’ijuru; ibigirwamana bakunze bakabikorera kandi ivyo bakurikiye, bakabisiguza, mbere bakanabisenga. Ntazokwegeranywa ngo asubire ahambwe, ahubwo azomera nk’amase ashanjwe kw’isi.
3 All the remnant of this evil family, wherever I have driven them, will choose death over life,' declares the Father of heaven's armies. Aho nzobirukanira hose, abantu b’amasigarira bazoba barokotse bo muri iri hanga rikora ibizira bazohitamwo gupfa kuruta kubaho, ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.’
4 "Tell them, 'This is what our Father says: If people fall, don't they rise? If someone turns away, doesn't he return? Babwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Iyo abantu baguye hasi, mbega ntibavyuka? Canke iyo umuntu ataye inzira, mbega ntagaruka?
5 Why then has this people, Jerusalem, turned away in perpetual backsliding? They cling to deceit; they refuse to return.' None ni kuki aba bantu banteye ibitugu? Mbega ni kuki ab’i Yerusalemu bamvuyeko? Bumiye ku majambo y’uruhendo; baranse kugaruka.
6 I have listened closely, but they do not speak what is right. No one turns from his evil, asking, 'What have I done?' Each one runs his own course, like a horse charging into battle. Narabumvirije neza, ariko ntibavuga ibigororotse. Nta n’umwe yihana ububi bwiwe, ngo avuge ati: “Ibi nakoze ni ibiki?” Umwe wese ajana inzira yiwe ubwiwe nk’ifarasi igiye mu ntambara.
7 Even the stork in the sky knows her appointed seasons, and the turtledove, the swift, and the crane keep the time of their coming. But my people do not know the just ways of their Father. Mbere n’agasoza kari mu kirere karazi ibihe kashingiwe, kandi n’inuma, intamba n’umusambi bikurikiza ibihe vyo kuva ahantu bija ahandi. Ariko abantu banje ntibazi ivyo Uhoraho ashaka.
8 How can you say, 'We are wise, and the law of our Father is with us,' when in fact the lying pen of the scribes has turned it into a lie? Ni kuki muvuga muti: “Turi abanyabwenge, kuko dufise Ivyagezwe vy’Uhoraho,” kandi ikaramu y’ikinyoma y’abanyabwenge b’ivyanditswe yarabihinduye ikinyoma?
9 The wise will be put to shame; they will be dismayed and trapped. Look, they have rejected my word, so what wisdom is left in them? Abanyabwenge bazomaramara; bazoterwa n’ubwoba kandi bazofatwa mu mutego. Ko bataye ijambo ry’Uhoraho, bafise ubwenge nyabaki?
10 Therefore I will give their wives to others and their fields to new owners. For from the least to the greatest, everyone is greedy for unjust gain; from prophet to priest, everyone practices deceit.' Ni co gituma nzotanga abagore babo nkabaha abandi bagabo n’amatongo yabo nkayaha abandi. Kuva ku muto gushika ku mukuru, bose bafise umunoho w’amaronko; kandi kuva ku muvugishwa gushika ku muherezi, bose ni abanyabinyoma.
11 They dress the wound of the daughter of my people as though it were nothing, saying, 'Peace, peace,' when there is no peace. Bavura igikomere c’abantu banje nk’aho kitababaje; bakavuga ngo: “Ni amahoro, ni amahoro,” kandi ata mahoro ariho.
12 Were they ashamed of the detestable things they did? No, they felt no shame at all; they did not even know how to blush. So they will fall among the fallen; when I deal with them, they will be brought down,' says our Father. Mbega none boba bamaramazwa n’inyifato yabo igayitse? Oya na mba nta soni bafise; mbere ntibazi no kumaramara ico ari co. Ni co gituma bazogwa aho abandi baguye; bazotemba igihe nzoba ndiko ndabahana, ni ko Uhoraho avuze.
13 'I will surely gather them in,' declares our Father. 'There will be no grapes on the vine, no figs on the fig tree, and the leaves will wither; what I gave them will pass away from them.' Nzotwara ivyimburwa vyabo, ni ko Uhoraho avuze. Nta nzabibu zizokwama ku mizabibu. Nta nsukoni zizokwama ku misukoni, kandi amababi yavyo azokabirana. Ivyo nabahaye bazovyakwa.’ ”
14 "Why are we sitting here? Gather together! Let us flee to the fortified cities and perish there, for our Father has doomed us to perish and has given us poisoned water to drink, because we have sinned against him." Ni kuki twicaye hano? Nimwegerane! Reka duhungire mu bisagara bizitijwe inzitiro maze duhonereyo! Kuko Uhoraho Imana yacu yaduciriye urwo gupfa maze akaduha amazi arimwo uburozi ngo tuyanywe, kuko twamucumuyeko.
15 We hoped for peace, but no good has come; for a time of healing, but instead there is terror. Twari twizigiye amahoro ariko nta ciza catujeko, twari twiteze igihe co gukiza ariko twabonye ibidutera ubwoba gusa.
16 The snorting of the enemy's horses is heard from Dan; at the sound of the neighing of their stallions the whole land trembles. They come and devour the land and everything in it, the city and all who live there. Imirindi y’amafarasi y’umwansi yumvikanira i Dani; umurindi w’ibinono vyayo binyiganyije igihugu cose. Baraje gukomvomvora igihugu n’ibiri muri co vyose, igisagara n’abari muri co bose.
17 "For look, I am sending venomous snakes among you, vipers that cannot be charmed, and they will bite you," declares our Father. “Raba, nzorungika inzoka z’ubumara muri mwebwe, incira zidashobora kugundwa, kandi zizobakomora,” ni ko Uhoraho avuze.
18 My joy is gone, grief overwhelms me; my heart is sick within me. Yewe wewe undemesha mu mibabaro, umutima wanje ucikiye intege muri jewe.
19 Listen—the cry of the daughter of my people from a land far away: "Is our Father not in Zion? Is her King no longer in her?" "Why have they provoked me to anger with their carved images, with their worthless foreign idols? Umve uko abantu banje bariko baraboroga bari mu gihugu ca kure: bati: “Mbega Uhoraho ntari i Siyoni? Mbega Umwami waho ntakiriho?” “Ni kubera iki banteye ishavu bakandakisha ibishushanyo vyabo, n’imana zabo zidashoboye z’inyamahanga?”
20 The harvest is past, the summer has ended, and we are not saved." “Iyimbura riraheze, ici rirarangiye, kandi natwe ntitwakize.”
21 For the wound of the daughter of my people I am crushed; I mourn, and horror grips me. Ko abantu banje bamenaguwe, nanje ndamenaguwe; ndagandaye, kandi nishwe n’agahinda.
22 Is there no balm in Gilead? Is there no physician there? Why then has the healing of the daughter of my people not come? Mbega i Gileyadi nta muti wo gusomora uriyo? Nta muganga ariyo? None ni kuki ata gukira kw’igikomere c’abantu banje?
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]