Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 9 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Oh, that my head were a spring of water and my eyes a fountain of tears, that I might weep day and night for the slain of the daughter of my people! Ese icompa umutwe wanje ukaba nk’isoko y’amazi n’amaso yanje akaba imiringoti y’amosozi! Norira ku murango no mw’ijoro kubera abantu banje bariko barasogotwa.
2 Oh, that I had in the wilderness a traveler's lodging, that I might leave my people and go away from them! For they are all adulterers, a band of traitors. Ese icompa nkaba mfise mu bugaragwa inzu y’ingenzi, kugira ngo mve muri bano bantu banje nje kure yabo; kuko bose ari abasambanyi, igugu ry’abantu bataye ubwizigirwa.
3 They bend their tongue like a bow; falsehood, not faithfulness, has grown strong in the land. They go from evil to evil, and they do not know me, declares our Father. “Bafora indimi zabo nk’umuheto, kugira ngo barase ibinyoma; si kubera ukuri kwabo batera imbere mu gihugu. Kuko bava mu caha kimwe bakaja mu kindi; kandi ntibamenye jewe,” ni ko Uhoraho avuze.
4 Let everyone beware of his neighbor, and put no trust in any brother; for every brother is a deceiver, and every neighbor goes about slandering. “Mwirinde abagenzi banyu; ntimwizigire umuntu n’umwe wo mu nzu iwanyu. Kuko umwe wese muri bo ari umusukanyi, kandi umugenzi wese akaba uwuvuga abandi nabi.
5 Everyone deceives his neighbor, and no one speaks the truth; they have trained their tongues to speak lies, wearing themselves out with wrongdoing. Umugenzi abesha mugenziwe, kandi nta n’umwe avuga ukuri. Bigishije indimi zabo kubesha; kandi biremereje ugucumura.
6 You live in the midst of deceit; through their deceit they refuse to know me, declares our Father. Uba hagati mu bubeshi; kandi mu bubeshi bwabo banka kumenya jewe,” ni ko Uhoraho avuze.
7 Therefore this is what the Father of heaven's armies says: I am about to refine them and test them, for how else should I act, because of the daughter of my people? Nuko rero uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: Raba, nzobavugutira ndabapime, kuko ikindi nokora ni igiki kubera icaha c’abantu banje?
8 Their tongue is a deadly arrow; it speaks deceit. With his mouth each one speaks peace to his neighbor, but in his heart he sets an ambush for him. Ururimi rwabo ni umwampi uriko ubumara; ruvuga ivyo guhendana. Mu kanwa kabo bose bavugana neza n’ababanyi babo, ariko mu mitima yabo bakabatega imitego.
9 Should I not punish them for these things? declares our Father. Should I not bring justice upon a nation such as this? Mbega ivyo sinkwiye kubibahanira? Ni ko Uhoraho abaza. Mbega sinkwiye kwihora abantu nk’abo?
10 "I will weep and wail for the mountains, and raise a lament for the pastures of the wilderness, for they are laid waste so that no one passes through, and the lowing of cattle is not heard. From the birds of the sky to the beasts, all have fled and gone. Nzorira mboroge ndirira imisozi kandi nzocura intimba kubera uburagiro bwo mu bugaragwa. Ni agahinga katagendwa, kandi nta jwi ryo kwabira kw’amasho ryumvikana. Inyoni zo mu kirere zose zarahunze n’ibikoko vyaragiye.
11 I will make Jerusalem a heap of ruins, a lair of jackals; and I will make the cities of Judah a desolation, without inhabitant." Nzohindura Yerusalemu ikigunguzi c’isakamburira, ihuriro ry’imbwebwe; mpindure imisaka ibisagara vy’i Buyuda. Gushika aho ata n’umwe ashobora kuhaba.
12 Who is wise enough to grasp this? To whom has our Father's mouth spoken, to explain why the land is ruined, scorched like a wilderness, with no one crossing it? Ni nde w’umunyabwenge ashobora gutahura ibi? Ni nde yigishijwe n’Uhoraho ku buryo ashobora kubisobanura? Ni kuki igihugu casambuwe kigahinduka umusaka nk’ubugaragwa ata wokwubahuka gucamwo?
13 And our Father says: Because they abandoned my instruction, which I gave them, and did not obey my voice or walk in it, Uhoraho aravuze ati: Ni kubera bateye ibitugu ivyagezwe vyanje, ivyo nari narabashize imbere; ntibanyumviye canke ngo bitondere Ivyagezwe vyanje.
14 but have stubbornly followed their own hearts and gone after the Baals, as their fathers taught them. Ahubwo bakurikiye ugukomantara kw’imitima yabo; bakurikiye za Bayali, nk’uko ba sekuruza babo babigishije.
15 So the Father of heaven's armies, our Father of Israel, says: I will feed this people bitter food and give them poisoned water to drink. Ni co gituma Uhoraho Mushoboravyose, Imana y’Abisirayeli, avuze ati: Raba, nzorisha iri hanga indya zirura banywe n’amazi arimwo ishano.
16 I will scatter them among nations they and their fathers never knew, and send a sword after them until I destroy them. Nzobasanzariza mu mahanga batigeze bamenya, baba bo canke ba sekuruza, kandi nzobakurikiza inkota gushika ndabahoneje.
17 This is what the Father of heaven's armies says: Consider! Call for the women skilled in mourning; send for those practiced in lament. Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: Nimwiyumvire neza rero! Nimutumeko abagore bazi kurira baze. Tumako abazi kuririra abapfuye kurusha abandi bo muri bo.
18 Let them hurry and raise a wailing over us, that our eyes may run with tears and our eyelids stream with water. Nibaze bihuta kugira ngo batuborogere kugeza aho amaso yacu acunduguta amosozi kandi imigezi itembe iva mu bigohe vyacu.
19 For a sound of wailing is heard from Zion: How we are ruined! We are utterly ashamed, for we have left the land, for they have torn down our dwellings. Ijwi ryo kuboroga rirumvikana i Siyoni, riti: Ehe ukuntu dusambaguritse! Ehe ukuntu twuzuye ibimaramare! Dutegerezwa kuva mu gihugu cacu kuko amazu yacu ari imisaka.
20 Now hear the word of our Father, you women; let your ears receive the word of his mouth. Teach your daughters a wailing, and each one her neighbor a lament. None rero, yemwe bagore, nimwumve ijambo ry’Uhoraho; mubangire amatwi yanyu amajambo yo mu kanwa kiwe. Mwigishe abakobwa banyu kuboroga; mwigishanye gucura intimba.
21 For death has climbed in through our windows; it has entered our palaces, cutting off the children from the streets and the young men from the squares. Urupfu rwuriye ruca mu madirisha maze rwinjira mu bisagara bizitijwe inzitiro; rwamaze gukura abana mu mabarabara n’abasore rwabamariye aho bahora bagandagaje.
22 Speak: This is what our Father declares: The dead bodies of people will fall like manure on the open field, like bundles of grain left behind the harvester, with no one to gather them. Nimuvuge muti: Uku ni ko Uhoraho avuze: Imivyimba y’abantu izokwandagara hasi nk’uko amase amera mu mirima, nk’imishi y’ingano inyuma y’uwimbura, ata n’umwe wo kuyegeranya.
23 This is what our Father says: Let not the wise boast in his wisdom, let not the strong boast in his strength, let not the rich boast in his riches; Uku ni ko Uhoraho avuze: Umunyabwenge ntiyirate ubwenge bwiwe canke umunyenkomezi ngo yirate inkomezi ziwe canke umutunzi ngo yirate ubutunzi bwiwe,
24 but let the one who boasts boast in this: that he understands and knows me—that I am your Father, who acts with faithful love, justice, and righteousness on the earth; for in these things I delight, declares our Father. ariko uwirata wese yirate ibi: ko yamenye, akantahura ko ndi Uhoraho, nkerekana ukugira neza, ngaca imanza zibereye kandi ngakora mu bugororotsi kw’isi, kuko ivyo ari vyo bimpimbara, ni ko Uhoraho avuze.
25 Look, the days are coming, declares our Father, when I will punish all who are circumcised only in the flesh. Imisi iraje, ni ko Uhoraho avuze, aho nzohana abakebwe ku mubiri gusa,
26 Egypt, Judah, Edom, the sons of Ammon, Moab, and all who clip the hair at their temples and live in the desert. For all these nations are uncircumcised, and all the house of Israel are hard-hearted. Egiputa, Ubuyuda, Edomu, Amoni, Mowabu n’ababa mu bugaragwa bose mu bihugu vya kure. Kuko abo bose batakebwe vy’ukuri, kandi mbere n’ab’inzu ya Isirayeli ntibakebwe mu mitima yabo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]