Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 7 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The word that came to Jeremiah from our Father: Iri ni ryo jambo ryatumwe kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho:
2 Stand at the gate of our Father's house and proclaim there: Hear the word of our Father, all Judah who enter these gates to worship him. “Hagarara kw’irembo ry’Ingoro y’Uhoraho maze ushikirize ubu butumwa uri aho nyene uti: ‘Nimwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe bantu b’i Buyuda binjira muri aya marembo gusenga Uhoraho.
3 This is what the Father of heaven's armies, our Father of Israel, says: Change your ways and your deeds, and I will let you live in this place. Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana y’Abisirayeli avuze: Nimuhindure ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, nanje nzobaha kuba aha hantu.
4 Don't trust these deceptive words: 'our Father's temple! our Father's temple! our Father's temple!' Ntimwizigire amajambo y’uruhendo ngo muvuge muti: iyi ni Ingoro y’Uhoraho, Ingoro y’Uhoraho, Ingoro y’Uhoraho!
5 If you truly change your ways and deeds, and truly deal justly with one another, Nimwahindura vy’ukuri ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu kandi umuntu wese agakorera mugenziwe ibibereye,
6 if you do not oppress the foreigner, the orphan, or the widow, or shed innocent blood in this place, and do not follow other gods to your own harm, nimutacinyiza inyambukira, impfuvyi canke umupfakazi kandi ntimusese amaraso y’uwutagira icaha muyasesa aha hantu, kandi nimutakurikira izindi mana ari vyo bibazanira amarushwa,
7 then I will let you live in this place, the land I gave your ancestors long ago, forever. nuko nzobaha kuba aha hantu, mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu ibihe bidashira.
8 But look—you are trusting in deceptive words that are worth nothing. Ariko raba, mwizigiye amajambo y’uruhendo atagira ikimazi.
9 Will you steal, murder, commit adultery, swear falsely, make offerings to Baal, follow other gods you've not known, Mbega muzokwiba, mwice, musambane kandi murahire ibinyoma, muturirire Bayali ibimota neza, mukurikire izindi mana mutigeze mumenya,
10 then come stand before me in this house that bears my name and say, 'We are safe!'—only to keep doing all these detestable things? hanyuma muheze muze guhagarara imbere yanje muri iyi Ngoro yitirirwa izina ryanje, muvuga muti: Turacuna! Muracuna kandi mukora ibibi nk’ivyo?
11 Has this house that bears my name become a den of robbers in your eyes? I myself have seen it, declares our Father. Mbega iyi Ngoro yitirirwa izina ryanje, yahindutse isenga ry’abambuzi kuri mwebwe? Ariko namye ndavyihweza! Ni ko Uhoraho avuze.
12 Now go to my place that was in Shiloh, where I first set my name, and see what I did to it because of the evil of my people Israel. Nimugende mu kibanza c’i Shilo aho nashize ubwa mbere ikibanza citirirwa izina ryanje, murabe uko nahagiriye kubera ibibi vy’abantu banje b’Abisirayeli.
13 Now, because you did all this, declares our Father—I spoke to you again and again but you did not listen, called you but you did not answer, Mu gihe mwariko murakora ivyo, ni ko Uhoraho avuze, navuganye namwe kenshi, ariko ntimwanyumviye; narabahamagaye ariko ntimwitaba, ni ko Uhoraho avuze.
14 so I will do to the house called by my name, which you trust in, and to the place I gave you and your ancestors, as I did to Shiloh. Ni co gituma, ivyo nakoreye i Shilo ari vyo ngiye gukorera iyi Ngoro yitirirwa izina ryanje, Ingoro mwashizemwo ivyizigiro, ikibanza nahaye mwebwe na ba sogokuruza banyu.
15 I will throw you out of my sight, as I threw out all your relatives, all Ephraim's children. Nzobirukana mumve imbere, nk’uko nagiriye benewanyu ari bo Bisirayeli, abantu ba Efurayimu.’
16 You—do not pray for this people; raise no cry or prayer for them; do not plead with me, for I will not listen to you. Nuko rero ntusengere ubu bwoko, ntubaborogere canke ngo unyinginge, kuko ntazokwumviriza.
17 Don't you see what they're doing in Judah's cities and Jerusalem's streets? Ntubona ivyo bariko barakora mu bisagara vy’i Buyuda no mu mayira y’i Yerusalemu?
18 Children gather wood, fathers light fire, women knead dough to make cakes for the queen of heaven; they pour drink offerings to other gods to anger me. Abana begeranya inkwi, ba se bagacana umuriro, abagore na bo bakagira igikandu co gukoramwo udukate tw’umwamikazi wo mw’ijuru. Basesa hasi ishikanwa ry’ibinyobwa ku zindi mana ngo bavyure ishavu ryanje, bandatse.
19 But am I the one they provoke? declares our Father. Is it not themselves, to their own shame? Ariko mbega ni jewe bariko baratera ishavu? Ni ko Uhoraho abaza. Mbega si bo bariko barigirira nabi, ibintu bizotuma bamaramara?
20 So the Sovereign Father says: my anger and rage will pour out on this place—on people and animals, on the field's trees and the ground's fruit—burning, never put out. Nuko rero, uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Uburake bwanje n’ubushangashirwe bwanje bizosukwa aha hantu, ku muntu no ku gikoko, ku biti vyo mu mirima no ku vyimburwa biva mw’ivu, buzorurumba kandi nta wuzobuzimya.
21 This is what the Father of heaven's armies, our Father of Israel, says: Add your burnt offerings to your other sacrifices and eat the meat yourselves! Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana y’Abisirayeli avuze ati: Bandanya, mwongere amashikanwa yanyu yo guturirwa ku bindi bimazi vyanyu, maze mwirire inyama!
22 For on the day I brought your ancestors out of the land of Egypt, I did not merely speak to them or command them about burnt offerings and sacrifices. Kuko igihe nakura ba sogokuruza banyu muri Egiputa kandi nkavugana na bo, sinabahaye amabwirizwa gusa yerekeye ibimazi vyo guturirwa;
23 This is what I commanded them: Obey my voice, and I will be your Father and you will be my children. Walk fully in the way I command you, so it may go well with you. ariko nabahaye iki cagezwe ngo: Munyumvire, nanje nzoba Imana yanyu namwe mube abantu banje. Muze mugendere mu nzira zose ndababwira, kugira ngo ivyanyu bigende neza.
24 But they did not listen or turn an ear; they walked by their own plans, their evil hearts stubborn, and went backward, not forward. Ariko ntibanyumviye canke ngo babishireko n’umutima; ahubwo, bakurikiye ugukomantara kw’imitima yabo yanduye. Basubiye inyuma aho kuja imbere.
25 From the day your ancestors left Egypt until now, I sent you all my servants the prophets, again and again, day after day. Kuva mu gihe ba sogokuruza bava muri Egiputa kugeza n’ubu, ku musi ku musi, nama ndungika abasavyi banje abo navugisha.
26 Yet they did not listen to me or pay attention, but were stubborn and did worse than their ancestors. Ariko ntibagomba kunyumviriza canke ngo babishireko umutima. Bagamitse izosi maze bakora ibibi biruta ivya ba sekuruza babo.
27 You will speak all these words to them, but they will not listen to you; you will call to them, but they will not answer you. Niwababwira ibi vyose, ntibazokwumviriza; niwabahamagara, ntibazokwitaba.
28 Say to them: This is the nation that did not obey the voice of our Father or accept correction; truth has vanished, cut off from their lips. Nuko rero uze ubabwire uti: Iri ni ryo hanga ritumviye Uhoraho Imana yabo canke ngo ryemere guhanurwa. Ukuri kwarahonyanzwe; kwaraheze ku minwa yabo.
29 Cut off your hair and throw it away; wail on the bare heights, for our Father has rejected and abandoned the generation of his anger. Nimwimweshe umushatsi wanyu maze muwute kure, mucure intimba muri ku dutwe tw’imisozi y’uruharabuga, kuko Uhoraho yataye kandi yahevye uru runganwe ruri musi y’uburake bwiwe.
30 Judah has done evil in my sight, declares our Father. They set their detestable idols in the house that bears my name, making it unclean. Abantu b’i Buyuda bakoze ibibi mu nyonga zanje, ni ko Uhoraho avuze. Bashinze ibigirwamana vyabo vyo kwankwa urunuka mu Ngoro yitirirwa izina ryanje maze barayihumanya.
31 They built Topheth's high places in the Valley of Ben-Hinnom to burn their sons and daughters in the fire—which I never commanded, and it never entered my mind. Bubatse ibibanza basengeramwo vya Tofeti mu kiyaya ca Beni-Hinomu ngo bahatangire abahungu babo n’abakobwa babo babatuririye mu muriro, ivyo ntari nabategetse gukora, canke ngo bice no mu bwenge bwanje.
32 So the days are coming, declares our Father, when it will no longer be called Topheth or the Valley of Ben-Hinnom, but the Valley of Slaughter; they will bury in Topheth until no room is left. Nuko nimwiyubare, imisi iraje, ni ko Uhoraho avuze, aho abantu batazosubira kuhita Tofeti canke ikiyaya ca Beni-Hinomu, ahubwo hazokwitwa ikiyaya co gusogota, kuko bazohamba abapfuye i Tofeti kugeza aho hatazosigara ikibanza na kimwe.
33 This people's dead bodies will feed the birds of the sky and the animals of the earth, with no one to scare them off. Maze imivyimba y’aba bantu izoba ivyokurya vy’inyoni zo mu kirere n’ibikoko vyo mw’ishamba, kandi nta muntu azoshobora kuvyirukana.
34 I will silence in the cities of Judah and the streets of Jerusalem the sound of joy and rejoicing, the voice of bridegroom and bride, for the land will become a wasteland. Nzoshira kw’iherezo amajwi y’umunezero no guhimbarwa n’amajwi y’umukwe n’umugeni mu bisagara vy’i Buyuda no mu mayira y’i Yerusalemu, kuko igihugu kizoba ari umusaka.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]