Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 6 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "Run for safety, you children of Benjamin, out of Jerusalem! Blow the trumpet in Tekoa, and raise a signal over Beth-haccherem, for disaster looms out of the north, a great destruction. Hunga mukize amagara yanyu, yemwe bene Benyamini! Nimuhunge muve i Yerusalemu! Vuza inzamba i Tekowa! Manika ibendera i Beti-Hakeremu! Kuko icago kibahanamiye kivuye mu buraruko, kandi ni uguhonya guhambaye.
2 The lovely and delicate daughter of Zion—I will destroy her. Nzosangangura umukobwa w’i Siyoni, umwe mwiza kandi abereye ijisho.
3 Shepherds and their flocks will come against her; they will pitch their tents around her, each grazing his own portion." Abungere n’amasho yabo bazoza; bazohakikuza amahema yabo, umwe wese azoragira mu canya ciwe.
4 Prepare for battle against her! Come, let us attack at noon! But woe to us, for the day is fading and the evening shadows are growing long. Mwitegurire kuja kuhagwanya! Muhaguruke tuhatere mu mashoka! Ariko, turagowe, kuko burije, kandi burahwibiriye.
5 Come, let us attack by night and destroy her fortresses! Nuko rero nimuhaguruke, dutere mw’ijoro, maze dusambure inzitiro zaho!”
6 For the Father of heaven's armies says: Cut down her trees and build a siege ramp against Jerusalem. This city must be punished; there is nothing but oppression within her. Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: “Nimwicire ibiti mwubake ivyo kwuririrako ngo mugwanye Yerusalemu. Iki gisagara gitegerezwa guhanwa; cuzuye agacinyizo.
7 "As a well keeps its water fresh, so she keeps her wickedness fresh. Violence and destruction resound within her; sickness and wounds are always before me. Nk’uko iriba ridudubiza amazi yaryo, ni ko na co kidudubiza ibibi vyaho. Muri co humvikana umuryano n’uguhonya; ingwara yaho n’ibikomere vyama imbere yanje.
8 Take warning, Jerusalem, or I will turn away from you in disgust and make you a desolation, a land where no one lives." Burirwa wumve, yewe Yerusalemu, ngo simpave ndabaheba ngatuma igihugu canyu gisigara ari umusaka ata n’umwe agishobora kukibamwo.”
9 The Father of heaven's armies says: They will glean the remnant of Israel as thoroughly as a vine is gleaned. Pass your hand over the branches again, like one gathering grapes. Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: “Nibasorome amasigarira ya Isirayeli bamaririkanye nk’uko bagira ku muzabibu; nimusubiremwo musorome ivyasigaye mu mashami, nk’uko umuntu yegeranya inzabibu.”
10 "To whom can I speak and give warning, that they will listen? Their ears are closed, so they cannot hear. The word of our Father is offensive to them; they take no delight in it. Ni nde nobwira nkamumenyesha imburi yanje? Ni nde yonyumviriza? Amatwi yabo arazibwe ngo ntibashobore kwumva. Ijambo ry’Uhoraho ni igitsitaza kuri bo; ntibarinezerererwa.
11 But I am full of the wrath of our Father; I am weary of holding it in. Pour it out on the children in the street, on the young men gathered together; both husband and wife will be taken, the old and the very aged." Ariko nuzuye uburake bw’Uhoraho kandi sinshobora kwihangana. “Busuke ku bana bari mu mabarabara no ku rwaruka rukoraniye hamwe; umugabo n’umugore wiwe bompi bazofatwa na bwo, n’abatama, bamwe bamaze kuremerwa n’imyaka bakagorama.
12 Their houses will be turned over to others, their fields and wives together, for I will stretch out my hand against those who live in the land, declares our Father. Amazu yabo azohabwa abandi, hamwe n’amatongo yabo n’abagore babo, ninaramvura ukuboko kwanje ngo ngwanye ababa mu gihugu,” ni ko Uhoraho avuze.
13 For from the least to the greatest, all are greedy for unjust gain; from prophet to priest, all practice deceit. “Kuva ku muto gushika ku mukuru, bose buzuye umunoho w’amaronko; kandi kuva ku muvugishwa gushika ku muherezi, bose ni abanyabinyoma.
14 They dress the wound of my people as though it were not serious. 'Peace, peace,' they say, when there is no peace. Bavura igikomere c’abantu banje nk’aho kitababaje; bakavuga ngo: ‘Ni amahoro, ni amahoro,’ kandi ata mahoro ariho.
15 Were they ashamed of their detestable conduct? No, they had no shame at all; they did not even know how to blush. So they will fall among the fallen; they will be brought down when I punish them, says our Father. Mbega none boba bamaramazwa n’inyifato yabo igayitse? Oya na mba, nta soni bafise; mbere ntibazi no kumaramara ico ari co. Ni co gituma bazogwa aho abandi baguye; bazotemba igihe nzoba ndiko ndabahana,” ni ko Uhoraho avuze.
16 This is what our Father says: Stand at the crossroads and look; ask for the ancient paths, where the good way is, and walk in it, and you will find rest for your souls. But they said, 'We will not walk in it.' Uku ni ko Uhoraho avuze: “Nimuhagarare mu mayirabiri murabe; mubaze inzira za kera izo ari zo, nimubaze inzira nziza iyo ari yo, maze muyicemwo, ni ho muzoronka uburuhukiro bw’imitima yanyu. Ariko mwaravuze muti: ‘Nta yo tuzocamwo.’
17 I appointed watchmen over you and said, 'Listen to the sound of the trumpet!' But they said, 'We will not listen.' Nashizeho abarinzi bo kubarinda maze ndavuga nti: ‘Nimwumvirize ijwi ry’inzamba!’ Ariko mwavuze muti: ‘Ntituzoryumviriza.’
18 "Therefore hear, you nations; take note, you witnesses, what will happen to them. Nuko rero, nimwumve, yemwe mahanga; mwebwe muri ivyabona, nimurabe ibizobabako.
19 Listen, earth: I am bringing disaster on this people, the fruit of their own schemes, because they have not listened to my words and have rejected my instruction. Niwumve, yewe wa si we: Nzoteza icago kuri aba bantu, gitewe n’ivyiyumviro vyabo bibi, kuko batumviye amajambo yanje bagatera ibitugu Ivyagezwe vyanje.
20 What do I care about incense from Sheba or sweet cane from a distant land? Your burnt offerings are not acceptable; your sacrifices do not please me." Ni igiki conezera mu bimota neza vy’i Sheba canke urubingo rumota neza rwo mu gihugu ca kure? Ibimazi vyo guturirwa vyanyu ntivyemerwa; ibimazi vyanyu ntibimpimbara.”
21 Therefore this is what our Father says: I will put obstacles before this people. Parents and children alike will stumble over them; neighbors and friends will perish. Ni co gituma Uhoraho avuze ati: “Nzoshira ibitsitaza imbere y’ubu bwoko. Ba se co kimwe n’abahungu bazotsitara kuri vyo; ababanyi n’abagenzi bazohona.”
22 This is what our Father says: Look, an army is coming from the land of the north; a great nation is stirring from the ends of the earth. Uku ni ko Uhoraho avuze: “Raba, ingabo ziraje zivuye mu gihugu co mu buraruko; ihanga rikomeye rirahagurutse rivuye ku mpera z’isi.
23 They grasp bow and spear; they are cruel and show no mercy. Their sound roars like the sea as they ride on horseback, drawn up in battle formation against you, daughter of Zion. Bitwaje imiheto n’amacumu; bateye ubwoba kandi ni ba ruburakigongwe. Akamo kabo, bariko bariruka ku mafarasi yabo, ni nk’ukubomborana kw’ikiyaga gisuriranya. Baje kurya kw’abagabo bariko barimenyereza intambara ngo bagutere, yewe mukobwa w’i Siyoni.”
24 We have heard the report of them, and our hands hang limp. Anguish has gripped us, pain like that of a woman in labor. Twumvise inkuru zabo, amaboko yacu yaciye acika inkokora. Umubabaro uradufata, umubabaro nk’uw’umugore ariko aravyara.
25 Do not go out to the fields or walk on the roads, for the enemy has a sword, and terror is on every side. Ntimuje mu mirima canke ngo mugendagende mu mayira, kuko umwansi yitwaje inkota, kandi hari ibiteye ubwoba impande zose.
26 Daughter of my people, put on mourning clothes and roll in ashes; mourn with bitter wailing as for an only son, for suddenly the destroyer will come upon us. Yemwe bantu, nimwambare amagunira mwitembagaze mu minyota; mugandare muboroge cane nk’uko umuntu aririra umuhungu wiwe w’ikinege. Kuko umuranduzi adushitseko giturumbuka.
27 "I have made you a tester of metals among my people, so that you may observe and test their ways. “Nakugize nk’igipimisho gipima ivyuma hamwe n’abantu banje, kugira ngo wihweze kandi upime inzira zabo.
28 They are all hardened rebels, going around spreading slander. They are bronze and iron; all of them act corruptly. Bose ni abagarariji bakomantaye imitima, bagenda hose bavuga abandi nabi. Bameze nk’umuringa n’icuma; bose bakora ivy’ubugarariji.
29 The bellows blow fiercely to burn away the lead with fire, but the refining is useless; the wicked are not removed. Itanure riraka cane ngo rishongeshe ubutare, ariko ivyuma ntibishonga; ababi ntibamarwa inkamba.
30 They are called rejected silver, because our Father has rejected them." Bitwa ifeza yatawe, kuko Uhoraho yabataye.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]