Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "Roam through the streets of Jerusalem, look now and take note! Search her squares—if you can find one person, one who does justice and seeks truth, then I will pardon her. Muduge kandi mumanuke mu mayira yose y’i Yerusalemu, murabe irya n’ino kandi mwitegereze, murondere mu mpande zose. Nimba mwoshobora kuronka umuntu n’umwe acuruza mu kugororoka kandi arondera ukuri, nanje nzobabarira iki gisagara.
2 Even when they say, 'As our Father lives,' they are swearing falsely." N’aho bavuga bati: ‘Ni ukuri nk’uko Uhoraho ari muzima,’ barahira ibinyoma.”
3 Our Father, do not your eyes look for faithfulness? You struck them, but they felt no pain; you consumed them, but they refused to take correction. They made their faces harder than rock; they refused to turn back. Yewe Uhoraho, mbega inyonga zawe ntizirondera ukuri? Warabakubise, ariko ntibababara; warabamenaguye ariko ntibemera gukosorwa. Bakomantaje mu maso habo haba nk’ibuye maze banka kwihana.
4 Then I said, 'These are only the poor; they are foolish, for they do not know the way of our Father, the just ways of their Father.' Nariyumviriye nti: “Abo ni aboro; ni ibijuju, ntibazi inzira y’Uhoraho, ntibazi ivyo Imana yabo ishaka.
5 I will go to the great ones and speak to them, for they surely know the way of our Father, the just ways of their Father.' But they too, all of them, had broken the yoke; they had burst the bonds. Ni co gituma ngiye kurondera abarongozi babo maze mvugane na bo. Ni ukuri barazi inzira y’Uhoraho, barazi ivyo Imana yabo ishaka.” Ariko n’abo nyene baravunaguye ingogo y’Uhoraho kandi baracagaguye iminyororo.
6 Therefore a lion from the forest will strike them, a wolf of the desert will ravage them. A leopard lies watching their cities; everyone who goes out from them will be torn to pieces—for their rebellions are many, their backslidings without number. Ni co gituma intambwe yo mw’ishamba izobatera, imfyisi yo mu bugaragwa ikabatabagura, ingwe izobabundira hafi y’ibisagara vyabo kugira ngo itabagure umuntu wese asohoka hanze, kuko ubugarariji bwabo ari bwinshi no gusubira inyuma kwabo ari kwinshi.
7 "Why should I pardon you? Your children have forsaken me and sworn by those who are no gods. I gave them their fill, yet they committed adultery and trooped to the houses of prostitutes. Ni kuki nobaharira? Abana banyu barampevye maze barahira mw’izina ry’izindi mana atari imana z’ukuri. Nabahaye ivyo bakeneye vyose, ariko bagiye mu busambanyi kandi bahurumbira amazu y’abamaraya.
8 They were like well-fed, lusty stallions, each one neighing for his neighbor's wife.' Bameze nk’amafarasi avyibushe, umwe wese yiruka arondera umugore wa mugenziwe.
9 Should I not punish them for these things? declares our Father. Should I not bring justice on a nation such as this? Mbega ivyo sinkwiye kubibahanira? Ni ko Uhoraho avuze. Mbega sinari nkwiye kwihora ihanga rimeze gutyo?
10 Go up through her rows of vines and destroy, but do not make a full end; strip away her branches, for they are not our Father's. Nimugende muce mu mizabibu yaho, maze muyitikize, ariko ntimuyimare rwose. Musangangure amashami yawo, kuko aba bantu atari ab’Uhoraho.
11 For the house of Israel and the house of Judah have been utterly faithless to me, declares our Father." Inzu ya Isirayeli n’inzu ya Yuda barampemukiye bantera ibitugu, ni ko Uhoraho avuze.
12 They have spoken falsely of our Father; they said, 'He will do nothing! No disaster will come upon us; we will not see sword or famine.' Bavuze ibinyoma k’Uhoraho; baravuze bati: “Nta na kimwe azokora! Nta kibi kizodushikako; ntituzokwigera tubona inkota canke ikigoyi.
13 The prophets are only wind; the word is not in them. So let it be done to them! Abavugishwa ni umuyaga gusa kandi nta jambo riri muri bo. Ivyo bavuga nibibashikeko bo nyene.”
14 Therefore this is what the Father of heaven's armies says: Because you have spoken this word, I am making my words in your mouth a fire, and this people the wood, and it will consume them. Nuko rero uku ni ko Uhoraho Imana Mushoboravyose avuze: Kubera ko abantu bavuze ayo majambo, nzohindura amajambo yanje ari mu kanwa kawe acike umuriro aba bantu na bo babe nk’inkwi zo gutongorwa n’uwo muriro.
15 Look, I am bringing against you a nation from far away, O house of Israel, declares our Father—an enduring nation, an ancient nation, a nation whose language you do not know, whose speech you cannot understand. Yemwe ab’inzu ya Isirayeli, ni ko Uhoraho avuze, Nzozana ihanga rya kure rize kubagwanya, ni ihanga rikomeye kandi ryamyeho kuva kera, abantu bavuga ururimi mutazi, bafise imvugo mutumva.
16 "Their quiver is like an open grave; they are all mighty warriors. Isaho y’imyampi yabo ni nk’imva yuguruye; kandi bose ni abagwanyi b’abahizi.
17 They will devour your harvest and your bread; they will devour your sons and your daughters; they will devour your flocks and your herds; they will devour your vines and your fig trees. With the sword they will beat down your fortified cities in which you trust." Bazorigita imyimbu yanyu n’indya zanyu, bazorandura abahungu banyu n’abakobwa banyu; bazoherengeteza amasho yanyu n’imikuku yanyu, bazorigata imizabibu yanyu n’imisukoni yanyu. Bazosambuza inkota ibisagara bizitijwe inzitiro mwari mwizigiye.
18 Yet even in those days, declares our Father, I will not make a full end of you. “Ariko no muri iyo misi,” ni ko Uhoraho “sinzogusambura rwose.
19 When they ask, 'Why has our Father done all this to us?' tell them: 'As you abandoned me and served foreign gods in your land, so you'll serve strangers in a land not yours.' Kandi igihe abantu bazobaza bati: ‘Ni kuki Uhoraho Imana yacu yadukoreye ibi vyose?’ Muzobabwire muti: ‘Ni kubera mwanteye ibitugu mugakorera izindi mana z’inyamahanga mu gihugu canyu bwite, ubu na ho muzokorera abanyamahanga mu gihugu kitari icanyu.’
20 "Announce this in the house of Jacob; proclaim it in Judah: Menyesha ibi ab’inzu ya Yakobo mubivuge i Buyuda:
21 Hear this, O foolish and senseless people, who have eyes but do not see, who have ears but do not hear:" nimwumve ibi, yemwe bantu b’ibipfu mutagira ubwenge, mufise amaso ariko ntimubone, mufise amatwi ariko ntimwumve.
22 Do you not fear me? declares our Father. Do you not tremble before me? I placed the sand as a boundary for the sea, an everlasting decree it cannot pass. Though the waves toss, they cannot prevail; though they roar, they cannot cross it. Mbega ntimwonyubaha?” ni ko Uhoraho avuze. “Mbega ntimwohindira agashitsi imbere yanje? Naremye umusenyi ngo ushingire akarimbi ikiyaga, ube akarimbi k’ibihe bidashira kidashobora kurengana. Imipfunda yosuriranya, ariko ntishobora kuharenga; irashobora kubomborana, ariko ntishobora kurenga ako karimbi.
23 But this people has a stubborn and rebellious heart; they have turned aside and gone their own way. Ariko aba bantu bo bafise imitima ikomantaye kandi igarariza; bakikamiye hirya bigira ahandi.
24 They do not say in their hearts, 'Let us fear our Father, who gives the rain—the autumn and the spring rain in its season—who keeps for us the appointed weeks of the harvest.' Ntibibwira mu mitima bati: ‘Reka twubahe Uhoraho Imana yacu, aduha imvura y’agatasi n’iy’urushana ku gihe cayo, aduha amayinga meza yo kwimbura.’
25 "Your wrongdoings have turned these blessings away, and your sins have withheld the good from you. Ibibi vyanyu mwakoze ni vyo vyababujije kubironka; ivyaha vyanyu ni vyo vyababujije ivyiza.
26 For among my people are found wicked men; they lurk like fowlers lying in wait; they set a trap, and it is people they catch. Mu bantu banje harimwo abantu babi babunda nk’abatega inyoni nk’abantu batega imitego yo gufata abandi.
27 Like a cage full of birds, their houses are full of deceit; therefore they have grown great and rich. Kurya imitego yuzuramwo inyoni zafashwe, ni ko amazu yabo yuzuyemwo kugunga, babaye abatunzi b’abanyenkomezi
28 They have grown fat and sleek; they overflow with evil deeds. They do not defend the cause of the fatherless, that they might prosper, and the rights of the needy they do not uphold." kandi baravyibushe barasayangana. Ibikorwa vyabo bibi ntibigira akarimbi; ntibababara urubanza rw’impfuvyi ngo bazirenganure, ntibitaho urubanza rw’umukene.
29 Should I not punish them for these things? declares our Father. Should I not bring justice on a nation such as this? Mbega ivyo sinkwiye kubibahanira?” ni ko Uhoraho avuze. “Mbega sinkwiye kwihora ihanga rimeze gutyo?
30 "An appalling and horrible thing has happened in the land: Ikintu giteye ubwoba kandi kibabaje carabaye mu gihugu:
31 the prophets prophesy falsely, and the priests rule by their own authority; and my people love it so. But what will you do when the end comes?" abavugishwa bavugishwa ibinyoma, abaherezi baganzisha igikenye, kandi abantu banje barabinezerererwa. Ariko none kw’iherezo muzokora iki?
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]