Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 47 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "Step down, sit in the dust, virgin daughter of Babylon; sit on the bare ground, no throne, daughter of the Chaldeans. No longer will they call you tender and delicate. Manuka wicare mu mukungungu, yewe mukobwa w’i Babiloni, icara hasi, uve ku ntebe y’ubwami, wa gisagara we; mwamikazi w’Abakaludaya. Ntuzosubira kwitwa ko uteye igomwe canke ko uhimbaye.
2 "Take the millstones and grind flour; remove your veil, strip off your robe, bare your legs, wade through the rivers. Fata ingasiro usye uronke ifu; twikurura mu maso hawe. Duza ikanzu yawe, amaguru aboneke, kugira ngo ushobore kujabuka inzuzi.
3 Your nakedness will be uncovered, and your shame will be seen. I will bring justice, and I will spare no one." Ubwambure bwawe buzoja ahabona, maze umaramare. Nzokwihora, kandi nta n’umwe nzosigaza.
4 Our Redeemer—the Father of heaven's armies is his name—the Holy One of Israel, our Father. Umucunguzi wacu, Uhoraho Mushoboravyose ni ryo zina ryiwe, ni we Uwera wa Isirayeli.
5 Sit in silence, and go into darkness, daughter of the Babylonians; for you will no longer be called the queen of kingdoms. “Icara ucereze, uje mu mwijima, wa gisagara we, mwamikazi w’Abakaludaya; kuko utazongera kwitwa umwamikazi w’ubwami.
6 I was angry with my children; I defiled my inheritance and gave them into your hand. You showed them no mercy; you laid a very heavy yoke even on the elderly. Narakiye abantu banje, nsuzugura iragi ryanje; ndabarekurira mu maboko yawe, nawe ntiwabagirira n’imbabazi. N’abasaza bo muri bo, wabaremeka imitwaro iremereye.
7 You said, "I will be queen forever"—so you did not take these things to heart or remember how it would end. Waravuga uti: ‘Nzokwama nganza, nzoba umwamikazi ibihe vyose!’ Ariko ntiwigeze wiyumvira kuri vyo, ntiwigeze wibaza ku bizoba.
8 Now then, hear this, you lover of pleasures who sits securely, who says in her heart, "I am, and there is none besides me; I will never sit as a widow or know the loss of children." None rero niwumve ibi, yewe muntu ukunda kwinezereza, ukiyumvira ko uri ahantu hatekanye, ukibwira uti: ‘Ni jewe gusa, impande yanje nta wundi. Sinzokwigera mba umupfakazi, canke ngo mbure abana banje.’
9 But both these things will come upon you in a moment, in a single day: the loss of children and widowhood. They will come upon you in full measure, despite your many sorceries and the great power of your spells. Ivyo vyompi bizogushikira mu kanya gato, ndetse ku musi umwe: kubura abana no gupfakara. N’aho wujuje abapfumu n’abanyamareba, ivyo bizogushikako, bifise ububi bwavyo bwose.
10 You trusted your own evil; you said, 'Nobody sees me.' Your wisdom and knowledge misled you, so you thought, 'I alone am, and none exists besides me.' Wishimikije ububisha bwawe, wibwira uti: ‘Nta wumbona.’ Ubwenge bwawe n’ubumenyi bwawe vyarakuyobeje, aho wibwira uti: ‘Ndikwije, nta wundi nkeneye.’
11 So disaster will come upon you that you will not know how to charm away; calamity will fall on you that you cannot ward off; ruin will come upon you suddenly, before you know it. Ivyago bizokuzako, kandi ntuzomenya ingene uvyigobotoramwo. Amakuba azokugwako, kandi nta mpongano uzoronka ubitangira; ivyago bizogushikira giturumbuka, utanavyiteze.
12 Keep on, then, with your spells and your many sorceries that you have worked at since your youth. Perhaps you will succeed; perhaps you will cause terror. Nuko rero komeza ayo mareba yawe, wirundanirize abapfumu, ivyo watanguye ukiri umwana muto. Kumbure bizogira ico bikumarira, hagire abo utera ubwoba.
13 You are worn out by your many counsels. Let them stand up and save you—those who map the heavens, who gaze at the stars, who at each new moon predict what will come upon you. Inama zose bakugiriye zarakuruhije. Hamagara abapfumu bawe baragurisha ivy’inyenyeri baze, abazi kuraba inyenyeri bakubwira ibizoba ukwezi ku kwezi, baze bagukize ibigiye kugushikira.
14 See, they are like stubble; the fire burns them up. They cannot save themselves from the power of the flame. These are no coals for warming, no fire to sit beside. Ariko bazomera nk’umuguruka; umuriro uzobarigita. Ntibazoshobora kwikiza ububasha bw’imbeya z’umuriro. Uwo muriro ntuzoba ari amakara yo kwota, canke icotezo co kwicara i ruhande.
15 This is what they are to you—those you have worked and traded with since your youth. Each wanders off in his own direction; there is no one to save you. Uko ni ko abo waruhiye kuva kera bazokubera, n’abo mwadandazanya mugakorana uhereye mu buto bwawe: bose babandanya kugendera mu makosa yabo, nta n’umwe muri bo ashobora kugukiza.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]