Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 46 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Bel bows down, Nebo stoops low; their idols are loaded on beasts and cattle. The things you carry are hoisted up, a burden for the weary animals. Beli harapfukamye; Nebo harubamye hasi, ibigirwamana vyaho bihekwa n’ibikoko. Ibigirwamana vyahindutse umutwaro uremereye, umutwaro uvuna ibikoko biremerewe.
2 Together they stoop, they bow down; they cannot save themselves, and they go off into captivity. Ivyo bigirwamana birunama bikunamira hamwe, uretse ko izo mana zidashobora kwikingira, ahubwo zijanywe nk’iminyago.
3 "Listen to me, house of Jacob, all the remnant of the house of Israel—you whom I have carried from before your birth, lifted up from the womb. Nimunyumve yemwe abakomoka kuri Yakobo, namwe masigarira y’abantu ba Isirayeli, abo nahetse kuva mukivuka, nkabaterura kuva mukiva mu nda.
4 Even to your old age I am he, and to your gray hairs I will carry you. I made you, and I will bear you; I will carry you and I will rescue you. Mbere no gushika mu myaka yanyu y’ubusaza mukamera imvi, nguma ndi wa wundi, kandi nzoguma ndabashigikiye. Ni jewe nabaremye, no kubaterura nzobaterura, nzobashigikira kandi nzobarokora.
5 "To whom will you liken me or count me equal? To whom will you compare me, that we should be alike? Mbega mwongereranya na nde canke uwo mwovuga ko tungana ni nde? Ni nde mwibaza ko dusa ku buryo mwotugereranya?
6 Some pour out gold from the purse and weigh silver on the scale; they hire a goldsmith, and he makes it into a god—then they bow down, yes, they worship it. Bamwe bakura inzahabu mu masaho yabo, abandi bagapima ifeza zabo ku minzane; bagaca bahamagara umucuzi w’inzahabu agacuramwo imana, hanyuma bakayunamira bongera bayisenga.
7 They lift it on their shoulders and carry it; they set it in its place, and there it stands—from its spot it does not move. If anyone cries out to it, it cannot answer or save him from his trouble. Bakayiterura bakayishira ku bitugu, bakayijana, bakayihagarika mu kibanza bayiteguriye, ikaguma aho nyene. Aho bayiteretse ntihava. Naho umuntu yosemerera gute, ntiyitaba, ntimukiza amagorwa.
8 "Remember this and stand firm; take it to heart, you rebels. Nimwibuke ivyo, mubigumize mu mitwe, nimubishireko umutima mwa bagarariji mwe.
9 Remember the former things long past, for I am your Father, and there is no other; I am your Father, and there is none like me. Nimwibuke ibintu vya mbere; ivyabaye hakaba haciye igihe kirekire; ndi Imana, kandi nta yindi iriho. Ni jewe Mana, kandi nta yindi ingana nanje.
10 I declare the end from the beginning, and from ancient times what has not yet happened, saying, 'My purpose will stand, and I will accomplish everything I please.' Ibintu bikiri mu ntango menyesha iherezo ryavyo, mpereye mu bihe vya kera, menyesha ibizoba. Nkavuga nti: imigambi yanje izokomera, kandi nzokora ico nzoshaka cose.
11 I call a bird of prey from the east, the man who carries out my purpose from a far-off land. What I have spoken, I will bring about; what I have planned, I will do. Nzohamagara igisiga c’amerwe co mu buseruko; ari we mugabo azoza gushitsa imigambi yanje; ivyo navuze ko nzoshitsa, n’ivyo nateguye ko nzokora.
12 "Listen to me, you stubborn-hearted, you who are far from righteousness: Nimunyumve yemwe abafise imitima ikomantaye, yemwe abagerereye kure y’ukugororoka kwanje.
13 I am bringing my righteousness near—it is not far off—and my salvation will not delay. I will give salvation in Zion, my splendor to Israel." Negereje hafi ukugororoka kwanje, ntikuri kure na gatoya; kandi agakiza kanje ntikazoteba kuza. Nzoha agakiza Siyoni, Isirayeli ndayihe ubwiza bwanje.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]