Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 38 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In those days Hezekiah fell mortally ill. The prophet Isaiah son of Amoz came to him and said, "This is what our Father says: Put your house in order, for you will die; you will not recover." Muri iyo misi, Hezekiya aragwara, ashika ku mpfiro. Umuvugishwa Yesaya mwene Amozi aja kumuraba, amubwira ati: “Uhoraho avuze ngo: ‘Tunganya ivyo mu rugo rwawe, kuko ugiye gupfa, ntuzokira.’ ”
2 Then Hezekiah turned his face to the wall and prayed to our Father, Maze Hezekiya aca ahindukiriza amaso ku ruhome, asenga Uhoraho,
3 and said, "Please, my Father, remember how I walked faithfully before you with a whole heart, and did what was good in your eyes." Hezekiah wept bitterly. avuga ati: “Uhoraho we, ibuka ingene nagendeye imbere yawe mu bwizigirwa nkagukorera nguhaye umutima wanje wose, ngakora ivyo ubona ko ari vyiza mu nyonga zawe.” Hezekiya ararira cane.
4 Then the word of our Father came to Isaiah: Maze ijambo ry’Uhoraho riza kuri Yesaya,
5 "Go tell Hezekiah, 'This is what our Father says, the Father of your ancestor David: I have heard your prayer and seen your tears. I am adding fifteen years to your life.' riti: “Genda ubwire Hezekiya uti: uku ni ko Uhoraho, Imana ya sogokuruza Dawidi avuze: ‘Numvise ugusenga kwawe, kandi nabonye n’amarira yawe; ndakwongeye iyindi myaka cumi n’itanu yo kubaho.
6 I will rescue you and this city from the king of Assyria; I will defend this city. Kandi iki gisagara nzogikura mu maboko y’umwami w’i Ashuri. Iki gisagara nzokigwanira.
7 "This is your sign from our Father that he will do what he has promised: Iki ni co kimenyetso cemeza ko Uhoraho azoshitsa ivyo asezeranye:
8 Look, I'll turn back the shadow ten steps the sun has descended on Ahaz's stairway." So the sun turned back the ten steps it had gone down. Nzosubiza inyuma amatambwe cumi; igitutu cazanywe n’izuba, mpereye ku ngazi ya Ahazi.’ ” Ca gitutu gisubira inyuma amatambwe cumi.
9 A writing of Hezekiah king of Judah, after his illness and recovery: Aya ni yo majambo Hezekiya, umwami w’i Buyuda yanditse, amaze gukira ingwara yari agwaye.
10 I said, "In the middle of my days I must go through the gates of the grave; I am robbed of the rest of my years." Naravuze nti: “Nari ngeze hagati mu myaka y’ukubaho kwanje, none ngiye kwinjira mu marembo y’urupfu! Imyaka nari nsigaje kubaho ndayinyazwe.”
11 I said, "I will not see our Father himself in the land of the living; I will look on humanity no longer, among those who dwell in this passing world. Naravuze nti: “Sinzosubira kubona Uhoraho nkiri kw’isi y’abazima, sinzosubira kubonana n’abantu, canke ngo mbane n’ababa muri iyi si.
12 My dwelling is pulled up and carried off from me like a shepherd's tent. I have rolled up my life like a weaver; he cuts me off from the loom; from day to night you bring me to an end. Ubuzima bwanje bunkuweko, nk’ihema ry’umwungere rigururwa n’umuyaga. Ubuzima bwanje ndabuzinze nk’uko umujishi azinga impuzu, agira acacurire ku kijishiro. Imbere y’uko bwira, uzoba wancacuye.
13 I waited quietly until morning, but like a lion he breaks all my bones; from day to night you bring me to an end. Narindiriye nihanganye gushika mu bucagucagu, ariko uvunagura amagufa yanje yose nk’intare; imbere y’uko bwira, uzoba wandangije.
14 Like a swift or a crane I chirp; I moan like a dove. My eyes grow weary looking upward. O Sovereign Father, I am hard-pressed; be my guarantee of safety!" Mvuza induru ingana n’iy’intamba, mboroga nk’inuma. Amaso yanje aruhishwa no kurangamiza mw’ijuru ndagutakira. Ewe Mana, ntabara unkize.”
15 What can I say? He has spoken to me, and he himself has done it. I will walk slowly all my years because of the bitterness of my soul. Mvuge iki kindi? Yavuganye nanje, kandi ni yo nyene yakoze ibi. Nzogenda niyoroheje imyaka yanje yose, ku bw’umubabaro uri mu mutima wanje.
16 O Sovereign Father, by such things people live, and in all of them is the life of my spirit. So restore me to health and let me live! Ewe Mana, ibi ni vyo bibeshaho abantu, kandi impwemu yanje ni ho ironkera ubugingo. Wansubije amagara, unyemerera kubaho.
17 Surely it was for my own good that I suffered such bitterness. In your love you held back my life from the pit of destruction, for you have thrown all my sins behind your back. Koko, vyari bibereye ko nca muri iyo mibabaro. Mu rukundo rwawe, ntiwemeye ko nja mu rwobo rwo kurandurwa, ivyaha vyanje vyose, wabisize inyuma yawe.
18 For the grave cannot praise you; death cannot sing your praise. Those who go down to the pit cannot hope for your faithfulness. Kuko abari mu mva badashobora kugutazira, kandi abapfuye badashobora kukuririmbira ishimwe; abamanuka epfo i kuzimu ntibaba bacizera ubwizigirwa bwawe.
19 The living, the living—they praise you, as I do this day; the father makes your faithfulness known to the children. Abazima bonyene ni bo bashobora kugutazira nk’uko ndiko ndabikora uwu musi. Abavyeyi biganira abana babo ivy’ubwizigirwa bwawe.
20 Our Father will save me, and we will play my songs on stringed instruments all the days of our lives, in the house of our Father. Uhoraho, ni wewe uzonkiza, nanje nzokuririmbira ishimwe, ngucurarangire inanga ibihe vyose, ndi mu Ngoro y’Uhoraho.
21 Isaiah had said, "Let them take a fig cake, apply it to the boil, and he'll recover." Yesaya yari yavuze ati: “Nimutegure akarobe kabumvye mu nsukoni, mugatembagaze ku kivyimba, aca akira.”
22 Hezekiah had asked, "What is the sign that I will go up to the house of our Father?" Hezekiya abaza ati: “Ni ikihe kimenyetso cemeza ko nzosubira kuduga mu Ngoro y’Uhoraho?”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]