Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 37 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When King Hezekiah heard it, he tore his clothes, put on mourning clothes, and went into the house of our Father. Umwami Hezekiya avyumvise yitaburirako impuzu, yambara amagunira, aja mu Ngoro y’Uhoraho.
2 He sent Eliakim the palace administrator, Shebna the scribe, and senior priests in sackcloth to the prophet Isaiah son of Amoz. Aca arungika Eliyakimu umukuru w’ikirimba, Shebuna umunyamabanga hamwe n’abaherezi bakurira abandi, baja kuraba umuvugishwa Yesaya mwene Amozi, kandi bose bagenda bambaye amagunira.
3 They told him, "Hezekiah says: Today is a day of distress, reproof, and contempt. Children have come to birth, but no strength to deliver them. Baramubwira bati: “Umwami Hezekiya avuze ati: Uwu ni umusi w’amagorwa, ibihano n’ibiteterwe, tumeze nka kurya umwana ageze kuvuka ariko nyina akabura inkomezi zo kumuvyara.
4 Perhaps your Father will hear the words of the Rabshakeh, whom his master the king of Assyria sent to mock the living Father, and will rebuke the words he heard. So lift up a prayer for the surviving remnant." Kumbure Uhoraho Imana yawe yokwumva amajambo y’uwo mukuru w’ingabo, ayo yarungikanywe na shebuja umwami w’i Ashuri, yo gucokora Imana nzima; maze Uhoraho Imana yawe akabimuhanira. None rero udusengere twebwe abagisigaye.”
5 When the servants of King Hezekiah came to Isaiah, Abatware b’umwami Hezekiya baja kwa Yesaya,
6 Isaiah told them, "Tell your master: our Father says: Don't fear the words you heard, with which the king of Assyria's servants insulted me. na we aca ababwira ati: “Gende mubwire shobuja muti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Ntimugire ubwoba kubera ivyo mwumvise, ari yo majambo yo kuntuka y’umwami w’i Ashuri.
7 Look, I will put a spirit in him, so he hears a report, returns to his own land, and there I will make him fall by the sword." Umviriza! Ngiye kumushiramwo impwemu izotuma yumva inkuru z’ibihuha, azoca afata ingingo yo gusubira mu gihugu ciwe, aho nzotuma yicwa n’inkota.’ ”
8 The Rabshakeh returned and found the Assyrian king fighting Libnah, having heard the king had left Lachish. Wa mukuru w’ingabo yumvise ko umwami w’i Ashuri yavuye i Lakishi, aca ahamagara ingabo ziwe baja kuraba umwami, basanga ariko agwanira i Libuna.
9 The king heard about Tirhakah king of Cush: "He has come out to fight you." Hearing this, he sent messengers to Hezekiah: Ico gihe nyene Senakeribu aca aronka inkuru zimubwira ko Tiruhaka umwami wa Etiyopiya azananye n’ingabo ziwe baje kumutera. Imbere yo gusubira inyuma, asigira ubutumwa Hezekiya, avuga ati:
10 "Tell Hezekiah king of Judah: Don't let the God you trust deceive you, saying, 'Jerusalem won't fall to Assyria's king.' “Mubwire Hezekiya umwami w’i Buyuda muti: Iyo Mana wishimiye ntiguhende ngo izobuza ko Yerusalemu hafatwa n’umwami w’i Ashuri.
11 You have heard what the kings of Assyria did to all lands, destroying them completely. And you—will you be rescued? Ndazi ko wumvise ivyo abami b’i Ashuri bakoreye ayandi mahanga, ingene babaranduye bakabamara. None wibaza ko wewe uzorokoka?
12 Did the nations' gods rescue those my fathers destroyed: Gozan, Haran, Rezeph, and Eden's people in Telassar? Mbega imana z’ayo mahanga yatikijwe na ba sogokuruza zarayakingiye? Za mana za Gozani, Harani, Rezefu n’abantu bo muri Edeni baba i Teli Asari, zarashoboye kubakiza?
13 Where is the king of Hamath, the king of Arpad, the king of Sepharvaim, Hena, and Ivvah?" Mbega umwami w’i Hamati ari hehe canke umwami w’i Arupadi? Abami b’ibisagara vya Sefaruvayimu, Hena na Iwa bari hehe?”
14 Hezekiah took the letter from the messengers, read it, went up to our Father's house, and spread it out before our Father. Maze Hezekiya yakira ikete ahawe n’intumwa ararisoma, aca aduga mu Ngoro y’Uhoraho, arizingururira imbere y’Uhoraho.
15 And Hezekiah prayed to our Father, saying: Asenga Uhoraho avuga ati:
16 "Father of heaven's armies, the Father of Israel, enthroned above the cherubim—you alone are our Father over all earth's kingdoms; you made the heavens and the earth. “Uhoraho Mushoboravyose, Mana ya Isirayeli, wewe wicaye ku ntebe y’inganji hagati y’abakerubi, ni wewe Mana wenyene mu bwami bwose bwo kw’isi. Ni wewe waremye ijuru n’isi.
17 Bend down, our Father, and hear; open your eyes, our Father, and see; hear all Sennacherib's words sent to mock the living Father. Tega ugutwi Mana yanje, wumve. Utereze inyonga zawe urabe, ewe Uhoraho; wumve amajambo Senakeribu yarungitse yo gucokora Imana nzima.
18 True, our Father, the kings of Assyria have destroyed all the nations and their lands, Uhoraho we, ni ivy’ukuri ko abami b’i Ashuri batikije ayo moko yose n’ibihugu vyayo.
19 and threw their gods into the fire—not gods but work of human hands, wood and stone; so they destroyed them. Bataye imana zabo mu muriro barazitikiza, kuko zitari imana, vyari ibiti n’amabuye, vyakozwe n’amaboko y’abana b’abantu.
20 Now, our Father, save us from his hand, so all earth's kingdoms may know you alone are our Father." None rero Uhoraho Mana yacu, dukize udukure mu maboko yiwe, kugira ngo ubwami bwose bwo kw’isi buzomenye ko wewe wenyene, Uhoraho, ari wewe Mana.”
21 Then Isaiah son of Amoz sent to Hezekiah: This is what the Father of Israel says: Because you prayed to me about Sennacherib king of Assyria, Yesaya mwene Amozi arungikira ubutumwa Hezekiya avuga ati: “Uku ni ko Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze: Numvise ugusenga kwawe ku vyerekeye Senakeribu umwami w’i Ashuri.
22 this is the word that our Father has spoken against him: "She despises you, she scorns you—the virgin daughter of Zion; behind you she shakes her head—the daughter of Jerusalem. Aya ni yo majambo Uhoraho amurungikiye: Umukobwa w’i Siyoni aragukengereye kandi aragutwenze. Umukobwa w’i Yerusalemu akuzungurije umutwe akuraba ingene uhunga.
23 Whom have you mocked and reviled? Against whom have you raised your voice and lifted your eyes in pride? Against the Holy One of Israel! Mbega wibaza ko uwo watutse ukongera ukamucokora ari nde? Ni nde warengeje urwamo, ukamurabisha amaso yawe y’agakengerwe? Ni Uwera wa Isirayeli.
24 By your servants you have mocked the Sovereign Father, and you have said, 'With my many chariots I have gone up to the heights of the mountains, to the far reaches of Lebanon. I cut down its tallest cedars, its choicest cypresses; I came to its remotest height, its densest forest. Watumye intumwa zawe ziza kuntuka jewe Imana. Uravuga uti: ‘Naduganye imikogote yanje myinshi nshika hejuru ku misozi, ndetse nshika no kw’isonga rya Libani. Niciye amasederi asumvya ayandi uburebure, n’ubujwari busumvya ubundi ubwiza. Narahagendagenze nshika no mu bibanza vyaho vya kure, ngenzura n’amashamba yaho atotahaye cane.
25 I dug wells and drank water; with the sole of my foot I dried up all the streams of Egypt.' Nimvye amariba mu yandi mahanga, nywa n’amazi yaho. Mponyangisha ibirenge vyanje inzuzi za Egiputa, gushika aho zikama.’
26 Have you not heard? Long ago I did it; from days of old I planned it. Now I have made it happen, that you should turn fortified cities into heaps of ruins. Mbega ntiwari bwavyumve? Ivyo vyose ni jewe nagenye ko bizoba kuva kera. Nabiteguye kera cane, none ubu ndabishikije, ntuma ufata ibisagara bifise inzitiro zikomeye ubihindura ibirundo vy’amabuye.
27 Their inhabitants, stripped of their strength, were dismayed and put to shame; they were like plants of the field, like tender grass, like grass on the rooftops, withered before it can grow. Abantu bo muri vyo wabamaze amanyama, bacika ivutu, baramaramara. Bameze nk’ivyatsi vyo mu gahinga, nk’ubwatsi bukimera. Bameze nk’utwatsi twimeza ku nzu hejuru, dukabirana tutarakura.
28 But I know when you sit down, when you go out, and when you come in, and when you rage against me. Ariko ndakuzi neza, ndazi aho uri, ndazi amaja n’amaza yawe; ndazi n’ingene wandakiye.
29 Because you rage against me, and your arrogance has reached my ears, I will put my hook in your nose and my bridle in your mouth, and I will turn you back by the way you came. None rero ko wandakiye, amajambo yawe atagira indero agashika mu matwi yanje, nzogutungira igera mu zuru, ndagushire umunyororo mu kanwa, ndagusubize inyuma, uciye mu nzira wazananye.
30 "This is your sign: this year you'll eat what grows on its own, the second year what springs from that, the third year sow and reap, plant vineyards and eat their fruit. Yewe Hezekiya, iki ni co kimenyetso uhawe: Uwu mwaka uzorya ivyimejeje, umwaka ukurikira uzorya ibizonaga kuri vyo. Ariko ku mwaka ugira gatatu, uzobiba wimbure, utere imizabibu, urye ku vyamwa vyayo.
31 And the surviving remnant of the house of Judah will again take root downward and bear fruit upward. Nayo amasigarira y’abacitse kw’icumu yo mu muryango wa Yuda azokwongera amere nk’igiti gishora imizi mu kuzimu, maze hejuru amashami na yo akama ivyamwa.
32 For out of Jerusalem will go a remnant, and out of Mount Zion a band of survivors. The zeal of the Father of heaven's armies will accomplish this. Kuko i Yerusalemu hazokwamuka amasigarira, no ku musozi Siyoni have abacitse kw’icumu. Ishaka ry’Uhoraho Mushoboravyose ni ryo rizoshitsa ivyo.
33 So our Father says about Assyria's king: He will not enter this city or shoot an arrow here, confront it with a shield, or build a siege ramp against it. Ku bw’ivyo, uku ni ko, Uhoraho avuze ku mwami w’i Ashuri: Ntazokwinjira mu gisagara c’i Yerusalemu canke ngo araseyo umwampi. Ntazokwegera inzitiro yitwaje inkinzo yiwe, canke ngo azubakeko ivyo kwuririrako ngo ahatere.
34 He will return the way he came; he will not come into this city, declares our Father. Inzira yazananye ni yo izomusubiza inyuma; ntazokwinjira iki gisagara,” ni ko Uhoraho avuze.
35 For I will defend this city to save it, for my own sake and for the sake of David my servant." “Nzogwanira iki gisagara ndakirokore, ku bwanje no ku bw’umusavyi wanje Dawidi.”
36 Then our Father's messenger went out and struck down 185,000 in the Assyrian camp; when people rose early in the morning, there were dead bodies everywhere. Maze umumarayika w’Uhoraho araza, atera insago z’Abashuri, yica ingabo ibihumbi ijana na mirongo umunani na bitanu. Abantu bavyutse mu gitondo basanga imivyimba irambikanze ahantu hose.
37 So Sennacherib king of Assyria broke camp and went home, and he stayed at Nineveh. Maze Senakeribu umwami w’i Ashuri aca asubira inyuma, aja kuba i Ninewe agumayo.
38 As he worshiped in the temple of his god Nisroch, his sons Adrammelech and Sharezer struck him with the sword and fled to Ararat. His son Esarhaddon ruled in his place. Umusi umwe, Senakeribu ari mu ngoro ya Nisuroki imana yiwe ariko arasenga, abahungu biwe Adurameleki na Sharezeri baraza bamwicisha inkota, bahungira mu gihugu c’i Ararati. Umuhungu wiwe Esaruhadoni aca amusubirira ku ngoma.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]