Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 36 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In King Hezekiah's fourteenth year, Sennacherib king of Assyria attacked all Judah's fortified cities and captured them. Mu mwaka ugira icumi na kane umwami Hezekiya ari ku ngoma, Senakeribu umwami w’i Ashuri atera ibisagara bizitijwe inzitiro z’amabuye vyose vy’i Buyuda, arabifata.
2 The king of Assyria sent the Rabshakeh with a great army from Lachish to Jerusalem, to King Hezekiah. He stood at the upper pool's aqueduct, on the road to the Launderer's Field. Maze umwami w’i Ashuri arungika umukuru w’ikambi n’ingabo nyinshi cane, bava i Lakishi baja i Yerusalemu aho umwami Hezekiya yari ari. Maze uwo mukuru ageze ku mugende utwara amazi mu rugomero rwo haruguru, kw’ibarabara rija kw’Itongo ry’Umumesuzi, ahagararaho.
3 Eliakim son of Hilkiah, palace administrator, Shebna the scribe, and Joah son of Asaph the recorder came out to him. Eliyakimu mwene Hilukiya umukuru w’ikirimba, na Shebuna umunyamabanga w’umwami, na Yowa mwene Asafu umwanditsi, baba ari bo baja guhura na we.
4 The Rabshakeh told them, "Tell Hezekiah: The great king, the king of Assyria, says this: What is this confidence you trust in? Maze umukuru w’ingabo za Ashuri ababwira ati: “Mubwire Hezekiya muti: ‘Umwami ahambaye, ari we mwami w’i Ashuri avuze ngo: Mbega wishimirije iki?
5 You say you have counsel and strength for war—but that's only talk. Now, whom do you trust, that you've rebelled against me? Uvuga ngo ufise ubuhinga bwo kugwana ukagira n’ingabo nyinshi; ariko ivyo ni amajambo gusa ata co amaze. Mbe wishimirije nde yotuma ungarariza?
6 Look, you trust in this crushed reed staff—Egypt—that will pierce your hand and go right through it if you lean on it. So is Pharaoh king of Egypt to all who trust in him. Mbega wishimiye Egiputa? Rirya renga rivunitse ricumita mu kiganza uwo wese aryishimikije! Uko ni ko Farawo umwami wa Egiputa ameze ku bamwizigira bose.
7 If you tell me, 'We trust in the LORD our God'—isn't he the one whose high places and altars Hezekiah removed, telling Judah and Jerusalem, 'You must worship before this altar'? Niwaba na ho ugira uti: “Twishimikije Uhoraho Imana yacu,” mbega si wewe nyene Hezekiya wayisamburiye ibibanza vyo gusengeramwo vyo ku misozi hamwe n’ibicaniro, ukabwira Ubuyuda na Yerusalemu uti: “Muzohora musengera imbere y’iki gicaniro honyene”?
8 So make a bet with my master, the king of Assyria: I'll give you 2,000 horses—if you can put riders on them. None rero, ingo muhige na databuja, umwami w’i Ashuri. Nanje ndaguha amafarasi ibihumbi bibiri, nimba unafise abashobora kuyagenderako!
9 How then can you turn back one officer, even the least of my master's servants, when you trust Egypt for chariots and horsemen? Mbega none wewe, woshobora gute kwirukana intwazangabo naho yoba ari imwe yo mu ngabo za databuja zo hanyuma y’izindi, naho wozanana n’imikogote n’abagwanira ku mafarasi b’Abanyegiputa?
10 Now, did I come up against this land to destroy it without the LORD? The LORD told me: Go up against this land and destroy it." Turetse n’ivyo, mbe wibaza ko twaje gutera no gusambura iki gihugu, ata co Uhoraho yatubwiye? Uhoraho ubwiwe ni we yambwiye kuza gutera iki gihugu no kugisangangura.’ ”
11 Then Eliakim, Shebna, and Joah told the Rabshakeh, "Please speak Aramaic to your servants, since we understand it. Don't speak Judean to us within earshot of the people on the wall." Maze Eliyakimu, Shebuna na Yowa babwira uwo mukuru bati: “Turakwinginze twebwe abasavyi bawe utubwire mu Carameya, kuko tucumva. Ntubandanye uvuga mu Giheburayo abantu bose bari ku ruzitiro bavyumva.”
12 The Rabshakeh replied, "Did my master send me to say this to your master and you, not the men sitting on the wall, who must eat their own dung and drink their own urine with you?" Ariko uwo mukuru w’ingabo abishura ati: “Mbega mwibaza ko databuja yarungikiye ubutumwa shobuja wenyene? N’abo bari ku ruzitiro nibavyumve kuko nimutishikana, tuzobugariza mwicwe n’inzara n’inyota gushika aho murya umwanda mukuru wanyu, munywe n’umwanda mutoya wanyu.”
13 Then the Rabshakeh stood and shouted in Judean, "Hear the words of the great king, the king of Assyria! Maze uwo mukuru w’ingabo arahaguruka avuga n’ijwi rirenga mu Giheburayo ati: “Nimwumve amajambo y’umwami ahambaye, ari we mwami w’i Ashuri!
14 The king says: Don't let Hezekiah deceive you; he cannot rescue you. Avuze ngo: Ntimwemere ko Hezekiya abahenda. Ntashobora kubakiza na gatoya.
15 Don't let Hezekiah make you trust in the LORD, saying, 'The LORD will surely rescue us; this city won't fall to Assyria's king.' Ntahave abahenda ngo mwizere Uhoraho ababwira ngo: ‘Uhoraho azodukiza, ntazokwemera ko iki gisagara kigwa mu maboko y’umwami w’i Ashuri.’
16 Don't listen to Hezekiah. This is what the king of Assyria says: Make peace with me and come out to me. Each of you will eat from his own vine and his own fig tree, and each of you will drink water from his own well, Ntimwumvirize Hezekiya. Ibi ni vyo umwami w’i Ashuri abamenyesheje: Nimurondere amahoro mu kwishikana iwanje. Ni ho umwe wese muri mwebwe azorya ku nzabibu no ku nsukoni ziwe, akanywa no ku mazi y’iriba ryiwe,
17 until I come and take you to a land like your land, a land of grain and new wine, a land of bread and vineyards. gushika aho nzobatwarira mu gihugu kimeze nk’iki c’iwanyu, igihugu kirimwo ingano n’umuvinyu mushasha, igihugu cuzuye indya n’imizabibu.
18 Don't let Hezekiah deceive you by saying, 'The LORD will rescue us.' Has any nation's god rescued its land from the king of Assyria's hand? Ntimwemere ko Hezekiya abazimiza, niyababwira ati: ‘Uhoraho azoturokora.’ Mbega hari imana z’ihanga na rimwe zigeze zirokora igihugu cazo mu kuboko kw’umwami w’i Ashuri?
19 Where are gods of Hamath and Arpad? Where are gods of Sepharvaim? Have they rescued Samaria from my hand? Mbega imana z’i Hamati n’i Arupadi ziri hehe? Iz’i Sefaruvayimu ziri hehe? Mbega zarakijije Samariya mu maboko yanje?
20 Which of all these lands' gods rescued their land from my hand, that the LORD should rescue Jerusalem from my hand?" Mbega mu mana zose z’ivyo bihugu, ni izihe zashoboye kubikiza ukuboko kwanje? None Uhoraho ni we yokiza Yerusalemu mu maboko yanje?”
21 They stayed silent, answered him not a word—the king's command was, "Don't answer him." Ariko abari ngaho baguma banumye, ntihagira ico bishura, kuko umwami yari yabihanikirije ati: “Ntihagire na kimwe mumwishura.”
22 Then Eliakim son of Hilkiah, palace administrator, Shebna the scribe, and Joah son of Asaph, the recorder, came to Hezekiah with torn clothes and reported the Rabshakeh's words. Maze Eliyakimu mwene Hilukiya uwari ajejwe ikirimba, na Shebuna umunyamabanga, hamwe na Yowa mwene Asafu umwanditsi, basubira kwa Hezekiya, bitaburiyeko impuzu, bamubwira ivyo wa mukuru w’ingabo yavuze vyose.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]