Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 39 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 At that time Merodach-baladan son of Baladan, king of Babylon, sent letters and a gift to Hezekiah, having heard he had been sick and recovered. Muri ico gihe nyene, Merodaki-Baladani mwene Baladani, umwami w’i Babiloni, arungikira Hezekiya amakete yo kumusuhuza hamwe n’utuganuke, kuko yari yumvise ivyo kugwara no gukira kwiwe.
2 Hezekiah gladly received them and showed them his treasure house—the silver, gold, spices, fine oil, his whole armory, all in his storehouses. Nothing in his house or kingdom did Hezekiah not show them. Hezekiya yakira neza abazanye ubwo butumwa, abereka mu nzu hose n’ivyari mu bubiko vyose: ifeza, inzahabu, ibimota neza, amavuta, abereka n’imyambaro y’intambara, hamwe n’ibindi vyose vyari mu bubiko bwiwe. Nta na kimwe cari ku kirimba canke mu bwami bwose ataberetse.
3 Then Isaiah the prophet came to King Hezekiah and asked, "What did these men say, and where did they come from?" Hezekiah said, "From a distant land, from Babylon." Umuvugishwa Yesaya aragenda abaza umwami Hezekiya ati: “Abo bantu bakubwiye iki, kandi baje bava he?” Hezekiya amwishura ati: “Baje iwanje bavuye mu gihugu ca kure; baje bava i Babiloni.”
4 He asked, "What have they seen in your house?" Hezekiah answered, "They saw everything in my house. Nothing in my storehouses I didn't show them." Yesaya aramubaza ati: “Babonye iki ku kirimba iwawe?” Hezekiya amwishura ati: “Babonye ibintu vyose biri mu ngoro yanje. Nta na kimwe c’ubutunzi bwanje ntaberetse.”
5 Then Isaiah said to Hezekiah, "Hear the word of the Father of heaven's armies: Yesaya abwira Hezekiya ati: “Niwumve ijambo ry’Uhoraho Mushoboravyose:
6 The days are coming when everything in your house, all your ancestors stored up to now, will be carried to Babylon. Nothing will be left, says our Father. Hazogera igihe aho ibiri muri iyi ngoro vyose, ivyo ba sogokuruza bawe begeranije gushika uwu musi, bizotwarwa i Babiloni. Nta na kimwe kizosigara, ni ko Uhoraho avuze.
7 Some of your own sons, your own offspring, will be taken to serve as officials in the palace of the king of Babylon." Kandi bamwe bo mu ruvyaro rwawe, abana bawe bwite, bazogukomokako, bazotwarwa, bagirwe inkone ku kirimba c’umwami w’i Babiloni.”
8 Then Hezekiah told Isaiah, "The word of our Father you have spoken is good." For he thought, "There will be peace and security in my lifetime." Hezekiya amwishura ati: “Ijambo ry’Uhoraho uvuze ni ryiza.” Aho rero ni kubera yibwira mu mutima ati: “Kazima mu gihe nzoba nkiriho hazoba hari amahoro.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]