Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 39 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Intumwa zavuye i Babiloni

1Muri ico gihe nyene, Merodaki-Baladani mwene Baladani, umwami w’i Babiloni, arungikira Hezekiya amakete yo kumusuhuza hamwe n’utuganuke, kuko yari yumvise ivyo kugwara no gukira kwiwe. 2Hezekiya yakira neza abazanye ubwo butumwa, abereka mu nzu hose n’ivyari mu bubiko vyose: ifeza, inzahabu, ibimota neza, amavuta, abereka n’imyambaro y’intambara, hamwe n’ibindi vyose vyari mu bubiko bwiwe. Nta na kimwe cari ku kirimba canke mu bwami bwose ataberetse.

3Umuvugishwa Yesaya aragenda abaza umwami Hezekiya ati: “Abo bantu bakubwiye iki, kandi baje bava he?” Hezekiya amwishura ati: “Baje iwanje bavuye mu gihugu ca kure; baje bava i Babiloni.”

4Yesaya aramubaza ati: “Babonye iki ku kirimba iwawe?” Hezekiya amwishura ati: “Babonye ibintu vyose biri mu ngoro yanje. Nta na kimwe c’ubutunzi bwanje ntaberetse.”

5Yesaya abwira Hezekiya ati: “Niwumve ijambo ry’Uhoraho Mushoboravyose: 6Hazogera igihe aho ibiri muri iyi ngoro vyose, ivyo ba sogokuruza bawe begeranije gushika uwu musi, bizotwarwa i Babiloni. Nta na kimwe kizosigara, ni ko Uhoraho avuze. 7Kandi bamwe bo mu ruvyaro rwawe, abana bawe bwite, bazogukomokako, bazotwarwa, bagirwe inkone ku kirimba c’umwami w’i Babiloni.”

8Hezekiya amwishura ati: “Ijambo ry’Uhoraho uvuze ni ryiza.” Aho rero ni kubera yibwira mu mutima ati: “Kazima mu gihe nzoba nkiriho hazoba hari amahoro.”

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]