Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 27 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In that day our Father will punish, with his fierce, great, mighty sword, Leviathan the fleeing serpent—Leviathan the twisting serpent—and he will slay the sea monster. Kuri uwo musi Uhoraho azohanisha inkota yiwe, inkota yiwe ikarishe, nini kandi y’ubushobozi, agwanye Leviyatani ca kiyoka kinyaruka, Leviyatani ca kiyoka cigonyonzora; azokwica ca gisizimwe co mu kiyaga.
2 In that day—sing of it: a pleasant vineyard! Kuri uwo musi, tuzotera indirimbo, turirimbira uruzabibu rwamye cane.
3 "I, your Father, am its keeper; moment by moment I water it. So that no one can harm it, I guard it night and day. Jewe Uhoraho ni jewe ndarurinda, nkama ndaruvomera ubudasiba, ndarurinda ijoro n’umurango, kugira ngo ntihagire ikirwonona.
4 I am not angry. If only there were briers and thorns to confront me in battle, I would march against them, I would burn them all together. Sinkirushavuriye! Ariko ninarusangamwo imibambangwe n’amahwa, nzoja kubitera ndabigwanye nzobituririra hamwe;
5 Or let them take hold of my protection, let them make peace with me—yes, let them make peace with me." kiretse bimpungiyeko, tugahana isezerano ry’amahoro. Ni ukuri, nibize duhane isezerano ry’amahoro.
6 In days to come Jacob will take root, Israel will blossom and bud and fill the whole world with fruit. Mu misi iza, uruvyaro rwa Yakobo ruzoshinga imizi, Isirayeli azoshurika kandi azokwiza ivyamwa isi yose.
7 Has he struck them down as he struck those who struck them? Or were they slain as their slayers were slain? Mbega Uhoraho yarakubise Isirayeli nk’uko yakubise abamukubise? Canke yaramwishe nk’uko yishe abamwishe?
8 By driving her away, by sending her into exile, you contended with her; he removed her with his fierce blast when the east wind blew. Oya, ahubwo yamuhanye buhoro mu kumwirukana mu gihugu. Yamwirukanye mu gihuhusi gikomeye, nko ku musi umuyaga wo mu buseruko uhuhutirako.
9 So by this the guilt of Jacob will be atoned for, and this will be the full fruit of taking away his sin: when he makes all the altar stones like crushed chalk, no Asherah poles or incense altars will be left standing. Ng’ibi ibizotuma ivyaha vya Yakobo bitwikirwa, kandi ibi ni vyo vyamwa vy’uko ivyaha vyiwe vyakuweho: Amabuye yose yubatse ibicaniro vy’ibigirwamana azoyamenagura acike umukungugu, nta nkingi za Ashera canke ibicaniro vyo guturirirako ibimota neza bizosigara bihagaze muri Isirayeli.
10 The fortified city stands alone, a homestead deserted and abandoned like the wilderness; there the calf grazes, there it lies down and strips its branches bare. Ibisagara bizitiriwe bizosigara ari imisaka, ari agahinga kahebwe, hameze nk’ubugaragwa. Inyana ni ho zizorisha, ziharyame, zirishe ku mashami yaho.
11 When its branches dry out, they are broken off; women come and light fires with them. For this is a people without understanding; therefore their Maker shows them no compassion, and the One who formed them shows them no favor. Amashami yaho niyuma azovunagurika, abagore bayasenye baje kuyacana. Kuko ubu bwoko ntibugira ugutahura, ni co gituma Umuremyi wabo ata mbabazi abugirira, Imana yabaremye ntibagirira impuhwe.
12 In that day our Father will thresh from the Euphrates to the Brook of Egypt, and you will be gathered one by one, children of Israel. Kuri uwo musi, Uhoraho azosekura ingano, kuva ku ruzi Efutate kugeza ku mugezi wa Egiputa. Namwe Bisirayeli, muzokwegeranywa umwumwe.
13 On that day a great trumpet will sound, and those dying in the land of Assyria and those driven out to the land of Egypt will come and worship our Father on the holy mountain in Jerusalem. Uwo musi inzamba nini izovuzwa. Abariko barahonera muri Ashuri n’abari barajanywe ari inyagano muri Egiputa bazoza guhimbariza Uhoraho ku musozi wera i Yerusalemu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]