Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Exodus 11 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Our Father said to Moses, "One more plague I will bring on Pharaoh and on Egypt. After that he will send you out from here; when he does, he will drive you out completely. Uhoraho abarira Mose ati: “Ngira ntere Farawo n’igihugu ca Egiputa ikindi cago. Hanyuma y’ivyo, azoca abareka mugende muve hano, kandi niyabikora azobirukana burundu.
2 Tell the people: let each man ask his neighbor, each woman her neighbor, for silver and gold objects." Bwira abantu bose, abagabo n’abagore, basabe ababanyi babo utugenegene ducuzwe mw’ifeza no mu nzahabu.”
3 And our Father gave the people favor with the Egyptians. Moreover, Moses himself was very great in the land of Egypt, in the eyes of Pharaoh's servants and the people. Maze Uhoraho aha Abisirayeli kugira ikiganza ciza ku Banyegiputa, Farawo n’abatware n’abantu biwe bose babona Mose nk’uwuhambaye mu gihugu ca Egiputa.
4 Moses said, "This is what our Father says: Around midnight I will go through Egypt, Nuko Mose avuga ati: “Uhoraho avuze ngo: ‘Mu gicugu ndaza guca muri Egiputa hose.
5 "and every firstborn in the land of Egypt will die, from Pharaoh's firstborn who sits on his throne to the slave girl's firstborn behind the millstones, and every firstborn animal. Abana b’abahungu b’imfura bose bazopfa, uherereye ku mfura ya Farawo ari ku ngoma, ugashika ku mfura z’abaguranokazi bari inyuma y’abandi, ndetse n’ibitungwa vyavutse ubwa mbere na vyo nyene.
6 A great cry will fill all the land of Egypt, unlike any before or since. Hazoba amarira menshi atari bwigere aba muri Egiputa, kandi ntayazosubira kubaho ameze nka yo.
7 But not even a dog will growl at any of Israel's people, man or animal, so you'll know our Father distinguishes Egypt from Israel. Ariko mu Bisirayeli, hazoba hatekanye, nta n’imbwa izokuga. Ni ho muzomenya ko Uhoraho yashizeho itandukaniro hagati ya Egiputa na Isirayeli.
8 All these servants of yours will come down to me, bow before me, and say, 'Go, you and all the people who follow you.' After that I will go out." Then Moses left Pharaoh in burning anger. Abatware bawe bose bazoza imbere yanje banyunamire, bavuga bati nimugende mwe n’abantu banyu! Aho ni ho nzobona kugenda.’ ” Maze Mose ava imbere ya Farawo yuzuye uburake bwinshi.
9 Our Father said to Moses, "Pharaoh will not listen to you, so my wonders multiply in the land of Egypt." Uhoraho abarira Mose ati: “Farawo ntazokwumvira, kugira ngo ibitangaza vyanje bigwire muri Egiputa.”
10 Moses and Aaron performed all these wonders before Pharaoh, but our Father hardened Pharaoh's heart, and he refused to send the Israelites from his land. Mose na Aroni bakoreye ivyo bitangaza vyose imbere ya Farawo, ariko Uhoraho akomantaza umutima wa Farawo, ntiyareka Abisirayeli ngo bave mu gihugu ciwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]