Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Exodus 10 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then our Father told Moses, "Go to Pharaoh, for I hardened his heart and his servants' hearts, to put my signs among them. Uhoraho abarira Mose ati: “Subira uje kwa Farawo, kuko nakomantaje umutima wiwe n’uw’abatware biwe, kugira ngo mbashe kwerekana ibimenyetso n’ibitangaza vyanje
2 Tell your son and grandson how I mocked the Egyptians and set my signs among them, so you know I am your Father." kandi kugira ngo muzobwire abana n’abuzukuru banyu ingene nahanye nivuye inyuma Abanyegiputa, eka n’ibitangaza nakoreye hagati muri bo kugira ngo mumenye ko ndi Uhoraho.”
3 Moses and Aaron went to Pharaoh and said, "This is what the Father of the Hebrews says: 'How long will you refuse to humble yourself before me? Let my people go to serve me.' Nuko Mose na Aroni baja kwa Farawo, baramubwira bati: “Uku ni koUhoraho, Imana y’Abaheburayo, avuze: Uzogeza ryari gukomantaza umutima imbere yanje? Rekura abantu banje baje kunsenga.
4 For if you refuse to let my people go, tomorrow I'll bring locusts into your territory. Nutabarekura, ejo nzorekurira inzige ku gihugu cawe.
5 They will cover the land's surface, hiding the ground, eat what hail left you, and eat every tree growing for you in the field. Zizopfuka isi gushika aho ata wuzoshobora no kubona hasi. Zizotikiza utwasigajwe n’urubura, harimwo n’igiti cose co mw’ishamba.
6 They'll fill your houses, your servants', all Egyptians'—as your fathers and grandfathers never saw, from their days on earth until now." Then he turned and left Pharaoh. Zizokwuzura mu mazu yawe n’ay’abatware bawe, n’ay’Abanyegiputa bose. Kizoba icago ba sogokuru na ba sogokuruza batari bwigere babona.” Mose aca asubira inyuma, atandukana na Farawo.
7 Pharaoh's officials said, "How long will this man trap us? Let the people go, so they can serve their God. Don't you know yet Egypt is ruined?" Abatware ba Farawo na bo bamubwira bati: “Mbega uzogeza ryari kureka uwo mugabo ngo agume aduta mu mutego? Rekura abo bantu bagende gusenga Uhoraho Imana yabo. Ntubona ko Egiputa hatikiye?”
8 Moses and Aaron were brought back to Pharaoh. "Go, serve God," he said. "But who's going?" Nuko Mose na Aroni bagarukanwa imbere ya Farawo, na we arababwira ati: “Nimugende musenge Uhoraho Imana yanyu. Ariko rero mbarira: Ni ba nde muzojana?”
9 Moses said, "With our young and old we'll go; sons, daughters, flocks, herds—we'll go, for we have a feast to our Father." Mose na we aramwishura ati: “Tuzojana n’abakiri bato n’abakuze, abahungu n’abakobwa bacu, n’ibitungwa vyacu, kuko tuzoba tugiye kwigina Uhoraho.”
10 He said to them, "God be with you—as if I'd let you and your little ones go! See, you have evil in mind. Farawo arababwira ati: “Uhoraho arabana namwe, ninabareka mukajana n’abagore n’abana banyu! Biraboneka ko mufise intumbero mbi.
11 No! You men go serve God, since that's what you want." So Pharaoh drove them from his presence. Ntibikabe! Nimujane n’abagabo gusa, musenge Uhoraho, kuko ari co mwagumye munsaba.” Nuko Mose na Aroni baca barirukanwa, bava imbere ya Farawo.
12 Then our Father said to Moses, "Stretch your hand over Egypt for locusts to come up over Egypt and eat every plant of the land the hail left." Maze Uhoraho abarira Mose ati: “Ramvurira ukuboko kwawe kuri Egiputa uhamagare inzige. Zize zipfuke isi, zitikize igiterwa cose casigajwe n’urubura.”
13 Moses stretched his staff over Egypt, and our Father drove an east wind across the land all day and all night; by morning it carried in the locusts. Mose aramvurira ya nkoni yiwe kuri Egiputa, Uhoraho na we ahuhutisha umuyaga uvuye mu buseruko, uhuhuta mu gihugu cose, ijoro n’umurango. Bukeye mu gatondo, wa muyaga wo mu buseruko wari wazanye za nzige;
14 Locusts came up over all Egypt, settling across its whole territory—so severe, none like them before, nor ever will be again. zitera igihugu cose ca Egiputa, zirundana ahantu hose mu gihugu ari nyinshi cane. Ntihari bwigere haba icago c’inzige kimeze nk’ico, nta n’ikizosubira kubaho.
15 They covered the whole land's surface, darkening it, and ate every land plant, all tree fruit the hail spared—no green left on tree or field plant in all the land of Egypt. Zarapfutse isi gushika aho yose yirabura. Zitikiza ivyari vyasigajwe n’urubura, uri imirima, ivyamwa, n’ibiti. Nta citwa icatsi, canke igiti, canke igiterwa cabaye kikirangwa mu gihugu ca Egiputa.
16 So Pharaoh quickly called Moses and Aaron, saying, "I have sinned against your God and against you. Farawo aca atumako ningoga Mose na Aroni, ababwira ati: “Nacumuye k’Uhoraho Imana yanyu no kuri mwebwe.
17 Please forgive my sin only this once, and beg your God to remove only this death from me." Nimusubire mumparire icaha canje, munsabire Uhoraho Imana yanyu ankureko iki cago c’urupfu.”
18 So Moses went out from Pharaoh and pleaded with our Father. Mose aca ava imbere ya Farawo, asenga Uhoraho.
19 Then our Father turned the wind into a very strong west wind that lifted the locusts and drove them into the Red Sea; not one locust remained in all Egypt's territory. Uhoraho na we aca ahindukiza wa muyaga, uhuhuta n’inkomezi nyinshi uvuye mu burengero, ugenda ukubuye inzige zose uzisuka mu Kiyaga Gitukura.
20 But our Father hardened Pharaoh's heart, and he would not let the people of Israel go. Ariko Uhoraho akomantaza umutima wa Farawo, na we ntiyarekura abantu ngo bagende.
21 Then our Father told Moses, "Stretch out your hand toward the sky, so darkness covers the land of Egypt—darkness thick enough to feel." Uhoraho abarira Mose ati: “Ramvura ukuboko kwawe ukurabishije mu kirere, umwijima w’umuzitanya uca utera Egiputa, umwijima ukomeye kugeza aho umuntu yowukabakaba akawumva.”
22 Moses stretched his hand toward the sky; thick darkness covered all the land of Egypt three days. Nuko Mose aramvura ukuboko akurabishije kw’ijuru, umwijima w’umuzitanya uca utwikira igihugu cose ca Egiputa, umara imisi itatu.
23 No one could see another, and no one left his place three days, but all Israelites had light in their homes. Nta washobora kubona uwundi, kandi nta wava aho ari ngo aje ahandi muri iyo misi itatu. Ariko aho Abisirayeli baba hoho hari umuco nk’uko bisanzwe.
24 Pharaoh called Moses and said, "Go, serve your God. Even your children may go—only leave your flocks and herds behind." Maze Farawo atumako Mose aramubwira ati: “Genda musenge Uhoraho. Nimujane n’abagore n’abana banyu, ariko ibitungwa vyanyu bisigare ngaha.”
25 Moses said, "You must also give us sacrifices and burnt offerings to offer to our Father. Ariko Mose aramwishura ati: “Twemerere dutware ibimazi vyo guturira mu gushikanira Uhoraho Imana yacu.
26 Our livestock must go with us too—not a hoof stays behind. We'll take some to serve our Father; we won't know what we need to serve him until we arrive there." Tugenda tujanye n’ibitungwa vyacu vyose, nta na kimwe dusiga inyuma. Muri vyo ni ho tuzotoramwo ivyo gushikanira Uhoraho Imana yacu, kandi tudashitseyo ntituzomenya ivyo tuzokoresha mu gushikanira Uhoraho.”
27 But our Father hardened Pharaoh's heart, and he was not willing to let them go. Ariko Uhoraho akomantaza umutima wa Farawo, ntiyemera kubarekura.
28 Pharaoh said to him, "Leave me! Careful—don't see my face again, for the day you see my face, you die." Farawo akankamira Mose ati: “Mva imbere, sinzosubire kukubona imbere yanje! Nkazosubira kukubona nzokwica.”
29 Moses said, "You have spoken rightly. I will never see your face again." Mose aramwishura ati: “Nibibe nk’uko ubivuze, sinzokwongera kugaruka imbere yawe.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]