Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Exodus 9 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then our Father told Moses, "Go tell Pharaoh, 'This is what the Father of the Hebrews says: "Let my people go to worship me. Uhoraho abwira Mose ati: “Genda ubarire Farawo uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Imana y’Abaheburayo avuze: “Rekura abantu banje baje kunsenga.”
2 For if you refuse to let them go and keep holding them, Nutabarekura ngo bagende ukabagumiza ngaho,
3 the hand of our Father will be on your livestock in the field: horses, donkeys, camels, herds, and flocks—a very severe plague. ikiganza c’Uhoraho kizozana ivyago ku bitungwa vyanyu aho biri hose ku misozi: ku mafarasi, ku ndogoba, ku ngamiya, ku nka zanyu, ku mpene no ku ntama.
4 But our Father will distinguish Israel's livestock from Egypt's, so none of Israel's will die."'" Ariko Uhoraho azoshiraho itandukaniro hagati y’amasho y’Abisirayeli n’ay’Abanyegiputa, kugira ngo ntihagire igitungwa na kimwe c’Abisirayeli gipfa.
5 And our Father set a time, saying, "Tomorrow I will do this in the land." Uhoraho yamaze gushinga igihe ivyo bizobera. Ico cago kizoshika muri iki gihugu ejo.’ ”
6 The next day our Father did this: all Egypt's livestock died, but Israel's livestock—not one died. Bukeye Uhoraho arabishitsa, ibitungwa vyose vyo muri Egiputa birapfa, ariko nta na kimwe c’Abisirayeli capfuye.
7 Pharaoh sent to check: not one of Israel's animals had died. Yet Pharaoh's heart stayed hard, and he refused to let the people go. Maze Farawo arungika abantu biwe kuraba ingene vyagenze, basanga nta gitungwa na kimwe c’Abisirayeli capfuye. Ariko umutima wiwe uguma ukomantaye, yanka kurekura abantu ngo bagende.
8 Then our Father told Moses and Aaron, "Take handfuls of soot from a kiln, and let Moses scatter it skyward before Pharaoh. Uhoraho abarira Mose na Aroni ati: “Nimufate umunyota wo mw’itanure wuzuye igipfunsi, maze Mose awutumurire mu kirere imbere ya Farawo.
9 It will become fine dust over all Egypt, breaking into festering boils on people and animals throughout Egypt." Uzoheza ucike umukungugu kuri Egiputa, ukwire igihugu cose, ku bantu bose no ku bikoko vyose, ubatere ibisebe.”
10 They took kiln soot and stood before Pharaoh. Moses threw it skyward, and boils broke out, festering on people and animals. Nuko baca bafata umunyota wo mw’itanure, bahagarara imbere ya Farawo, bawutumurira mu kirere, ubwo nyene abantu n’ibikoko bigwara ibisebe.
11 The magicians could not stand before Moses, for boils were on them and all Egyptians. Abanyamareba ntibaba bagishobora guhagarara imbere ya Farawo kuko ibisebe vyari vyateye Abanyegiputa bose.
12 But our Father hardened Pharaoh's heart; he wouldn't listen to them, as our Father had told Moses. Ariko Uhoraho akomantaza umutima wa Farawo, yanka kwumvira Mose na Aroni, nk’uko Uhoraho yari yabibwiye Mose.
13 Then our Father told Moses, "Get up early in the morning, stand before Pharaoh, and say to him: 'This is what the Father of the Hebrews says: "Let my people go to worship me. Maze Uhoraho abarira Mose ati: “Uzozinduke mu gatondo ka kare, ugende uhangane na Farawo umubwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho, Imana y’Abaheburayo avuze: Rekura abantu banje bagende, baje kunsenga,
14 This time I am sending all my plagues against you, your officials, and your people, so you know there is no one like me in all the earth. kuko nutabarekura nzorungika ibindi vyago bikomeye kuri wewe, ku batware bawe no ku bantu bawe, kugira ngo umenye ko ata wuhwanye nanje kw’isi yose.
15 By now I could have raised my hand and struck you and your people with a plague, erasing you from the earth. Kugeza ubu nari kuba naragororeye ukuboko kwanje kuri wewe no ku bantu bawe nkabaranduza icago maze nkabaherengeteza kw’isi.
16 But I raised you up to show you my power and proclaim my name throughout all the earth. Ariko, icatumye nkureka, kwari ukugira ngo nkwereke ububasha bwanje, kandi kugira ngo izina ryanje rimenyekane kw’isi yose.
17 You are still setting yourself against my people and refusing to let them go. Mugabo, uracakomantaje umutima, ntugomba kubarekura ngo bagende.
18 Tomorrow at this time I will rain down hail so severe none like it has hit Egypt from its founding until now. None rero, ejo nzorungika icago c’urubura rutari bwakaboneke, rutari bwigere rugwa muri Egiputa kuva iki gihugu kibayeho.
19 Now send: get your livestock and all you have in the field to safety, for the hail will fall on every person and animal left in the field, not brought inside, and they will die."'" Tumako ibitungwa vyawe biri mu gahinga bije mu mpongore, kuko urubura ruzogwa ku bantu bose no ku bikoko vyose bitazoba vyugamye, kandi bizopfa.’ ”
20 Those among Pharaoh's officials who feared the word of our Father hurried their servants and livestock indoors, Bamwe mu batware ba Farawo bubashe ijambo ry’Uhoraho baca bihutira gucura abagurano babo n’ibitungwa vyabo baravyugamika.
21 but whoever ignored the word of our Father left his servants and livestock in the field. Ariko abatashize umutima kw’ijambo ry’Uhoraho bagumiza abagurano babo n’ibitungwa vyabo mu gahinga.
22 Then our Father said to Moses, "Stretch your hand toward the sky, and hail will fall on all Egypt—on people, animals, and every plant in the field, throughout Egypt." Maze Uhoraho abarira Mose ati: “Gorora ukuboko ukurabisha kw’ijuru, maze urubura ruraheza rugwe mu gihugu cose ca Egiputa, rugwe ku bantu, ku bikoko no ku bimera vyose vyo mu mirima ya Egiputa.”
23 Moses stretched his staff toward the sky, and our Father sent thunder and hail, and fire ran to the ground. Our Father rained hail on the land of Egypt. Mose aramvuye ya nkoni ayirabishije mu kirere, Uhoraho aca arungika imituragaro n’urubura, imiravyo irabagiriza kw’isi. Uhoraho agwisha urubura mu gihugu cose ca Egiputa.
24 There was hail, and fire flashing continually within the hail, so heavy that nothing like it had occurred in all the land of Egypt since it became a nation. Muri kahise ka Egiputa, ntihari bwigere hagwa imvura y’igihuhusi nk’iyo, irimwo urubura rutikiza n’imiravyo irabagiza nk’uko.
25 Throughout Egypt hail struck everything in the field, both people and animals; it struck every plant of the field and shattered every tree of the field. Urubura rurarundana muri Egiputa hose, rutikiza ivyari mu mirima vyose, uhereye ku bantu ugashitsa no ku bitungwa, rutikiza imirima n’ibiti vyose.
26 Only in the land of Goshen, where the people of Israel lived, was there no hail. Akarere rutaguyemwo ni Gosheni honyene, aho Abisirayeli baba.
27 Pharaoh sent for Moses and Aaron and said, "This time I've sinned. God is right; I and my people are wrong. Maze Farawo ahamagaza Mose na Aroni arababwira ati: “Ubu ho nacumuye. Uhoraho ni we agororotse, twe n’abantu banje twakoze ibibi.
28 Plead with your Father—there's been enough of God's thunder and hail. I will let you go; stay no longer." None rero dusabire k’Uhoraho, kuko urubura n’imituragaro bitewe n’Imana biturembeje. Nca ndabarekura mugende, sinsubira kubafatira.”
29 Moses told him, "Once I leave the city, I'll spread my hands to our Father. The thunder will stop and hail will end, so you'll know the earth is our Father's. Mose aramwishura ati: “Ninamara kuva muri iki gisagara ndaza kuramvura ibiganza nsenge Uhoraho. Imituragaro iraza guhera, kandi nta rubura rusubira kugwa, ni ho uza kumenya ko isi ari iy’Uhoraho.
30 But as for you and your officials, I know that you still do not fear our Father." Ariko ndazi ko mwe n’abatware bawe mutubaha Uhoraho Imana.”
31 (Flax and barley were ruined, because barley had headed and flax was blooming. Ibiterwa vyose vyari vyatikijwe n’urubura, ivyari biyangitse na sayiri zari zipfunditse.
32 But the wheat and the emmer wheat were not ruined, because they ripen later.). Ariko ingano z’ubwoko butandukanye nta co zabaye kuko ziteba kumera.
33 Moses left Pharaoh, went out of the city, and spread his hands to our Father. The thunder and hail stopped, and rain no longer poured on the land. Maze Mose ava imbere ya Farawo, aja inyuma y’igisagara. Aramvura amaboko ayerekeje k’Uhoraho, imituragaro n’urubura birahagarara, imvura ntiyasubira kugwa.
34 When Pharaoh saw the rain, hail, and thunder had stopped, he sinned again, hardening his heart—he and his officials. Farawo abonye ko imvura, imituragaro n’urubura vyahagaze, yongera akora icaha. We n’abatware biwe bongera gukomantaza imitima.
35 So Pharaoh's heart hardened; he refused to let Israel go, as our Father had said through Moses. Kubera ko umutima wiwe wari wakomantaye, ntiyemerera Abisirayeli ko bagenda, nk’uko Uhoraho yari yarabivugishije Mose.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]