Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Exodus 12 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Our Father said to Moses and Aaron in the land of Egypt, Uhoraho abarira Mose na Aroni bari muri Egiputa ati:
2 "This month is your beginning of months, the year's first month. “Uku kwezi kuzobabera ukwa mbere mu yandi mezi; kuzobabera ukwa mbere mu mezi y’umwaka wanyu.
3 Tell all Israel's assembly: on this month's tenth day, each man is to take a lamb per family, a lamb per household. Barira Abisirayeli ko ku musi ugira icumi w’uku kwezi umuntu wese azoronderera umuryango wiwe umwagazi w’intama canke w’impene, umuryango wose uzorondere umwagazi umwe.
4 If the household is too small for a lamb, he and his nearest neighbor are to take one lamb by the number of people, counting for it by how much each eats. Umuryango ubaye muto aho utomara umwagazi, bazowusangire n’ababanyi bawegereye, bitewe n’igitigiri c’abari muri uwo muryango. Mutegekanye imyagazi ikwiranye n’uko abantu bangana.
5 Your lamb must be flawless, a year-old male; take it from the sheep or the goats. Umwagazi muzotegura uzobe ishuri imaze umwaka, kandi ube uwutagira agasembwa.
6 Keep it until the fourteenth day of this month; the whole assembly of Israel's congregation is to slaughter it at twilight. Muzowubungabunge gushika ku musi ugira cumi na kane, maze abagize umuryango bazowukerere izuba rirenze.
7 They will take some of the blood and put it on the two doorposts and lintel of the houses where they eat it. Hanyuma muzofate amaraso yawo, muyasige ku bishimaryango vyompi no hejuru y’umuryango vy’amazu muzowuriramwo.
8 That night they must eat the meat, fire-roasted, with bread made without yeast and bitter herbs—they must eat it. Inyama zawo muzozirye iryo joro nyene zokeje, muzikoze imboga zirura, n’imikate itarimwo umwambiro.
9 Do not eat it raw or boiled in water, but roasted over fire—head, legs, and inner parts. Ntimuzozirye mbisi canke zitetse, ahubwo muzozotse. Muzozirye zose: umutwe, ibinono n’izo mu nda.
10 Don't leave any of it until morning; burn whatever remains until morning. Ntihazogire izo muraza. Nihagira izirara, mu gatondo muzoziturire.
11 Eat it this way: belt fastened, sandals on your feet, staff in hand, eating in haste. It is the Passover of our Father. Nguku uko muzozirya mumeze: muzozirye mukenyeye, mwambaye ibirato, mufise n’inkoni yo kwitwaza mu minwe. Muzozirye mwihuta. Iyo ni yo Pasika y’Uhoraho.
12 That night I will pass through the land of Egypt and strike down every firstborn in the land of Egypt, man and beast, and execute judgments against all the gods of Egypt. I am your Father. Iryo joro nyene nzoca muri Egiputa, nice imfura zose, iz’abantu n’iz’ibikoko, nongere ncire urubanza imana zose za Egiputa. Ni jewe Uhoraho ndabivuze.
13 The blood will be a sign for you on the houses where you are. When I see the blood, I will pass over you—no plague will destroy you when I strike the land of Egypt. Amaraso azoba ikimenyetso ku nzu murimwo, kandi aho nzobona amaraso nzoharengana. Nta cago co gutikiza kizobakorako ninakubita Egiputa.
14 "This day is a memorial for you; celebrate it as a feast to your Father, a rule forever for all your generations—celebrate it. Uwo musi muzohore muwibuka. Uko urunganwe rwanyu ruzogenda rukurikirana, muzohore muwuhimbaza nk’umusi mukuru w’Uhoraho.
15 Eat bread without yeast seven days. Remove all yeast from your houses on the first day, for whoever eats anything made with yeast, from the first day to the seventh, will be cut off from Israel. Muzomare imisi indwi murya imikate itarimwo umwambiro. Ku musi wa mbere, muzokure umwambiro wose mu mazu yanyu, nayo uwuzorya ikintu na kimwe kirimwo umwambiro muri iyo misi indwi azocibwe mu Bisirayeli.
16 On the first day hold a holy gathering, and on the seventh day a holy gathering. Do no work then, except preparing what each person eats—that alone you may do. Ku musi wa mbere muzogire ikoraniro ryera, irindi muzorigire ku musi ugira indwi. Kandi ico kiringo cose muzokimare ata kindi gikorwa mukora, kiretse gutegura ivyo kurya. Ico ni co mwemerewe gukora conyene.
17 Keep the Feast of Bread Without Yeast, for on this exact day I brought your forces out of the land of Egypt. Keep this day, generation after generation, as a lasting statute. Muzohimbaze umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro kuko ari kuri uwo musi nzoba narabakuriyeko muri Egiputa. Muzowuhimbaze nk’icagezwe kizokwamaho ibihe vyose uko urunganwe rwanyu ruzogenda rukurikirana.
18 In the first month, eat bread without yeast from the evening of the fourteenth day until the evening of the twenty-first day. Mu kwezi kwa mbere, muzorye imikate itarimwo umwambiro muhereye mw’ijoro ryo ku musi ugira icumi na kane gushika ku musi ugira mirongo ibiri na rimwe.
19 For seven days, no yeast is to be found in your houses; whoever eats anything with yeast in it must be cut off from Israel's community, whether foreigner or native of the land. Muri iyo misi indwi, ntihazogire umwambiro urangwa mu mazu yanyu. Kandi uwuzorya ikintu na kimwe kirimwo umwambiro azocibwe mu muryango w’Abisirayeli, yaba kavantara canke uwavutse ari Umwisirayeli.
20 Eat nothing made with yeast; eat bread without yeast everywhere you live." Ntihaze hagire ikintu na kimwe kirimwo umwambiro murya. Aho muzoba muba hose, muzorye imikate itarimwo umwambiro.”
21 Moses called all Israel's elders and said to them, "Pick out lambs for your families, then slaughter the Passover lamb. Maze Mose akoranya abakuru bose bo mu Bisirayeli arababwira ati: “Ihute mugende muronderere imiryango yanyu imyagazi y’intama, mubage umwagazi wa Pasika.
22 Take a bunch of hyssop, dip it in the blood in the basin, and touch the lintel and both doorposts with the blood in the basin. None of you may leave his house door until morning. Mufate udushami twa ezobu, mudukoze mw’ibesani irimwo amaraso, muyasige ku bishimaryango hejuru no hirya no hino y’urwinjiriro. Ntihazogire uwusohoka hanze gushika bukeye.
23 For our Father will pass through to strike Egypt. Seeing the blood on the lintel and two doorposts, our Father will pass over the entrance and not let the destroyer enter your houses to strike you. Uhoraho niyaca mu gihugu ca Egiputa gutikiza Abanyegiputa hanyuma akabona amaraso ku bishimaryango azoca arengana, ntazokwemera ko umuranduzi yinjira mu nzu zanyu kubatikiza.
24 You are to keep this command as a lasting statute for you and for your children. Ibi mubikurikize nk’icagezwe kizokwamaho kuri mwebwe no ku bana banyu.
25 When you enter the land our Father will give you, as he promised, keep this service. Nimwashika mu gihugu Uhoraho azobaha nk’uko yakibasezeraniye, muzokwame mwibuka kugira uwo musi mukuru.
26 And when your children say to you, 'What does this service mean to you?' Abana banyu nibababaza bati: ‘Mbega uwu musi mu vy’ukuri usigura iki?’
27 you are to say, 'It is our Father's Passover sacrifice: he passed over the houses of Israel's people in Egypt, striking the Egyptians but sparing our houses.'" Then the people bowed and worshiped. Muzobabwire muti: ‘Ni ikimazi ca Pasika dushikanira Uhoraho, kuko yarenganye amazu y’Abisirayeli muri Egiputa, arengana ingo zacu, atikiza Abanyegiputa.’ ” Mose ahejeje kubabwira ivyo, baca barunama barasenga.
28 The Israelites went and did just as our Father commanded Moses and Aaron; so they did. Nuko Abisirayeli babikora nk’uko Uhoraho yabitegetse Mose na Aroni.
29 At midnight our Father struck every firstborn in Egypt, from Pharaoh's firstborn on his throne to the prisoner's firstborn in the dungeon, and every firstborn animal. Ijoro rigeze hagati, Uhoraho atikiza imfura zose zo muri Egiputa, uhereye ku mfura ya Farawo yatwara Egiputa ugashitsa no ku mfura z’abagurano biwe bari mu mabohero. N’ibitungwa vyavutse ubwa mbere birapfa.
30 Pharaoh got up that night—he, his officials, all Egypt—and a great cry rose in Egypt, for every house had someone dead. Farawo n’abatware biwe hamwe n’Abanyegiputa bikanguye mw’ijoro, haba induru n’amaborogo menshi muri Egiputa, kuko ata nzu n’imwe yasigaye itabuze umuntu.
31 He summoned Moses and Aaron that night: "Get up, leave my people—you and the Israelites—go, serve God as you said. Mw’ijoro, Farawo ahamagaza Mose na Aroni arababwira ati: “Nimugende! Nimumvire mu bantu mwe n’Abisirayeli! Nimugende musenge Uhoraho nk’uko mwabisavye.
32 Take both your flocks and your herds, as you said, and go—bless me too." Nimujane ibitungwa vyanyu nk’uko mwabisavye, mugende, kandi mugende munsabiye umugisha.”
33 The Egyptians urged the Israelites to leave the land quickly, saying, "We're all dead." Abanyegiputa binginga Abisirayeli ngo bihute bave muri ico gihugu, kuko biyumvira bati: “Batagiye vuba, twese turapfa!”
34 The people carried their dough before it rose, kneading bowls wrapped in their cloaks on their shoulders. Nuko Abisirayeli bafata ibikandu bitarimwo umwambiro, babishira mu twato bacumbamwo, babitwara ku bitugu bitekeye mu mitamana.
35 Israel did as Moses said: they asked the Egyptians for silver, gold, and clothing. Abisirayeli bagenza uko Mose yababwiye, basaba Abanyegiputa ibikoresho bikozwe mu nzahabu no mw’ifeza hamwe n’ivyambarwa.
36 And our Father gave the people favor with the Egyptians, so they granted their request; and so the people plundered the Egyptians. Uhoraho atuma Abanyegiputa baraba ryiza Abisirayeli, babaha ivyo babasavye, gutyo baba baranyaze Abanyegiputa.
37 Israel set out from Rameses to Succoth—about 600,000 men on foot, plus women and children. Abisirayeli bafata urugendo bava i Ramusesi baja i Sukoti. Bari abagabo bashika nk’ibihumbi amajana atandatu, abagore n’abana batarimwo.
38 A large mixed crowd also went up with them, with flocks, herds, and abundant livestock. Hari n’isinzi ry’abandi batari Abisirayeli bajanye na bo, kandi bari kumwe n’ibitungwa vyinshi cane.
39 They baked the dough they'd brought from Egypt into flat cakes without yeast, since it hadn't risen—driven out of Egypt, with no time to wait or prepare food for themselves. Mu mitsima y’ibikandu bakuye muri Egiputa, baciye bakora imikate itarimwo umwambiro. Icatumye ivyo bikandu bitabamwo umwambiro n’uko bavuye muri Egiputa bihuta; nta mwanya baronse wo gutegura iyindi mpamba.
40 The time that the people of Israel lived in Egypt was 430 years. Igihe Abisirayeli bamaze muri Egiputa ni imyaka amajana ane na mirongo itatu.
41 After 430 years, on that very day, all the armies of our Father left the land of Egypt. Ku musi wa nyuma w’iyo myaka amajana ane na mirongo itatu ni ho ingabo z’Uhoraho zava muri Egiputa.
42 This was a night our Father watched, to bring them out of the land of Egypt; this same night, all Israel's people keep watch for our Father, generation after generation. Kubera yuko Uhoraho yabereye maso Abisirayeli iryo joro ryose kugira ngo abakure muri Egiputa, Abisirayeli na bo bategerezwa kwama barirarako bari maso, kugira ngo baheshe Imana icubahiro uko urunganwe rwabo ruzogenda rukurikirana.
43 Our Father told Moses and Aaron, "This is the Passover's rule: no foreigner may eat it, Uhoraho abarira Mose na Aroni ati: “Ibi ni vyo muzokurikiza mu kurya ivya Pasika: Ntihaze hagire umunyamahanga azobiryako.
44 but every slave that is bought for money may eat of it after you have circumcised him. Ariko nihaba hari umugurano mwaguze, azobiryeko nimba yarakebwe.
45 No temporary resident or hired worker may eat of it. Ariko uwuzoba abana namwe igihe gito canke umucangero ntaze abiryeko.
46 Eat it in one house; carry none of the meat outside the house, and break none of its bones. Umwagazi w’intama wa Pasika muzowurire mu nzu, ntihaze hagire inyama muzosohokana hanze, kandi ntihaze hagire igufa na rimwe muzovuna.
47 All the congregation of Israel is to keep it. Imiryango ya Isirayeli yose izohimbaze umusi mukuru wa Pasika.
48 If a foreigner living with you wants to keep the Passover to our Father, circumcise all his males; then he may come near and keep it—he becomes like a native of the land. But no uncircumcised person may eat it. Abanyamahanga baba muri mwebwe bagomba guhimbaza Pasika y’Uhoraho, abagabo bo muri bo bose bazobanze bakebwe, babone gusangira n’abavutse ari Abisirayeli. Ariko ntihaze hagire uwutakebwe arya ku vya Pasika.
49 There is to be one law for the native and for the foreigner who resides among you." Iri tegeko rigenga bose, baba abavutse ari Abisirayeli canke abanyamahanga bazoba baba muri mwebwe.”
50 All Israel's sons did as our Father commanded Moses and Aaron; they did it. Abisirayeli bose babigenza uko Uhoraho yabitegetse Mose na Aroni.
51 That very day our Father brought Israel's people out of the land of Egypt by their armies. Uwo musi nyene, Uhoraho akura Abisirayeli muri Egiputa nk’uko imice y’ingabo zabo yari iri.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]