Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Corinthians 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 We know: if our earthly tent is torn down, we have a building from our Father, a house not made by hands, eternal in the heavens. Turazi neza ko iri ihema tubamwo ari wo mubiri wacu niwapfa ugakurwa kuri iyi si tuzoronka inyubakwa iva ku Mana, inzu izokwamaho yo mw’ijuru, itubatswe n’amaboko y’abantu.
2 For in this tent we groan, longing to be clothed with our heavenly dwelling, Ivyo bitarashika, tunihira mu mubiri wacu, turindiriye kwambikwa imibiri yo mw’ijuru nk’ivyambarwa vyacu,
3 if indeed, when we have put it on, we will not be found naked. kuko tumaze kuyambara ntituzosangwa turi gusa.
4 While in this tent we groan, weighed down—not wanting to be unclothed, but clothed over, so life may swallow up what is mortal. Tukiri muri uwu mubiri twambaye, turaboroga, tukaruha, ariko ntibisigura ko twipfuza gupfa ngo tuwuvemwo. Ahubwo ni kubera ko twipfuza kwambara imibiri yacu mishasha, kugira ngo iyi mibiri ipfa ihindurwe iyizobaho ibihe vyose.
5 Now the one who prepared us for this very thing is our Father, who gave us the Holy Spirit as a guarantee. Imana ni yo nyene yabiduteguriye, ica iduha na Mpwemu wayo nk’ingwati yemeza ibizoza.
6 So we're always confident, knowing that while at home in the body, we are away from the Lord, Nuko rero twama twumva turemye, naho tuzi ko tukiri muri iyi mibiri, tuba turi kure y’aho Umwami ari.
7 for we walk by faith, not by sight. Tubayeho mu kwizera, ntitubayeho kubera ivyo tubona.
8 So we are confident, and prefer to leave the body and be home with the Lord. Twumva turemye nk’uko nabivuze, kandi icotubera ciza ni uko twova muri uwu mubiri, kuko twoca twigira i muhira kwibanira n’Umwami wacu.
9 So whether at home or away, we make it our aim to please him. Ariko ico twipfuza imbere ya vyose, ni ukunezereza Umwami wacu, haba mu kuguma muri uwu mubiri canke mu kuwuvamwo.
10 For we must all appear before the judgment seat of Christ, each to receive what is due for what they did in the body, good or bad. Kuko twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza ya Kristo, kugira ngo umwe wese ahabwe impera y’ivyo yakoze akiri muri uwu mubiri, biba vyiza canke bibi.
11 So knowing the fear of the Lord, we persuade people; we are plain to our Father, and I hope also plain to your conscience. Nuko rero kuko tuzi ico ari co kwubaha Umwami, dukora ibishoboka ngo twemeze abantu. Ico turi kiragaragarira Imana, kandi nizera ko namwe kibagaragarira mu mitima yanyu.
12 We are not commending ourselves to you again, but giving you reason to be proud of us, so you have an answer for those who boast in appearance, not in heart. Ntituriko turondera kwemerwa namwe kandi, ariko dushaka kubaha akaryo ngo mwirate ku bwacu, kugira ngo muronke ico mwishura abishimira ibikorwa bihambaye bigaragarira amaso y’abantu ariko bitari mu mitima yabo.
13 Whether out of our minds, it's for our Father; whether in our right minds, it's for you. Nimba tuboneka nk’ibijuju, ni ukugira ngo duheshe Imana icubahiro. Ariko nimba tuboneka nk’abanyabwenge, ni ku neza yanyu.
14 For Christ's love compels us, since we're convinced: one died for all, so all died. Kuko urukundo rwa Kristo ruratugobera. Kandi kubera tuzi ko Kristo yapfiriye bose, twese twarapfuye kuri kamere muntu kacu ka kera.
15 He died for all, so the living would no longer live for themselves, but for the one who died for them and was raised. Kandi yapfiriye bose kugira ngo ntihagire uwubaho yinezereza ariko abeho anezereza uwamupfiriye akanamuzukira.
16 So from now on, we know no one by human standards. We once knew Christ that way too, but no longer. Ni co gituma uhereye ubu ata we tuciyumvirako twisunze ubwenge bw’abantu. Naho kera Kristo twamwiyumvira twisunze ubwenge bw’abantu, ubu si ko bikiri.
17 So if anyone is in Christ, new creation! The old has passed away; look, the new has come! Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.
18 All this is from our Father, who reconciled us to himself through Christ, giving us the ministry of reconciliation: Kandi ivyo vyose biva ku Mana yo yaduhaye kwuzura na yo biciye muri Kristo, ica iduha n’igikorwa c’umwuzuzo.
19 That is, in Christ our Father was reconciling the world to himself, not counting their sins against them, and entrusting us with the message of reconciliation. Kuko Imana yiyujuje n’isi muri Kristo itabaharuyeko ivyaha vyabo. Natwe yaduhaye ico gikorwa gihambaye co kuvuga ubutumwa bw’umwuzuzo.
20 So we are ambassadors for Christ, as though our Father were appealing through us. We appeal on behalf of Christ: be reconciled to our Father. None rero turi ivyariho vya Kristo, Imana iriko ibingingira muri twebwe. Natwe turabinginga mu gishingo ca Kristo ngo mwuzure n’Imana.
21 For us he made him who knew no sin to be sin, so that in him we might become the righteousness of our Father. Imana yahinduye icaha uwutigeze acumura, ku neza yacu, kugira ngo muri we ducike ukugororoka kw’Imana.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]