Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Corinthians 6 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 As his co-workers, we urge you not to receive our Father's grace in vain. None rero ko dukorana n’Imana, turabinginga ngo ntimupfishe ubusa ubuntu bw’Imana.
2 For he says, "At the right time I heard you; on the day of salvation I helped you." Look, now is the right time; look, now is the day of salvation. Kuko Imana ivuga iti: “Igihe gikwiye kigeze narakwumvise, no ku musi wo gukirizwako naragutabaye.” Ndababwiye ko iki ari co gihe co kwemererwamwo, uwu ni wo musi wo gukirizwako.
3 We put no obstacle in anyone's way, so that no fault may be found with our ministry. Turirinda kugira ngo ntihagire uwo tubera igitsitaza kuko vyotuma igikorwa cacu kigawa.
4 Instead, we commend ourselves in everything as servants of our Father: with great endurance, in sufferings, in hardships, in distresses, Mu vyo dukora vyose, twerekana ko turi abakozi b’Imana b’ukuri mu kwihanganira amarushwa, imibabaro, n’ivyago vy’ubwoko bwose:
5 in beatings, in imprisonments, in riots, in labors, in sleepless nights, in hunger; mu gukubitwa, mu gushirwa mu mabohero, mu gukora ibikorwa vyinshi biruhije, mu kurara maso, mu gusonza.
6 by purity, by knowledge, by patience, by kindness, by the Holy Spirit, by genuine love, Ivyo dukora vyose tubikorana imitima itanduye, dufise ubwenge, dufise ukwihangana n’ubugwaneza biva kuri Mpwemu Yera, no mu rukundo atari uruheyiheyi.
7 by truthful speech, by our Father's power, with weapons of righteousness for right hand and left, Twigisha ijambo ry’Imana mu bwizigirwa no mu kuri kwaryo, kandi ubushobozi bw’Imana bukorera muri twebwe. Twitwaje ibigwanisho vy’ukugororoka mu kuryo no mu kubamfu.
8 through honor and dishonor, through slander and praise. We are treated as impostors, and yet are true; Turakorera Imana abantu batwubaha canke batugaya, badutuka canke badushima. Turi imvugakuri, ariko batwita ababeshi.
9 as unknown, yet well known; as dying, and look, we live; as punished, yet not killed; Dufatwa nk’abatazwi ariko tuzwi na bose. Dusa n’abegereje urupfu ariko tubandanya tubaho. Turakubitwa ariko ntidupfa.
10 as grieving, yet always joyful; as poor, yet enriching many; as owning nothing, yet possessing everything. Turababazwa mu mitima ariko twamana umunezero. Dufatwa nk’abakenye ariko dutungishije benshi. Tuboneka nk’aho ata co dufise ariko dufise vyose.
11 We have spoken freely to you, Corinthians; our heart is wide open to you. Bagenzi b’i Korinto, twababwiranye umutima utagira uburyarya, kandi twabugururiye imitima yacu.
12 You are not restricted by us, but you are restricted in your own hearts. Ntitwananiwe no kubereka urukundo, ariko ni mwebwe mwugaye imitima yanyu.
13 In return—I speak as to my children—open wide your hearts also. None rero ndababwiye nk’abana banje ngo mwakire urukundo rwacu, mutwugururire imitima yanyu.
14 Don't team up with unbelievers. For what do righteousness and lawlessness share? Or what fellowship does light have with darkness? Ntimukifatanye n’abatizera, kuko ubugororotsi n’ubukozi bw’ikibi nta ho bihurira, kandi umuco n’umwijima nta co bisangiye.
15 What harmony exists between Christ and the devil? What does a believer share with an unbeliever? Mbe Kristo na Beliyali hari ico bahurirako? Mbega uwizera n’uwutizera bohurira ku ki?
16 What partnership does our Father's temple have with idols? For we are the temple of the living Father, as he said: "I will live among them and walk among them; I will be their Father, and they will be my children." Mbega urusengero rw’Imana hari ico rwohurirako n’ibigirwamana? Twebwe turi urusengero rw’Imana, kandi Imana yavuze iti: “Nzoba muri bo nongere ngendane na bo. Nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje.”
17 Therefore, "Come out from among them and be separate, says our Father, and touch no unclean thing; then I will welcome you, None rero, “Nimuve muri bo, mwitandukanye na bo, ni ko Uhoraho Imana avuze. Ntihagire igihumanye mukorako, nanje nzobiyegereza.”
18 and I will be a Father to you, and you will be sons and daughters to me, says our Father, the Almighty." Kandi, “Nzobabera So, namwe muzombera abahungu n’abakobwa,” ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]