Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Corinthians 7 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 So, loved ones, having these promises, let us purify ourselves from all impurity of flesh and spirit, completing holiness in fear of our Father. None rero bene Data, ko dufise ayo masezerano, nimuze twiyeze, twiyambure ivyonona imitima n’imibiri yacu vyose. Turondere ukwezwa kuvuye ku kwubaha no gutinya Imana.
2 Make room for us in your hearts. We've wronged no one, corrupted no one, exploited no one. Turabinginze ngo mutwugururire imitima yanyu. Nta we twacumuyeko, kandi nta we twazimije, kandi nta we twarondeyeko inyungu.
3 I don't say this to condemn you. I said before: you're in our hearts, to die and live together. Ibi sindiko ndabivuga mu kubacira urubanza. Nababwiye ko muri mu mitima yacu, kandi ko turi kumwe namwe dupfa canke tubaho.
4 I have great confidence in you, great pride in you. I'm filled with comfort, overflowing with joy in all our suffering. Ndabizeye cane kandi ndabanezererewe cane. Mwaranteye intege cane, kandi mu mibabaro yose naciyemwo, umunezero wanje urasesekaye.
5 Even when we reached Macedonia, our bodies had no rest—harassed on every side, conflict outside, fear inside. Igihe twashika i Makedoniya, imibiri yacu ntiyigeze ironka agahengwe. Twahuye n’ingorane nyinshi: intambara zari zidukikuje, hamwe n’ubwoba bwari mu mitima yacu.
6 But our Father, who comforts the downcast, comforted us by the coming of Titus. Ariko Imana itera intege abihebuye yatwiruje ukuza kwa Tito.
7 Not only by his arrival, but by the comfort he received because of you—he told us of your longing, your grief, your zeal for me—so I rejoiced even more. Twaranezerewe tumubonye tukumva n’ubutumwa buremesha mwamurungikanye. Amaze kumbwira ingene mwipfuza ko nza iwanyu, n’ukuntu mubabajwe n’ivyadushikiye, hamwe n’ishaka mwerekanye mu kunyitaho, umunezero wanje wabaye uw’akaburarugero.
8 Even though my letter grieved you, I don't regret it—though I did regret it, since I see that letter grieved you, if only briefly. Naho nabateye imibabaro mw’ikete nabarungikiye, sindavyicuza. Naho nari nicujije ubwa mbere kubera nari nabonye ko nabababaje, wari umubabaro w’akanya gato.
9 Now I rejoice—not that you were grieved, but that your grief brought repentance. You were grieved as our Father intends, so you suffered no loss by us. Ubu ndanezerewe kubona nararibandikiye, atari kubera vyabababaje, ariko kubera umubabaro vyabateye watumye mwihana mugaheba inzira zanyu mbi. Ni wo mubabaro Imana ishaka ku bantu bayo, ari na co gituma, mu buryo bumwe canke ubundi, atari twebwe twabababaje.
10 For grief according to our Father's will produces repentance to salvation, without regret; but worldly grief produces death. Umubabaro uvuye ku Mana utera ukwihana, ukwihana na kwo gushikana ku gakiza, kandi ntutera ukwicuza. Ariko umubabaro wo muri iyi si ujana mu rupfu.
11 See what this grief according to our Father's will produced in you: diligence, eagerness to clear yourselves, indignation, fear, longing, zeal, readiness for justice! In everything you've proved yourselves innocent in this matter. Nimurabe ico uwo mubabaro uvuye ku Mana wakoze muri mwebwe: wabateye umwete mwinshi, ishaka ryinshi ryo kugaragaza ko ata co mwagirizwa, kubabazwa n’akarenganyo, gutinya, inkumbu, ishaka, umwitwaririko wo kubona icaha gihanwa. Muri ivyo vyose mwarerekanye ko mwejejwe.
12 Though I wrote to you, it wasn't for the wrongdoer's sake, or the wronged party's, but so your sincerity for us would be clear to you before our Father. Intumbero yanje rero ntiyari ukwandika ku bagize nabi canke abagiriwe nabi. Nabandikiye kugira ngo mu nyonga z’Imana umwitwarariko mudufitiye ugaragare.
13 That's why we've been comforted. Beyond our own comfort, we rejoiced even more at Titus's joy, because his spirit was refreshed by all of you. Ivyo rero vyaraduteye intege. Kandi icongeye ku kuntu mwaduteye intege, twaranezerewe cane no kubona ingene Tito yari anezerejwe n’ukuntu mwaruhuye umutima wiwe.
14 Whatever I boasted to him about you didn't shame me. Just as everything we told you was true, so our boasting before Titus proved true. Naramubwiye ingene nabanezererewe, kandi ntimwigeze mumaramaza. Ariko nk’uko ivyo twababwiye vyose vyari ivy’ukuri, n’ukubirata kwacu kuri Tito kwari ukw’ukuri.
15 His heart for you is greater still, remembering how you all obeyed, welcoming him with fear and trembling. Kandi iyo yibutse ingene mwese mwamwumvira n’ukuntu mwamwakiranye igitinyiro n’icubahiro cinshi, umutima wiwe urushirizaho kubagirira igishika.
16 I rejoice, because in everything I have complete confidence in you. Ndanezerewe cane kuko nshobora kubizera muri vyose.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]