Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Corinthians 8 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 We want you to know, brothers and sisters, about our Father's grace given in the churches of Macedonia. Bene Data, turashaka ko mumenya ubuntu Imana yagiriye amashengero y’i Makedoniya.
2 Tested by great trouble, their overflowing joy and deep poverty overflowed into rich generosity. Bageragejwe n’ivyago vyinshi kandi bafise ubworo bw’akaburarugero. Ariko bafise umunezero usagutse, wagaragariye mu gutanga kwabo.
3 For I testify: they gave as they were able, and beyond, entirely willingly. Ndabishingira intahe ko batanze uko bashoboye, ndetse n’ibirengeye uko bashoboye. Kandi batanze bavyishakiye bo nyene.
4 Urgently begging us for the favor and partnership of serving the holy ones. Baratwinginze kenshi ngo tubagirire ubuntu ngo bagire ico bakoze mu gutanga imfashanyo igenewe abera b’i Yerusalemu.
5 It wasn't what we expected—they gave themselves first to the Lord, then to us, by our Father's will. Bakoze ibirengeye ivyo twari twiteze, kanatsinda babanje kwitanga ubwabo, biha Umwami bongera baratwiha nk’uko Imana yabigomvye.
6 So we urged Titus to also finish this act of grace among you, as he had already begun. Ni co gituma twinginze Tito, uwabateye intege zo gutanga mu ntango, ngo agaruke abandanye ico gikorwa c’ubuntu akirangize.
7 But as you excel in everything—in faith, in speech, in knowledge, in all earnestness, and in the love we have for you—see that you also excel in this generous offering. Ariko nk’uko muri agakura mu kwizera, mu mvugo, mu bumenyi, mu mwete mwinshi no mu rukundo mudufitiye, mube agakura muri ubwo buntu bwo gutanga.
8 This isn't a command—I'm testing your love's realness by the earnestness of others. Ibi sindabibabwira nk’itegeko, ariko nshaka kumenya ko urukundo rwanyu atari uruheyiheyi tugereranije n’umwete ayandi mashengero afise.
9 You know our Lord Jesus Christ's grace: though rich, he became poor for you, so his poverty could make you rich. Kuko muzi ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, ko n’aho yari umutunzi wa vyose, yigize umukene ku bwanyu kugira ngo mu bukene bwiwe mube abatunzi.
10 My judgment on this: it benefits you, who a year ago began not only doing this but also wanting to. Iyi ni yo nama yanje y’uko bikwiye kugenda: mu mwaka uheze mwabaye ab’imbere mu gushaka gutanga, ndetse muba n’ab’imbere mu kubikora.
11 Now finish the doing too, so eagerness to want it matches completing it from what you have. None rero nimurangize ico gikorwa mwatanguye, kugira ngo rirya shaka mwerekanye mu ntango ribonekere mu kubishira mu ngiro. Mutange bivanye n’uko mushoboye.
12 If the eagerness is there, it's acceptable by what one has, not what one lacks. Kuko iyo umuntu atanga n’umutima ubikunze, ico atanze cemerwa n’Imana uko nyene, ntimutegeka gutanga ico adafise.
13 I do not mean that others be relieved while you are burdened, but that there be fairness. Ico twipfuza si uko bamwe boroherwa n’ubuzima namwe musigaye mu bukene, ariko ni uko mwogira ibingana.
14 Right now your surplus should meet their need, so their surplus may meet your need, and there is equality. Ubu mufise umusesekara, kandi murashoboye gufasha abakenye. Ikindi gihe kizoza aho na bo bazoba bafise umusesekara, bakabafasha mukenye. Aho ni ho hazoba hari ukungana.
15 As it is written: "the one who gathered much had no extra; the one who gathered little, no lack." Nk’uko Ivyanditswe bivuga: “Abegeranije vyinshi basanze bitarenze ivyo bakeneye, abegeranije bike na bo basanze bitari musi y’ivyo bari bakeneye.”
16 Thanks to our Father, who put the same earnest care I have for you into Titus's heart. Ndashima Imana yashize mu mutima wa Tito umwitwarariko nk’uwanje ku bwanyu.
17 He not only welcomed our appeal, but—more earnest himself—is going to you by his own choice. Kuko yakiranye umutima mwiza ugutera intege kwacu, kandi akaba afise inyota yo kugaruka iwanyu avyishakiye.
18 With him we are sending the brother praised by all the churches for his work in the gospel. Tumurungikanye n’uwundi mwene Data ashimwa n’amashengero yose ku bw’ibikorwa vyiwe vy’Ubutumwa Bwiza.
19 Not only that—the churches also appointed him to travel with us in this generous gift we carry out, for the Lord's own glory and our eagerness. Kandi ishengero ni ryo ryamugenye ngo aduherekeze dutwaye imfashanyo i Yerusalemu, ico ni igikorwa c’ubuntu gihesha Imana icubahiro, kikerekana umwete dufise mu gufasha abatishoboye.
20 We arrange this so no one can fault us over this generous gift we are handling, Dushaka ko ata wodutora utunenge mu buryo dutanga izo mfashanyo.
21 for we aim at what is honorable not only before the Lord but also before people. Kuko twipfuza kubikora neza mu bwizigirwa, atari imbere y’Imana, ariko no mu maso y’abantu.
22 We're sending with them our brother, tested often and found earnest in much, now even more earnest, given his great confidence in you. Tubarungikanye kandi n’uwundi mwene Data twabonyemwo ishaka muri vyinshi. Noneho iryo shaka ryabaye ryinshi ku bw’ivyizigiro afise muri mwebwe.
23 As for Titus: my partner, my fellow worker for you. As for our brothers: messengers of the churches, Christ's glory. Nayo Tito we, ni umugenzi dufatanije igikorwa muri mwebwe; abo bandi bene Data na bo, ni intumwa z’amashengero, kandi bubaha Kristo.
24 So show them, before the churches, proof of your love and our boasting about you. Nuko rero nimubereke, imbere y’amashengero, icemeza ko urukundo mubafitiye ari urw’ukuri kandi ko dufise imvo ituma tubanezerererwa.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]