Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Corinthians 9 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 About serving the Lord's people, I don't need to write you, Ntivyari bikwiye ko ndinda kubandikira mwebwe abizera ivyerekeye iki gikorwa co gutanga,
2 for I know your eagerness, and I boast about you to the Macedonians, that Achaia has been ready since last year, and your zeal has stirred up most of them. kuko ndazi inyota mufise yo gufasha. Namye ndavyirata kw’ishengero ry’i Makedoniya, ndababwira ko kuva mu mwaka uheze mwebwe abo muri Akaya mwari mwamaze kuvyitegurira, kandi ishaka ryanyu ni ryo ryatumye benshi bo mw’ishengero ry’i Makedoniya batangura gutanga.
3 So I'm sending the brothers, that our boast about you not prove empty in this case—that you'd be ready, as I said. Ariko ndungitse abo bene Data kugira ngo menye neza ko mwiteguye nk’uko nababwiye, kandi kugira mwegeranye imfashanyo zanyu. Sinshaka ko ivyirato vyanje ku bwanyu vyoba ivy’ubusa.
4 Otherwise, if Macedonians come with me and find you unprepared, we—not to mention you—would be ashamed for such confidence. Kuko hamwe hogira ab’i Makedoniya tuzanana hanyuma bagasanga mutiteguye, twomaramara, ariko mwebwe mwomaramara kurusha kuko mwabivuganye ugushira amanga.
5 So I thought it necessary to urge the brothers to go on ahead to you and arrange in advance for the generous gift you had promised, so that it would be ready as a willing gift, not as something grudgingly given. Ni co gituma nabonye ko ari nkenerwa kwinginga bene Data ngo babagendere imbere yuko nza kugira ngo batunganye neza ico gikorwa co gutanga mwiyemeje. Mubitegure nk’igikorwa kivuye mu rukundo, atari ico musunikiwemwo.
6 Remember this: whoever sows sparingly will also reap sparingly, and whoever sows generously will also reap generously. Mwibuke bene Data: ababiba bike bimbura bike, kandi ababiba vyinshi bimbura vyinshi.
7 Each should give as he has decided in his heart, not reluctantly or under compulsion, for our Father loves a cheerful giver. Umuntu wese atange ikivuye ku mutima. Ntimupfe gutanga canke ngo mutange kuko mubitegetswe, kuko Imana ikunda uwutangana umunezero.
8 Our Father can make all grace overflow to you, so that always having all you need in everything, you overflow in every good work. Imana irashoboye kubuzuza ubuntu bwayo kugira ngo muri vyose na hose muronke ivyo mukeneye, mugire n’ibisagutse bituma mukora igikorwa ciza cose.
9 As it is written: "He has scattered abroad his gifts to the poor; his righteousness endures forever." Nk’uko Ivyanditswe bibivuga: “Batanga n’umutima wagutse mu guha abakene, ibikorwa vyabo bizokwama vyibukwa ibihe bidashira.”
10 He who supplies seed to the sower and bread to eat will supply and multiply your seed, and increase the harvest of your righteousness. None rero uwuha imbuto umurimyi akamuha n’ivyokurya, azobuzuriza imbuto mu bigega, yongere agwize umwimbu w’ukugororoka kwanyu.
11 You will be enriched in everything, for all generosity, which produces thanksgiving to our Father through us. Muzotungishwa mu buryo bwose kugira ngo muronke ico mutanga aho bizoba bikenewe hose, kandi imfashanyo muduha zizotuma abazironka bahimbaza Imana.
12 This service you perform not only meets the needs of the Lord's people, but overflows in many acts of thanksgiving to our Father. Ico gikorwa ntikizofasha mu kuronsa abera ivyo bakeneye gusa, ariko kizotuma kandi bahimbaza Imana n’umunezero mwinshi muriko muragikora.
13 Proved by this service, others will praise our Father for your submission in confessing the gospel of Christ, and for your generous sharing with them and everyone else. Kubera igikorwa mukora, bazohimbaza Imana kubera ukwumvira kwanyu guherekeza Ubutumwa Bwiza bwa Kristo muvuga, n’umutima w’urukundo mwerekana mu kubafasha no mu gufasha n’abandi na bo.
14 In their prayers for you, they will yearn for you, because of the surpassing grace our Father has given you. Kandi bazobasengera n’umutima w’urukundo, kubera ubuntu busesekaye Imana yabagiriye.
15 Thanks be to our Father for his indescribable gift! Imana ishimwe ku bw’iyi ngabire yayo y’akaburarugero!
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]