Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Corinthians 10 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 I, Paul, myself appeal to you by the meekness and gentleness of Christ—I who am humble face to face with you, but bold toward you when away. Jewe Pawulo, ndabinginze n’umutima wiyoroheje no mu bugwaneza buva kuri Kristo, naho mwibaza ko ntari imvuzi imbere yanyu ariko nkabakarira iyo tutari kumwe.
2 I beg that when present I won't need to be bold—with the confidence I plan to use against those who think we live by human standards. Mbaye ndabinginga hakiri kare kugira ngo ninaza sinzorinde kubakarira nk’uko nzokarira abibaza ko dukurikira inyungu z’abantu.
3 For though we live in the body, we do not wage war by human standards. Naho tuba muri iyi si, ntitugwana nk’ab’iyi si.
4 For our weapons of war are not merely human but powerful through our Father to demolish strongholds. Ibigwanisho tugwanisha si nk’ibigwanisho vy’iyi si. Ahubwo dufise ibigwanisho bifise ubushobozi buva ku Mana, bushobora gusambura ibihome bikomeye, ari vyo vyiyumviro bibi n’impari vy’abantu.
5 We tear down arguments and every proud thing raised against the knowledge of our Father, taking every thought captive to obey Christ. Dusambura ivyiyumviro bibi vyose vyishize hejuru mu kubuza abantu kumenya Imana, tugafata mpiri ivyiyumviro vy’abagarariji vyose tukabashikana ku kwubaha Kristo.
6 And we are ready to punish every act of disobedience, once your obedience is complete. Kandi nimwashika ku kwubaha kwose, tuzohana abo bose bazoba bakiri mu bikorwa vy’ubugarariji.
7 You look at things by appearance. If anyone is sure he belongs to Christ, let him consider this again: as he belongs to Christ, so do we. Nimurabire ku biboneka. Abavuga ko ari Abakristo bategerezwa kumenya ko natwe turi Abakristo co kimwe na bo.
8 For even if I boast a little too much about the authority the Lord gave us—to build you up, not tear you down—I won't be ashamed. Kuko naho nishimira ububasha Umwami wacu yaduhaye bwo kubakomeza, atari ubwo kubasambura, ntibinteye isoni gukoresha ubwo bubasha.
9 I do not want to seem as though I am trying to frighten you with my letters. Sinshaka kuboneka nk’aho ndiko ngerageza kubatera ubwoba mu makete ndabandikira,
10 For they say, "His letters are weighty and forceful, but in person he's weak and his speaking counts for nothing." kuko bamwe muri mwebwe bavuga bati: “Amakete ya Pawulo aragumye kandi arimwo uburake. Ariko iyo ari kumwe natwe aboneka nk’umunyantegenke adakwiye no kwumvirizwa.”
11 Such a person should realize: what we say by letter when absent, we will do when present. Abavuga uko bakwiye kumenya ko uko turi muri ayo makete tutari kumwe namwe ari ko tuzoba tumeze mu bikorwa vyacu nitwaba kumwe namwe.
12 We dare not classify or compare ourselves with some who commend themselves. Measuring themselves by themselves, comparing themselves with themselves, they show no understanding. Ntitwubahuka kwiha ibibanza canke ngo twigereranye twebwe ubwacu nk’uko bamwe babigira. Abo bigereranya kuri bo ubwabo ni imburabwenge! Ntidushobora kuvuga ko turi ibitangaza nk’abo bababwira ko bahambaye cane. Bigereranya na bo nyene ubwabo kandi bakigera kuri bo nyene. Ni imburabwenge.
13 But we won't boast beyond limits, only within the measure of the sphere our Father assigned us—a measure reaching even to you. Ariko ntitwishima mu birengeye aho tugeza ububasha. Twishimira ivyabereye mu bikorwa Imana yaduhaye, harimwo ivyo dukorera muri mwebwe.
14 We aren't overreaching, as if we had not reached you, for we were the first to reach as far as you with the gospel of Christ. Ntidushobora kwishimira ibirenze aho, nk’aho twoba tutigeze kubagendera, kuko n’iwanyu twahashitse tuzanye Ubutumwa Bwiza bwa Kristo.
15 We don't boast beyond limit in others' labors, but hope that as your faith grows, our sphere among you will expand greatly, Kandi ntidushobora no kwirata ngo turondere kwemerwa ku bw’ibikorwa vyakozwe n’abandi. Ivyizigiro vyacu ni uko ukwizera kwanyu kuzobandanya gukura, igikorwa cacu muri mwebwe kikaguka,
16 so we can preach the gospel in regions beyond you, without boasting in work already done in someone else's territory. kugira ngo dushobore kuvuga Ubutumwa Bwiza mu yandi mahanga. Ni ho tutazokwirata ibikorwa vyakozwe n’abandi mu ntara zabo.
17 But "let the one who boasts, boast in our Father." Nk’uko Ivyanditswe bivuga, “Uwirata wese yirate ko yamenye Umwami Yesu,”
18 For it is not the one commending himself who is approved, but the one our Father commends. kuko uwirata atari we yemerwa, ariko hemerwa uwushimwe n’Umwami.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]