Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Corinthians 11 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 I wish you'd tolerate a little foolishness from me—and you do tolerate me. Nizera ko muzokwihanganira ubupfu bwanje. Ndabinginze munyihanganire.
2 I am jealous for you with our Father's jealousy, having betrothed you to one husband, to present you as a pure virgin to Christ. Mfise ipfuhe ryinshi riva ku Mana ku bwanyu. Nabateguye ngo mube umugeni azogira ubukwe n’umugabo umwe gusa, ari we Yesu Kristo, ngo nze ndabashikane imbere yiwe mumeze nk’inkumi itunganye rwose.
3 But I fear that, as the serpent deceived Eve by his cunning, your minds may be corrupted from sincere, pure devotion to Christ. Ariko ndatinya ko nk’uko Eva yahenzwe n’ubugunge bw’inzoka, namwe Satani ashobora kuzimiza ubwenge bwanyu akabahubisha mukava muri kwa kwiyegurira Kristo kwuzuye kwanyu.
4 If someone comes and proclaims another Jesus than we proclaimed, or you receive a different spirit than you received, or a different gospel than you accepted, you tolerate it well enough. Kuko iyo hagize uwubigisha Yesu atari umwe twabigisha, canke mukaronka iyindi mpwemu itandukanye n’iyo mwakiriye ubwa mbere, canke mukaronka ubutumwa butandukanye n’ubwo mwemeye ubwa mbere, muravyihanganira.
5 Yet I consider that I am not in the least inferior to those "super-apostles." Nibaza ko abo mwibaza ko ari intumwa zikomeye ata co bansumvya.
6 Even if unskilled in speech, I'm not unskilled in knowledge; we've made this clear to you in every way, in everything. Nshobora kuba ntari imvuzi ariko simbuze ubumenyi, kandi ivyo twarabiberetse neza mu buryo bwose.
7 Or did I sin by humbling myself so you'd be lifted up, since I preached our Father's gospel to you free of charge? Mbega nakoze icaha aho nicisha bugufi kugira ngo ndabakuze mu kubabwira Ubutumwa Bwiza bw’Imana ata co ndabasavye?
8 I robbed other churches by accepting support from them in order to serve you. Meze nk’aho nasahuye ayandi mashengero mu kwemera imfashanyo yayo kugira nshobore kubakorera ata co ndabasavye.
9 When I was with you and in need, I burdened no one—brothers from Macedonia supplied what I lacked. I kept myself from burdening you in any way, and will keep doing so. Kandi igihe nari kumwe namwe ngakena, nta we nigeze ndemera, kuko bene Data baje bava i Makedoniya bamfashishije ivyo nari nkeneye vyose. Namye nirinda kuremera umuntu n’umwe mu kintu na kimwe, kandi nzokwama ukwo.
10 Since Christ's truth is in me, this boast won't be silenced in Achaia's regions. Ndababwije ukuri kwa Kristo aba muri jewe: nta muntu n’umwe wo mu ntara ya Akaya yombuza kwirata ivyo.
11 Why? Because I do not love you? Our Father knows that I do! Kubera iki mvuze uko? Mbega ni kubera ntabakunda? Haba na mba, n’Imana irabizi.
12 And what I am doing I will keep on doing, in order to cut off the opportunity of those who want an opportunity to be regarded as our equals in the things they boast about. Nzobandanya nkora igikorwa canje muri mwebwe kugira ngo nime icitwazo abarondera ivyitwazo vyo kwirata ko bangana natwe mu vyo dukora.
13 For these people are false apostles, deceitful workers, disguising themselves as apostles of Christ. Kuko abo bantu si intumwa z’ukuri, ni ababeshi bigira intumwa za Kristo.
14 And no wonder, for even Satan disguises himself as an angel of light. Ariko nta gitangaje kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco.
15 So it's no surprise his servants also disguise themselves as servants of righteousness. Their end will be according to their deeds. Nta gitangaje rero, n’abakozi biwe bashobora kwigira abakozi b’abagororotsi. Ku muhero wa vyose bazoronka impera ihwanye n’ibikorwa bakora.
16 Again I say, let no one think me foolish. But if you do, accept me as foolish, so I too may boast a little. Ndabisubiyemwo, ntihagire uwibaza ko ndi imburabwenge. Ariko nimba mwibaza ko ndi imburabwenge, nimunyumvirize nk’aho mwoba muriko mwumviriza imburabwenge, kugira ngo nanje nirate na gato.
17 What I say in this confident boasting, I say not as the Lord would, but as a fool. Mu kwirata gutya sindiko mvuga nk’uko Umwami Yesu yovuga, ahubwo mvuze nk’igipfu.
18 Since many boast by human standards, I too will boast. Kandi kubera abandi bafise ivyo birata ivyo bakoze hano kw’isi nanje nogira ico nirata.
19 For you gladly put up with fools, since you are so wise! Muri vyose mwibaza ko muri incabwenge kandi muryoherwa no kwakira imburabwenge.
20 You tolerate it if someone enslaves you, if someone devours you, if someone takes advantage of you, if someone acts superior, if someone slaps your face. Ndetse mwihanganira n’ababagira abagurano, bakabarenganya bakabanyaga utwanyu, bakishira hejuru, bakabakubita urushi.
21 I say this to my shame: we were too weak for that. But whatever anyone dares to boast of—I speak foolishly—I dare too. Numva mfise isoni zo kubabwira ko umenga twagize intege nke muri mwebwe, kubona tutigenjeje gutyo! Ariko nimba hari uwufise ico yokwubahuka kwirata, nanje ndagifise, ndabivugishijwe n’ubupfu.
22 Are they Hebrews? So am I. Israelites? So am I. Descendants of Abraham? So am I. Ni Abaheburayo? Nanje ndi we. Ni Abisirayeli? Nanje ndi we. Ni abana ba Aburahamu? Nanje ndi we.
23 Servants of Christ? I speak as a madman—I am more so: with far more labors, more imprisonments, beatings beyond measure, and often near death. Mbega ni abakozi ba Kristo? (Nataye ubwenge kubona ndiko mvuga uku.) Ndabaruta. Nakoze cane kubasumvya, nashizwe mw’ibohero kenshi, nakubiswe kenshi katoharurwa, nahatswe gupfa kenshi.
24 Five times I received from the Jews the forty lashes minus one. Nakubiswe n’Abayuda incuro zitanu ibimoko mirongo ine ukuyemwo kimwe,
25 Three times beaten with rods, once stoned, three times shipwrecked; a night and day I spent in the deep. nakubiswe inkoni incuro zitatu, rimwe naratewe amabuye, namenekanywe n’ubwato incuro zitatu, namaze umusi n’ijoro mu kiyaga,
26 Always traveling: in danger from rivers, in danger from robbers, in danger from my own people, in danger from Gentiles, in danger in the city, in danger in the wilderness, in danger at sea, in danger among false brothers; nagenze ingendo nyinshi kandi ndende. Narahatswe gutwarwa n’inzuzi, narahatswe kugirirwa nabi b’ibisuma, narahatswe kwicwa n’abo mu bwoko bwanje, narahatswe kwicwa n’Abanyamahanga, narahatswe kwicirwa mu bisagara, narahatswe kwicirwa mu misozi, narahatswe gupfira mu kiyaga, narahatswe kwicwa n’abigira bene Data.
27 in toil and hardship, through many sleepless nights, in hunger and thirst, often without food, in cold and exposure. Narakoze cane ndaruha, rimwe na rimwe nkarara maso. Narashonje ndanyoterwa, mfata ingendo ntagira imfungurwa, nicwa n’imbeho, ngenda gusa.
28 Besides all else, daily pressure weighs on me: anxiety for all the churches. Ikirengeye ivyo, namana umwitwarariko ku bw’amashengero yose.
29 Who is weak, and I am not weak? Who is made to stumble, and I do not burn with indignation? Iyo hagize uwuja mu ntege nke, nanje numva intege nke. Iyo hagize uwusubira mu vyaha numva umubabaro utovugwa.
30 If I must boast, I will boast of the things that show my weakness. Nimba nokwirata, nzokwirata kubw’ibingaragaza nk’umunyantegenke.
31 Our Father, the Father of our Lord Jesus and blessed forever, knows I'm not lying. Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, we akwiye gushimwa ibihe vyose, arazi ko mvuga ukuri.
32 In Damascus, Aretas the king's governor guarded the city to seize me, Igihe nari i Damasiko, uwatwarira umwami Areta yategetse ko igisagara ca Damasiko kirindwa kugira ngo mfatwe.
33 but through a window in the wall I was lowered in a basket, and escaped his hands. Ariko bene Data banshira mu giseke banyururutsa bancishije mw’idirisha ry’uruzitiro, ndamukira gutyo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]