Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Corinthians 12 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 I must keep boasting—no profit in it—yet I'll move on to visions and revelations of the Lord. Birabereye ko mbandanya nirata naho ata co bimaze. Ariko ubu reka ndababwire ivyo neretswe kandi namenyeshejwe n’Umwami.
2 Fourteen years ago, a man in Christ—I know him—was swept up to the third heaven. Whether in the body or out, I can't say; our Father knows. Ndazi umuntu umwe, muri Kristo, yatwawe mw’ijuru rya gatatu, haraciye imyaka cumi n’ine. Sinzi ko yari mu mubiri canke atari mu mubiri, nta vyo nzi, Imana ni yo ibizi.
3 And I know this man—whether in the body or out of the body, I do not know; our Father knows. Koko Imana yonyene ni yo izi ko yari mu mubiri canke yari yawukuwemwo, ariko ndamuzi.
4 Was caught up into paradise and heard inexpressible words, things that no one is permitted to speak. Yajanywe mw’iparadizo, yumva amajambo ata muntu yoshobora gusigura, kandi ata muntu yemerewe gusubiramwo.
5 I will boast about this man, but I will not boast about myself, except in my weaknesses. Nk’uwaciye mu bintu nk’ivyo nari nkwiye kwirata, ariko sinirata inkomezi zanje, nzirata intege nke zanje.
6 If I wanted to boast, I wouldn't be a fool, since I'd be speaking the truth. But I hold back, so no one credits me beyond what he sees in me or hears from me, Kandi naho nohitamwo kwirata, sinoba nihenze kuko noba ndiko mvuga ivy’ukuri. Ariko mpisemwo kubireka kugira ngo ntihagire abanyiyumvira ukurengeye uko bambona mu bikorwa vyanje no mu vyo nigisha.
7 and because these revelations were so extraordinary, therefore, so I wouldn't grow arrogant, I was given a thorn in my flesh, a messenger of Satan to torment me—so I wouldn't grow arrogant. Kugira ngo sinishire hejuru ku bw’ivyo neretswe vy’akaburarugero, nashizwemwo ingwara ibabaza kandi idakira mu mubiri, intumwa ya Satani yo kunsubiza hasi kugira ngo noye kwishira hejuru.
8 Three times I pleaded with the Lord about this, that it would leave me. Ninginze Umwami Yesu incuro zitatu kugira ngo ayinkuremwo,
9 But he told me, "My grace is enough for you, for my power is perfected in weakness." So I'll gladly boast all the more in my weaknesses, so Christ's power may rest on me. ariko anyishura ati: “Ubuntu bwanje buraguhaje, kuko ubushobozi bwanje bukorera muri wewe cane iyo uri mu ntege nke.” Ivyo ni vyo bituma nirata cane intege nke zanje, kugira ngo ubushobozi bwa Kristo bugume kuri jewe.
10 So I'm content with weaknesses, insults, hardships, persecutions, and troubles for Christ's sake. For when I'm weak, then I'm strong. Ni co gituma, ku bwa Kristo, nezerererwa intege nke, ibitutsi, imiruho, uguhamwa, n’ingorane. Kuko iyo ndi umunyantegenke ari ho mba umunyenkomezi.
11 I've become foolish—you forced me to it. For I should have been commended by you, for I was no way inferior to the so-called super-apostles, even though I am nothing. Ndiko mvuga nk’imburabwenge, ariko ni mwebwe mwabitumye. Ni mwebwe mwari mukwiye kunshingira intahe kuko naho ata co ndi, sindi inyuma ya bose muri za ntumwa zihambaye.
12 A true apostle's signs were done among you with all endurance: signs, wonders, and mighty works. Igihe nari kumwe nawe, naraberetse vy’ukuri ko ndi intumwa. Kuko mu kwihangana kwinshi nakoze ibimenyetso n’ibitangaza muri mwebwe.
13 How were you worse off than the rest of the churches—except that I didn't burden you? Forgive me this wrong! Mbega hari ico ayandi mashengero yaronse mwebwe mutaronse? Hariho kimwe gusa, sinabaremereye ku bijanye n’ivyo kwibeshaho. Nimba mubona ko bitari vyiza, muranyihanganira.
14 Look, this is the third time I'm ready to come to you, and I won't burden you—I don't want what's yours, but you. Children shouldn't save for their parents, but parents for their children. Ndiko nditegurira kubagendera irya gatatu, kandi na ho nyene sinzobaremera, kuko ico ngomba si ivyo mutunze, ngomba mwebwe nyene. Kuko mu bisanzwe abana si bo bari bakwiye kugaburira abavyeyi, ahubwo abavyeyi ni bo bagaburira abana babo.
15 I will very gladly spend and be spent for your souls—loving you more, am I loved less? None rero nzobaha ivyo mfise nongere ndabihe nanje ubwanje n’umunezero mwinshi. Ninabakunda rwose, mbega muzoca munkunda buhoro?
16 Let it be so—I didn't burden you. But sly as I am, I caught you by trickery. Namwe muremera ko ntababereye umutwaro. Ariko bamwe muri mwebwe bibaza ko ndi umunyabwenge, ko nabakuyeko inyungu mu bwenge.
17 Did I take advantage of you through any of those I sent to you? Mbega abantu nabatumyeko hari inyungu babatse?
18 I urged Titus to go and sent the brother with him. Did Titus exploit you? Didn't we walk by the same spirit, in the same steps? Ninginze Tito ngo aze iwanyu, azanana n’umwe mwene Data wundi. Mbega hari inyungu babakuyeko? Mbega ntitwakoreye mu Mpwemu imwe no mu buryo bumwe?
19 Do you think we've been defending ourselves to you all along? We speak in Christ before our Father—all of it, loved ones, for building you up. Mbega mwibaza ko ibi tubivuga mu kubisigurako? Twamye tuvugira imbere y’Imana nk’abari muri Kristo Yesu. Kandi ivyo dukora vyose ga bakundwa, ni ukugira mukomere mu kwizera.
20 I fear that when I come, I won't find you as I want, and you won't find me as you want—that there'll be quarreling, jealousy, outbursts of anger, selfish ambition, slander, gossip, arrogance, and disorder. Kuko ndatinya ko noza nkabasanga uko ntipfuza ko muba, canke mugasanga ntameze uko mushaka ko mba. Ndatinya ko hoba hakiri imitongano, inzigo, ishari ryinshi, ukwikunda, ugutukana, urusaku, ukwishira hejuru n’ukubura urutonde mu buzima.
21 I fear that when I come again, my Father may humble me before you, and I'll grieve over many who sinned earlier and haven't turned from the impurity, sexual sin, and lust they practiced. Ndatinya kandi ko aho nzozira Imana izoncisha bugufi imbere yanyu, nkababazwa cane n’uko bamwe muri mwebwe batahevye ivyaha vyabo bakora kuva kera. Ntibihanye ivyonona, ubusambanyi, n’ibindi vy’isoni nke bakora.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]