Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Corinthians 13 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 This is the third time I'm coming to you. "Every matter must be confirmed by the testimony of two or three witnesses." Rizoba ari irya gatatu ndabagendeye. Nk’uko Ivyanditswe bibivuga, “Urubanza rwose ruzocibwe habanje kwumvirizwa ivyabona bibiri canke bitatu.”
2 I told those who sinned before, and everyone else, in advance—as I did in person on my second visit—and I'm telling them now while away: if I come again, I won't spare them, Naraburiye abagumye mu vyaha igihe nabagendera ubwa kabiri. N’ubu ndabibasubiriyemwo n’aho tutari kumwe: ninagaruka, sinzokwihanganira umuntu n’umwe,
3 since you want proof Christ speaks through me. He is not weak toward you but powerful among you. ko muriko murasaba ivyemeza ko Kristo avugira muri jewe. Ntananiwe no kubakiza, kuko akorana inkomezi muri mwebwe.
4 For he was crucified in weakness, yet he lives by the power of our Father. For we too are weak in him, yet toward you we will live with him by the power of our Father. Naho yabambwe ari umunyantegenke, ubu abayeho mu bushobozi bw’Imana. Natwe ni nk’uko, turi abanyantegenke nk’uko Kristo yari, ariko ubushobozi bw’Imana buba muri twebwe iyo turiko turabakorera.
5 Test yourselves—are you in the faith? Examine yourselves. Don't you know Jesus Christ is in you, unless you fail the test? Mwisuzume kugira ngo mumenye ko muhagaze mu kwizera. Nimube ari mwebwe mwisuzuma. Musanzwe muzi ko Yesu Kristo ari muri mwebwe: atari uko, muzoba mwananiwe no kwisuzuma.
6 And I trust that you will discover that we ourselves have not failed the test. Kandi ndizera ko muzotahura ko tutananiwe no kwisuzuma nk’intumwa.
7 We pray to our Father that you do nothing wrong—not to prove ourselves approved, but so you do what is right, even if we seem unapproved. Ico tubasengera ku Mana ni uko ata kibi mwokora. Atari ukugira ngo abantu babone ko twahagaze neza mu kwisuzuma kwacu, ariko kugira ngo mukore ibibereye naho vyoba bisa nk’aho twananiwe mu gikorwa cacu.
8 For we cannot oppose the truth, but only for the truth. Kuko ata co twemerewe gukora kinyuranye n’ukuri, ariko dutegerezwa guhagararira ukuri.
9 We rejoice when we are weak and you are strong; we also pray for your full restoration. Turanezerwa iyo tuboneka nk’abanyantegenke ariko mukaboneka ko muri abanyenkomezi. Kandi turabasengera ngo mutunganywe rwose.
10 This is why I write these things while away, so that when present I won't need to be harsh, using the authority the Lord gave me—to build up, not tear down. Ni co gituma ndabandikira ibi tutari kumwe, kugira ngo ninaza sinze ndabakarire mu bubasha nahawe n’Umwami, kuko ari ububasha bwo kubakomeza atari ubwo kubasambura.
11 Finally, brothers and sisters, rejoice, strive for full restoration, encourage each other, think alike, live in peace—and our Father of love and peace will be with you. Bene Data, ndangije ndabasezera. Murondere ugutunganywa, muterane intege, muhuze umutima n’inama, mubane amahoro, maze Imana y’amahoro n’urukundo izobana namwe.
12-13 Greet one another with a holy kiss. Muramukanye mu kugumbirana kwera. Abera b’Imana ba hano na bo barabatasha.
14 All the holy ones greet you. Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, urukundo rw’Imana n’ukunywana na Mpwemu Yera bibane namwe mwese.
14 The grace of our Lord Jesus Christ, the love of our Father, and the deep communion of the Holy Spirit be with you all. Not in this edition
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]