Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Galatians 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Paul, an apostle—not from men, nor through man, but through Jesus Christ and our Father, who raised him from the dead, Jewe Pawulo intumwa, ntatumwe n’abantu kandi bidaciye ku muntu n’umwe, ariko natumwe na Yesu Kristo n’Imana Data yamuzuye mu bapfuye,
2 and all the brothers and sisters who are with me, to the churches of Galatia: hamwe na bene Data bose turi kumwe, Turabandikiye mwebwe amashengero y’i Galatiya:
3 Grace and peace to you from our Father and the Lord Jesus Christ, Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibane namwe.
4 who gave himself for our sins, to rescue us from this present evil age, by our Father's will, Uwo Kristo ni we yatanze ubugingo bwiwe ku bw’ivyaha vyacu, nk’uko Imana Data wa twese yari yarabigomvye, kugira ngo adukize iki gihe kibi turimwo.
5 to whom be the glory forever and ever. Amen. Icubahiro kibe icayo ibihe vyose, Amen.
6 I'm amazed you're so quickly turning from the one who called you by Christ's grace to a different gospel. Ndatangajwe n’ingene mwihuse cane kuva ku Mana yabahamagariye kuba mu buntu bwa Kristo, mugakurikira ubundi butumwa butandukanye n’ubwo twababwiye,
7 Not that another gospel exists—but some are unsettling you, wanting to twist the gospel of Christ. kandi mu vy’ukuri ata bundi Butumwa Bwiza buhari. Biragaragara ko hariho abantu babatera kuzazanirwa mu kugoramika Ubutumwa Bwiza bwa Kristo.
8 But even if we, or an angel from heaven, preach a gospel other than what we preached to you, let him be cursed. Ariko, naho yoba twebwe, canke umumarayika avuye mw’ijuru, akaza ababwira Ubutumwa butandukanye n’ubwo twababwiye, umuvumo w’Imana ube kuri we!
9 As we said before, I now repeat: if anyone preaches to you a gospel other than what you received, let that person be cursed. Nk’uko twabivuze ubwa mbere, n’ubu ndabisubiyemwo: umuntu wese yobabwira ubutumwa butandukanye n’ubwo mwakiriye, umuvumo w’Imana ube kuri we!
10 Am I seeking people's approval now, or our Father's? Am I trying to please people? If I were still trying to please people, I would not be Christ's servant. Jewe ubu noba nkirondera kwemerwa n’abantu, aho kurondera kwemerwa n’Imana? Canke ubu noba nkirondera kunezereza abantu? Iyo mba nkirondera kunezereza abantu, simba ndi umukozi wa Kristo.
11 For, brothers and sisters, I want you to know: the gospel I preached is not human in origin. Bene Data, ndashaka ko mumenya ko Ubutumwa Bwiza nababwiye butavuye mu vyiyumviro vy’umuntu.
12 I received it from no man, and was not taught it, but through a revelation of Jesus Christ. Sinabuhawe n’umuntu n’umwe, kandi si ubwo nigishijwe. Ariko, naburonse ndabuhishuriwe na Yesu Kristo.
13 You've heard of my past in Judaism—how fiercely I persecuted our Father's church, trying to destroy it. Mwarumvise ingene nari mbayeho nkiri mw’idini ry’Abayuda, ingene nahama ishengero ry’Imana nkobeje rwose kugira ngo ndarizimanganye.
14 I advanced in Judaism beyond many contemporaries among my people, far more passionate for my ancestors' traditions. Ico gihe, nari imbere rwose mw’idini ry’Abayuda, kurusha abandi bo mu runganwe rwanje, kandi nari mfise umwete mwinshi cane wo kwitondera imigenzo ya ba sogokuruza.
15 But when our Father, who set me apart from my mother's womb and called me by his grace, was pleased, Ariko kuva nkiri mu nda ya mama, Imana yari yarantoranije, impamagara mu buntu bwayo. Hanyuma birayihimbara
16 to reveal his Son in me, so I might proclaim him among the Gentiles, I did not immediately consult anyone, kumpishurira Umwana wayo kugira ngo nanje ndamumenyekanishe mu Banyamahanga; kandi ivyo bibaye, sinagishije inama umuntu n’umwe,
17 nor did I go up to Jerusalem, to those apostles before me, but went to Arabia, then returned to Damascus. kandi sinabanje kuja i Yerusalemu kubaza ababaye intumwa imbere yanje, ahubwo naciye nja muri Arabiya, mu nyuma ngaruka i Damasiko.
18 Then, three years later, I went up to Jerusalem to get to know Peter, staying with him fifteen days. Inyuma y’aho, haheze imyaka itatu, ni ho naduga i Yerusalemu kugira ngo tumenyane na Kefa, tumarana imisi cumi n’itanu.
19 But I saw none of the other apostles except James, the Lord's brother. Nta yindi ntumwa twabonanye, kiretse Yakobo mwene nyina w’Umwami wacu.
20 In what I am writing to you, I assure you before our Father, I am not lying. Ndi imbere y’Imana sinshobora kubesha, ivyo ndabandikiye ni ukuri.
21 Then I went into the regions of Syria and Cilicia. Mvuye aho, naciye nja mu ntara za Siriya na Kilikiya.
22 I was still personally unknown to the churches of Judea that are in Christ. Amashengero ya Kristo y’i Yudaya ntiyari anzi.
23 They only heard: "The one who once persecuted us now preaches the faith he once tried to destroy." Ico bari barumvise kuri jewe ni inkuru yavuga ngo: “Wa muntu yahora aduhama ubu asigaye yigisha ukwizera yigeze kugerageza kuzimanganya.”
24 And they glorified our Father because of me. Maze bahimbaza Imana ku bwanje.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]