Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Galatians 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Fourteen years later I went up to Jerusalem again with Barnabas, taking Titus too. Hanyuma, haciye imyaka cumi n’ine, naciye nsubira ndaduga i Yerusalemu, ariko ico gihe twari kumwe na Baranaba, kandi na Tito twarajanye.
2 I went up by revelation and presented to them the gospel I preach among the Gentiles—privately, to those held in esteem—so I wouldn't be running, or have run, in vain. Nagiyeyo kubera ko Imana yari yampishuriye ko nkwiye kujayo. Nshitseyo, nabonanye mu mwiherero na bamwe mu barongozi b’ishengero b’imbere, ndabamenyesha Ubutumwa nigisha mu Banyamahanga. Nashaka kumenya neza ko ivyo nakoze mbere hamwe n’ivyo nariko ndakora ico gihe, ntariko nirukira ubusa.
3 But not even Titus, with me, though Greek, was forced to be circumcised. Ariko, baranshigikiye, mbere na Tito twari kumwe, ntibigeze bamugobera ngo akebwe kandi ari Umugiriki.
4 This was because of false brothers, secretly brought in, who slipped in to spy on the freedom we have in Christ Jesus, aiming to enslave us. Ivyerekeye ugukebwa vyazanywe n’abiyita abizera kandi atari bo, banyegeteye muri twebwe mu mpisho, bazanywe no kuraba umwidegemvyo dufise muri Kristo Yesu kugira ngo bishobotse bongere kuduhindura abaja b’imigenzo y’idini ry’Abayuda.
5 We did not yield to them for even a moment, so the gospel's truth would remain with you. Ntitwigeze tubibemerera n’akanya isase, kugira ngo ukuri kw’Ubutumwa Bwiza kuzigamwe ku bwanyu.
6 As for those held in esteem—whatever they were makes no difference to me; our Father shows no partiality—those held in esteem added nothing to me. Abarongozi b’imbere mw’ishengero nta co bari bafise bongera ku butumwa navuga. Kandi icubahiro cabo nta co cari kimbariye, kuko nzi ko Imana itarobanura abantu ku butoni.
7 Instead, they saw I had been entrusted with the gospel to the uncircumcised, as Peter had to the circumcised. Ahubwo, batahuye ko nahawe igikorwa co kuvuga Ubutumwa Bwiza mu batakebwe, nk’uko Petero na we yahawe ico gikorwa mu bakebwe.
8 For the one who worked in Peter for apostleship to the circumcised worked also in me for the Gentiles. Kuko uko Imana yariko ikorera muri Petero nk’intumwa mu Bayuda ni ko yariko ikorera muri jewe nk’intumwa mu Banyamahanga.
9 Recognizing the grace given me, James, Peter, and John—reputed pillars—gave me and Barnabas the right hand of fellowship: we would go to the Gentiles, they to the circumcised. Yakobo, Kefa na Yohana, abari bazwi nk’inkingi z’ishengero, bamaze kubona ubuntu bw’Imana buri kuri jewe, baciye baduha ukuboko twe na Baranaba nk’ikimenyetso c’uko dufatanije ibikorwa. Baremeye ko twebwe dukwiye kuja mu Banyamahanga, na bo bakaja mu bakebwe.
10 They asked only that we remember the poor—the very thing I was eager to do. Ico batwihanikirije kwari uko twokwibuka kwitwararika abakene, kandi ico nanje nkaba namye ndagifitiye ishaka kuva kera.
11 But when Peter came to Antioch, I opposed him to his face, because he stood condemned. Ariko, igihe Kefa yaza muri Antiyokiya, namuharirije turi imbere y’abandi bose kuko vyaboneka ko ariko akora ibimutsindisha.
12 Before certain men came from James, he ate with the Gentiles; but when they came, he withdrew and separated himself, fearing those of the circumcision. Agishika, yasangira n’Abanyamahanga, batari barakebwe. Ariko abantu barungitswe na Yakobo bashitse, aca atangura kwigira kure kubera gutinya abo bo mu mugwi w’abakebwe.
13 The other Jews joined him in this pretense, so even Barnabas was carried away by their pretense. Abandi Bayuda baciye bifatanya na we muri ubwo buryarya, ndetse na Baranaba ubwiwe atwarwa na bwo.
14 But when I saw they weren't walking rightly by the truth of the gospel, I told Peter in front of everyone, "If you, a Jew, live like a Gentile, not like a Jew, how can you force Gentiles to live like Jews?" Maze kubona ko batariko bakorera mu kuri kw’Ubutumwa Bwiza, nabwiye Kefa imbere y’abari aho bose nti: “Nimba wewe Umuyuda, wahevye imigenzo y’Abayuda ukabaho nk’Umunyamahanga, ni kuki ugoberera Abanyamahanga gukurikiza imigenzo y’Abayuda?
15 We ourselves are Jews by birth and not Gentile sinners, Twebwe twavutse turi Abayuda, ntituri Abanyamahanga b’abanyavyaha.
16 yet we know a person is not made right with God by law's works, but through faith in Jesus Christ. We too trusted in Christ Jesus, to be made right by faith in Christ, not law's works—for law's works make no human right. Ariko ico tuzi ni uko umuntu atemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera ibikorwa vy’ivyagezwe, ahubwo abihabwa no kwizera Kristo Yesu. Natwe nyene twizeye Kristo gutyo turonka kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi kubera kumwizera, atari kubera gukurikiza ivyagezwe, kuko ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera gukurikiza ivyagezwe.
17 But if, seeking to be made right in Christ, we ourselves are found sinners too, is Christ then a servant of sin? Absolutely not! Ariko nimba turondera kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi biciye mu kwizera Kristo, maze tukagaragara nk’abanyavyaha kuko twahevye ivyagezwe; mbega bisigura ko Kristo abaye umukozi w’icaha? Haba na mba!
18 For if I rebuild what I tore down, I prove myself to be a transgressor. Ahubwo noba mbaye umunyavyaha, hamwe nosubira kwubaka ivyo nasambuye.
19 For through the law I died to the law, so that I might live to our Father. Kuko ngerageje gukurikiza ivyagezwe, birantsindisha. None rero, ku bijanye n’ivyagezwe, narapfuye, kugira ngo mbeho nkorera Imana. Nabambanywe na Kristo,
20 I've been crucified with Christ. It is no longer I who live, but Christ who lives in me. The life I live now in the body, I live by faith in the Son of our Father, who loved me and gave himself for me. si jewe nkiriho; ariko ni Kristo ariho muri jewe. Nkiri muri uwu mubiri, mbayeho mu kwizera Umwana w’Imana yankunze akitanga ku bwanje.
21 I do not reject the grace of our Father; if righteousness comes through the law, then Christ died for nothing. Simfata minenegwe ubuntu bw’Imana, kuko hamwe iyaba ukugororoka kwoshobora kuronkerwa mu vyagezwe, Kristo yoba yapfiriye ubusa.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]