Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Galatians 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Foolish Galatians, who bewitched you? Jesus Christ was displayed crucified before your eyes. Mbega mwa Bagalatiya b’ibijuju, ni nde yabaroze? Ndazi neza ko ivy’urupfu rwa Yesu Kristo mwabishikirijwe neza nk’aho mwamwiboneye abambwe ku musaraba.
2 I want to learn only this from you: did you receive the Holy Spirit by works of the law, or by hearing with faith? Rero, hariho ikintu kimwe conyene ngomba kumenya: Mbega mwahawe Mpwemu Yera kubera mwitondeye ivyagezwe vya Mose? Canke ni kubera mwizeye Ubutumwa Bwiza bwa Kristo mwumvise?
3 Are you so foolish? Having begun by the Spirit, are you now being perfected by human effort? Mbega mwakabaye muri ibijuju gutyo? Mwatanguriye mu vy’Impwemu none ubu muriko mugerageza kuba abagororotse rwose mukoresheje ivy’umubiri?
4 Did you suffer so many things in vain—if it really was in vain? Mbega imibabaro yose mwaciyemwo, yari iy’ubusa? Haba na mba ntiyari iy’ubusa.
5 So does our Father, who lavishly gives you the Holy Spirit and works miracles among you, do this by works of the law, or by hearing with faith? Ngomba kandi kwongera kubabaza, mbega Imana yabahaye Mpwemu Yera yongera ikorera ibitangaza muri mwebwe kubera mwitondera ivyagezwe? Canke ni kubera mwizeye ivyo mwumvise?
6 So it was with Abraham: "He believed our Father, and it was credited to him as righteousness." Na Aburahamu na we “yizeye Imana, bituma imwemera nk’umugororotsi.”
7 Understand, then, that those who have faith are the children of Abraham. Mutahure rero neza ko abana ba Aburahamu ari abo bizera Imana.
8 Scripture, seeing ahead that our Father would justify the nations by faith, told Abraham the good news in advance: "In you all nations will be blessed." Ivyanditswe vyari vyarerekanye ko Imana izokwemera Abanyamahanga nk’abagororotsi biciye mu kwizera, ica ibwira inkuru nziza Aburahamu imbere y’igihe iti: “Muri wewe ni ho amahanga yose azohererwa umugisha.”
9 So those who have faith are blessed along with Abraham, the man of faith. Nuko rero abizera Imana bose nk’uko Aburahamu yayizeye bahezagirwa co kimwe na we.
10 For all who rely on works of law are under a curse, since it is written: "Cursed is everyone who does not keep doing everything written in the Book of the Law." Ariko abizeye ko bazokizwa n’ivyagezwe bari musi y’umuvumo, kuko handitswe ngo: “Aravumwe umuntu adakurikiza ivyanditswe vyose mu gitabu c’ivyagezwe.”
11 Clearly, no one is justified before our Father by the law: "The righteous will live by faith." Biraboneka rero ko ata muntu n’umwe ashobora kwemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera kwubahiriza ivyagezwe, kuko Ivyanditswe bivuga biti: “Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera.”
12 But the law isn't grounded in faith; instead, "Whoever does them will live by them." Ivyagezwe ntibihagaze ku kwizera, ariko bivuga biti: “Uwuzokora ivyo ivyagezwe vyose bibwiriza azobeshwaho na vyo.”
13 Christ redeemed us from the law's curse by becoming a curse for us—for Scripture says, "Cursed is everyone hung on a tree." Kristo yadukijije umuvumo w’ivyagezwe aho yahinduka umuvumo ku bwacu, nk’uko vyanditswe ngo: “Haravumwe uwubambwe ku giti.”
14 He did this so that Abraham's blessing would come to the nations in Christ Jesus, so that we would receive the promised Holy Spirit through faith. Yaradukijije kugira ngo umugisha wahawe Aburahamu ushikire Abanyamahanga biciye muri Kristo Yesu, kandi kugira ngo biciye mu kwizera turonke Mpwemu Yera yasezeranywe.
15 Brothers and sisters, let me speak in human terms: no one annuls or adds to a ratified human covenant. Bene Data, reka dufatire ku karorero ko mu buzima busanzwe. Iyo umuntu agiriraniye isezerano n’uwundi, nta wushobora kurikuraho canke ngo agire ico aryongeyeko. N’aha ni ko bimeze.
16 The promises were spoken to Abraham and his offspring. It doesn't say "and to offsprings," plural, but "and to your offspring," singular, who is Christ. Amasezerano yahawe Aburahamu n’umwana wiwe. Ivyanditswe ntibivuga ngo “n’abana biwe,” ni ukuvuga abantu benshi, ariko bivuga biti “ku mwana wawe,” bisigura umuntu umwe, uwo na we ni Kristo.
17 Here's my point: the law, coming 430 years later, doesn't cancel a covenant our Father already confirmed, so as to nullify the promise. Ico ngomba kubabwira aha ni iki? Nuko isezerano Imana yagiraniye na Aburahamu ritashoboye gukurwaho n’iryo ryabaye inyuma y’imyaka amajana ane na mirongo itatu igihe Imana yaha Mose ivyagezwe. Iyo rivaho, Imana yari kuba irenze amasezerano.
18 If the inheritance comes from law, it's no longer from promise—but our Father gave it to Abraham through promise. Kuko nimba ugutorana kuva ku vyagezwe, ntikuba kukiva kw’isezerano. Ariko Imana mu buntu bwayo, yahaye Aburahamu ugutorana, ibimuhereye mw’isezerano.
19 Why then the law? It was added for wrongdoings, until the offspring to whom the promise was made would come—arranged through angels by a mediator's hand. None, ivyagezwe vyatangiwe iki? Vyatanzwe i ruhande y’isezerano kugira ngo vyereke abantu ivyaha vyabo. Ariko vyari vyashizweho gushika ku kuza kwa wa mwana yasezeranywe. Imana yatumye umumarayika aha ivyagezwe Mose, na we akaba yari umuhuza w’Imana n’abantu.
20 Now a mediator is not for one party only; but our Father is one. Umuhuza afasha iyo hari imigwi irenga umwe igomba kugiriranira amasezerano. Ariko Imana yo yari yonyene.
21 Is the law then against our Father's promises? Absolutely not! If a law could give life, righteousness would truly come from law. Mbega none hariho gusekana hagati y’ivyagezwe n’amasezerano y’Imana? Haba na mba! Nimba koko ivyagezwe vyari gushobora kuduhesha ubugingo bushasha, kubikurikiza kwari gutuma turonka ukugororoka.
22 But Scripture locked everything under sin, so the promise, through faith in Jesus Christ, might be given to those who believe. Ariko Ivyanditswe bivuga ko isi yose ari imbohe y’icaha, ariko ko turonka isezerano ry’Imana riduha umwidegemvyo mu kwizera Yesu Kristo.
23 Before faith came, we were guarded under the law, shut in until the coming faith was revealed. Imbere yuko ukwo kwizera kuza, twari imbohe z’ivyagezwe, twari tuboshwe gushika ukwizera guhishurwe.
24 So the law was our guardian until Christ, so faith could justify us. Ni ukuvuga ko, ivyagezwe vyari nk’umurezi aturera gushika Kristo aje kugira ngo twemerwe n’Imana nk’abagororotsi tubihawe no kwizera.
25 But now that faith has come, we are no longer under a guardian. None rero ko ukwizera kwabonetse, ntitukirezwe n’ivyagezwe.
26 For in Christ Jesus you are all children of our Father through faith. Mwese muri abana b’Imana kubera kwizera Kristo Yesu,
27 For all of you who were baptized into Christ have clothed yourselves with Christ. kuko ababatijwe muri Kristo mwese mwambaye Kristo.
28 There is neither Jew nor Greek, there is neither slave nor free, there is no male and female—for you are all one in Christ Jesus. Nta Muyuda canke Umugiriki, nta mugurano canke uwidegemvya, nta mugore canke umugabo, mwese muri umwe muri Kristo Yesu.
29 And if you belong to Christ, then you are Abraham's offspring, heirs according to the promise. Nimba muri aba Kristo, muri uruvyaro rwa Aburahamu, kandi muri abaragwa ku bw’isezerano Imana yahaye Aburahamu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]