Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Corinthians 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Therefore, since we have this ministry through the mercy shown to us, we do not lose heart. None rero, kubera ko Imana mu buntu bwayo yatwizigije iki gikorwa, imitima yacu nticika intege.
2 Instead, we renounced hidden, shameful things. We don't act with cunning or distort our Father's word. Rather, by openly declaring the truth, we commend ourselves to everyone's conscience before our Father. Ariko twahevye ibiterasoni vyose twakora twinyegeje; ntidukoresha ubugunge, ntitugoramika ijambo ry’Imana. Ahubwo tuvugira ukuri ahabona, kugira ngo abantu bamenye abo turi imbere y’Imana.
3 Even if our gospel is veiled, it is veiled to those who are perishing. Kandi nimba Ubutumwa Bwiza tuvuga budatahuritse, ni ku bariko baraja mu mahonero bonyene.
4 For them, the god of this age has blinded unbelievers' minds, so they can't see the light of the gospel—the glory of Christ, who is our Father's image. Umwami w’iyi si yarahumishije ubwenge bw’abatizera, kugira ngo ntibabone umuco w’Ubutumwa Bwiza bw’ubwiza bwa Kristo, we shusho y’Imana.
5 We don't preach ourselves, but Jesus Christ as Lord—we are your servants for Jesus' sake. Kuko iyo tuvuga ubutumwa, ntitwivuga twebwe nyene. Ariko twigisha ko Yesu ari Umwami, natwe tukaba abakozi banyu ku bwa Kristo.
6 For our Father, who said, "Let light shine out of darkness," has shone in our hearts, giving light—knowledge of our Father's glory in the face of Jesus Christ. Imana yavuze iti: “Ahari umwijima nihabe umuco,” yatumye umuco wayo ukayangana mu mitima yacu kugira ngo turonke ugutahura ivy’ubwiza bw’Imana bukayanganira kuri Yesu Kristo.
7 We have this treasure in clay jars, so this surpassing power is our Father's, not from us. Ariko twebwe ubwacu tumeze nk’udukono tumeneka turimwo ubwo butunzi buhebuje. Ni co cerekana ko ubushobozi buhambaye bukorera muri twebwe buva ku Mana, atari kuri twebwe.
8 We are afflicted in every way, but not crushed; perplexed, but not driven to despair; Dushikirwa n’ingorane z’ubwoko bwose, ariko turi bazima. Turakehanirwa ariko ntiducika intege.
9 persecuted, but not abandoned; struck down, but not destroyed. Turahamwa ariko ntituva ku Mana. Dukubitwa hasi ariko ntidupfa.
10 We always carry Jesus's death in the body, so Jesus's life may also show in our body. Mu mibabaro yacu, imibiri yacu isangira urupfu na Yesu kugira ngo ubuzima bwiwe bubonekere mu mibiri yacu.
11 We who live are always handed over to death because of Jesus, so Jesus' life may also show in our mortal flesh. N’aho turi bazima, twama duhakwa kwicwa ku bwa Yesu, kugira ngo ubuzima bwiwe bubonekere mu mibiri yacu ipfa.
12 So then, death is at work in us, but life in you. Ni ukuvuga ko urupfu rukorera muri twebwe, kugira ngo ubugingo bukorere muri mwebwe.
13 With the same spirit of faith as it is written: "I believed, so I spoke," we too believe, so we too speak, Ariko twamizako tuvuga Ubutumwa Bwiza, kuko turi muri Mpwemu umwe n’umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Nabanje kwizera, ari na yo mpamvu navuze.”
14 knowing the one who raised the Lord Jesus will also raise us with Jesus and set us, with you, before him. Turazi ko Imana yazuye Yesu mu bapfuye izotuzurana na we, itwerekane hamwe namwe imbere yiwe.
15 All this is for you, so that grace, reaching more and more, may overflow thanksgiving to our Father's glory. Imibabaro yose ducamwo ni ku bwanyu, kugira ngo ubuntu bw’Imana buriko burashikira benshi butume amashimwe asesekara, maze Imana ihabwe icubahiro.
16 So we don't give up. Even as our outer person decays, our inner person is renewed day by day. Ni co gituma tudacika intege, naho imibiri yacu iriko irashira, umuntu wacu w’imbere aguma yiyubura ku musi ku musi.
17 For this light, momentary suffering produces for us an eternal weight of glory beyond all comparison, Kuko imibabaro yacu naho ari mito kandi y’akanya gato, ituzanira ubwiza bw’akaburarugero kandi buzokwamaho.
18 so we fix attention not on visible things but invisible ones, for the visible is passing but the invisible is eternal. None rero ntiduhanga amaso ku biboneka vy’ab’iki gihe, ariko tuyahanga ku bitaboneka, kuko ibiboneka ari ivy’akanya gato, ariko ibitaboneka bizokwamaho ibihe vyose.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]