Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Corinthians 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Are we starting to recommend ourselves again? Or do we, like some, need letters of recommendation to you or from you? Mbega ubu dusubiriye gutangura kwimenyekanisha? Canke dukeneye amakete yo kutumenyekanisha mwandikirwa nk’uko biba ku bandi canke bakabasaba ngo muyandike Ku bwabo?
2 You yourselves are our letter, written on our hearts, known and read by everyone. Ni mwebwe nyene makete yacu yanditswe mu mitima yacu, ayo bose basoma bagatahura.
3 You show yourselves to be a letter from Christ, delivered by us—written not with ink but with the Spirit of our living Father, not on stone tablets but on tablets of human hearts. Muragaragaza ko muri ikete ryanditswe na Kristo, ryavuye mu gikorwa cacu, ritanditswe n’irangi ry’ikaramu, ariko ryanditswe na Mpwemu w’Imana nzima, atari ku bisate vy’amabuye ariko ku bisate vy’imitima y’abantu.
4 Such is the confidence we have through Christ toward our Father. Ivyo turabizi neza kubera ukwizigira Imana guhambaye dufise muri Kristo.
5 Not that we're competent in ourselves to claim anything as our own, but our competence is from our Father. Ntitwibaza ko dushoboye gukora ikintu na kimwe ku bw’inkomezi zacu, ariko Imana ni yo idushoboza gukora vyose.
6 He made us competent to serve a new covenant—not of the letter but of the Spirit. For the letter kills, but the Spirit gives life. Ni yo yatugize abakozi b’isezerano rishasha, isezerano ritavuye ku vyagezwe ariko rivuye kuri Mpwemu; kuko ivyagezwe birica ariko Mpwemu atanga ubugingo.
7 If the ministry of death, carved in letters on stone, came with such glory that Israelites could not gaze at Moses' face because of its glory—a glory that was fading, Igihe ivyagezwe vyandikwa ku bisate vy’amabuye indome ku yindi, vyandikanywe ubwiza bw’Imana, ku buryo Abisirayeli batashobora kuraba mu maso ha Mose kubera ukwo gukayangana, n’aho kwari ukw’akanya gato,
8 will not the ministry of the Spirit come with even greater glory? mbega igikorwa ca Mpwemu Yera ntikizorushiriza kugira ubwiza burengeje?
9 For if the ministry of condemnation had glory, how much more does the ministry of righteousness overflow with glory! Nimba igikorwa catuma dutsindwa cari cisakaye ubwiza nk’ubwo, mbega igikorwa kituzanira ukugororoka ntikizorushiriza kwambara ubwiza buhebuje?
10 What was glorious has no glory now, outshined by surpassing glory. Mbere twovuga n’uko ubwo bwiza bwa mbere atari n’ubwiza ubugereranije n’ubw’ino nzira nshasha.
11 For if what was fading came with glory, how much greater is the glory of what endures! Kandi nimba ivyo vya kera bihera vyari vyuzuye ubwiza, mbega ibishasha bizohoraho ntibizorushiriza kugira ubwiza burengeje?
12 Since we have such a hope, we act with great boldness. Ko dufise ivyo vyizigiro, dufise ugushira amanga.
13 We are not like Moses, who put a veil over his face so the Israelites couldn't stare at the end of what was fading. Ntitumeze nka Mose yahisha mu maso hiwe n’igitambara kugira ngo Abisirayeli ntibabone ukwo gukayangana, kandi kwari ukw’akanya gato.
14 But their minds were hardened. To this day, the same veil remains when the old covenant is read—unlifted, since only in Christ is it removed. Ariko ubwenge bwabo bwarimwo umwijima, kuko gushika n’ubu ico gitambara kibagumako iyo basoma ivy’Isezerano rya Kera. Nticigeze kibakurwako, kuko muri Kristo ari ho gikurirwaho.
15 Yes, to this day, whenever Moses is read, a veil lies over their hearts. No gushika uno musi, iyo basomye ivyanditswe na Mose, ico gitambara kiguma gipfutse imitima yabo, bigatuma badatahura.
16 But whenever anyone turns to our Lord Jesus, the veil is taken away. Ariko iyo umuntu ahindukiriye Umwami Yesu, ca gitambara gica kimuvako.
17 Our Lord Jesus is the Spirit, and where the Spirit of our Lord Jesus is, there is freedom. Umwami ni we Mpwemu, kandi aho Mpwemu w’Imana ari haba umwidegemvyo.
18 We all, faces unveiled, gazing at the glory of our Lord Jesus, are transformed into that same image, from glory to glory, as from our Lord Jesus, the Spirit. Natwe abakuweko ico gitambara, tugaragaza ubwiza bw’Umwami wacu, kandi tukaba turiko turahindurwa ngo duse na we, tuva mu bwiza tuja mu bundi, na bwo bukaba buva ku Mwami wacu, na we akaba ari Mpwemu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]