Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Timothy 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Don't sharply rebuke an older man, but appeal to him as a father, and to younger men as brothers, Ntugakankamire umutama, ariko umuhanure umwubashe nk’aho ari so. Abakiri bato ubafate nk’abo muvukana,
2 older women as mothers, and younger women as sisters, in all purity. abatamakazi ubafate nk’abavyeyi bawe, abagore bakiri bato ubafate nka bashiki bawe, kandi ubikore mu kwera kwose.
3 Honor widows who are truly widows. Witeho abapfakazi batagira uwubaraba.
4 But if a widow has children or grandchildren, they should first learn to show devotion toward their own household, repaying their parents—this pleases our Father. Ariko umupfakazi afise abana n’abuzukuru, bakwiye kubanza kwitwararika uwo muvyeyi, ni ho bazoba bamwishuye ivyo yabakoreye, kandi ivyo birahimbara Imana.
5 The true widow, left alone, sets her hope on our Father, continuing night and day in petitions and prayers. Umupfakazi atagira umuntu n’umwe amufasha, asigaye ari wenyene, ashira ivyizigiro vyiwe ku Mana, akama ayisenga ijoro n’umurango kugira ngo imufashe.
6 But the widow who lives for self-indulgence is dead even while she lives. Ariko umupfakazi abayeho yinezereza gusa aba yarapfuye mu mpwemu n’aho yoba ari muzima mu mubiri.
7 Give these orders too, so they are above criticism. Ivyo uzokwame uvyibutsa abantu, kugira ngo babeho batagira umugayo.
8 If anyone fails to provide for their own—especially household members—they have denied the faith and are worse than an unbeliever. Umuntu n’atafasha umuryango wiwe na canecane abo mu nzu yiwe, aba yihakanye ukwizera kw’ukuri, kandi uwo aba ari inyuma y’uwutizera.
9 Enroll a widow only if she's at least sixty and has been faithful to one husband, Umupfakazi akwiye kuja ku rutonde rw’abafashwa akwiye kuba arenza imyaka mirongo itandatu, akaba yarabaye umwizigirwa ku mugabo wiwe,
10 attested for good works: if she raised children, welcomed strangers, washed the feet of the saints, helped the suffering, and pursued every good work. kandi akaba ashingirwa intahe ku bw’ibikorwa vyiwe vyiza nko kurera neza abana, kwakira neza ingenzi i muhira iwe, kwoza ibirenge vy’abera, gufasha abari mu ngorane, ndetse akaba yariyeguriye gukora ibikorwa vyiza vy’ubwoko bwose.
11 But refuse to enroll younger widows; when their desires pull them from Christ, they want to marry, Na yo abapfakaye bakiri bato, ntuzobashire kuri urwo rutonde. Kuko ukwipfuza kw’imibiri yabo kwohava kubarengera bakava mu kwiyegurira Kristo bakagomba kwongera kurongorwa.
12 and so they bring judgment on themselves for having set aside their first pledge. Gutyo bakaba bikwegeye gutsindwa n’urubanza kuko baba barenze kw’isezerano ryabo rya mbere.
13 They also learn to be idle, going house to house—not just idle, but gossips and busybodies, saying what they shouldn't. Ikindi ni uko bashobora kuba ibinebwe, bakama bayerera inzu ku nzu bavuga urusaku, bita mu bitabaraba bongera bavuga ivyo badakwiye kuvuga.
14 So I want younger widows to marry, bear children, manage homes, and give the opponent no chance to slander. Nico gituma nipfuza ko abapfakazi bakiri bato basubira kurongorwa, bakavyara abana, bagatunganya ingo zabo. Ni ho umwansi wacu atazoronka ico abarega.
15 For some have already turned aside to follow Satan. Mbere n’ubu bamwe muri bo baza baramaze guta umurongo bakurikira Satani.
16 If any believing woman has widows among her relatives, she should support them, not burdening the church, so it can support true widows. Nimba hari umugore yizera atunze abapfakazi mu nzu iwe, nabe ari we abafasha ntibaremere Ishengero, ribone ingene rifasha abatagira uwubafasha n’umwe.
17 Elders who lead well deserve double honor, especially those working hard at preaching and teaching. Abakuru b’Ishengero barirongoye neza bakwiye kwubahwa no guhabwa ibibatunga na canecane abakora igikorwa co kuvuga ubutumwa no kwigisha.
18 For Scripture says: "Don't muzzle an ox while it treads out grain," and "The worker deserves his pay." Kuko Ivyanditswe bivuga ngo: “Ntimuze muzibire umunwa w’inka iriko irasekura ingano,” kandi ngo: “Umukozi aberwa n’impembo.”
19 Do not entertain an accusation against an elder except on the evidence of two or three witnesses. Ntuze wumvirize ibirego bivugwa ku mukuru wo mw’Ishengero, kiretse bizanywe n’abantu babiri canke batatu.
20 As for those who persist in sin, rebuke them in front of everyone, so that the rest will fear. Ariko abakuru baguma mu vyaha, uzobihanize ku mugaragaro imbere y’Ishengero kugira ngo abandi na bo babone gutinya.
21 I solemnly charge you before our Father, Christ Jesus, and the elect angels: keep these instructions without prejudice, doing nothing out of favoritism. Ndakwingingiye mu nyonga z’Imana na Kristo Yesu n’imbere y’abamarayika batoranijwe ngo ukurikize ivyo ndakubwiye vyose udasize na kimwe, kandi ntuze wigere urobanura abantu ku butoni.
22 Don't lay hands on anyone hastily, and don't share in others' sins—keep yourself pure. Ntuze wihutire na rimwe kurambika ibiganza ku bantu, ngo usange wifatanije n’abantu mu vyaha vyabo. Wame wejejwe.
23 Don't drink only water anymore—take a little wine for your stomach and your frequent illnesses. Ntusubire kwama unywa amazi yonyene, uje uranywa umuvinyu mukeya ku bw’ingorane ufise mu nda, ukama ugwaragurika.
24 Some people's sins are obvious, going ahead to judgment; others' sins follow after. Ivyaha vya bamwebamwe biribonekeza n’imbere y’uko bajanwa mu rubanza. Ariko hari n’abandi ivyaha vyabo bimenyekana vyaratevye.
25 In the same way, good works are obvious, and even those that are not cannot stay hidden. Muri ubwo buryo nyene, n’ibikorwa vyiza ni gutyo. Ibikorwa vyiza vya bamwebamwe biragaragara, ariko n’ibikorerwa mw’ibanga umusi umwe bizoja ahabona.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]