Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Timothy 6 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 All under slavery's yoke should consider their own masters worthy of full respect, so our Father's name and the teaching aren't spoken against. Abari mu buja bamenye ko ba shebuja bakwiye icubahiro cose, kugira ngo izina ry’Imana n’inyigisho zacu ntibitukwe.
2 Those with believing masters must not disrespect them for being brothers; instead serve better, since the ones benefiting are believers, dearly loved. Teach and urge these. Kandi abafise ba shebuja bizera Imana, nta mvo n’imwe yo kutabubaha kubera ko ari bene Data. Ahubwo bakwiye kurushirizaho kubakorera neza nka bene Data, kuko na bo bitaho ineza y’abo bari mu buja. Ivyo bibe ari vyo uzohimiriza abantu.
3 If anyone teaches otherwise, disagreeing with the sound words of our Lord Jesus Christ and the teaching that fits devotion to God, Abigisha inyigisho zidahuye n’ivyo Umwami wacu Yesu Kristo yigishije ari vyo bizana ukugororoka,
4 he is conceited, knowing nothing, but sick with obsession over disputes and word-battles, producing envy, strife, slander, and evil suspicions, baba buzuye ubwibone n’ukwishira hejuru n’ukubura ugutahura. Bafise impwemu yo kuvuga no guharira ku majambo. Ivyo nta kindi bizana atari ishari, ibihari, ibitutsi, ukwikekana,
5 and constant conflict among people with corrupted minds, deprived of truth, who think devotion to God is a way to profit. hamwe n’uguterana amajambo bikunda kuba hagati y’abantu bazimiye mu bwenge, bataye ukuri, kandi bigira abagororotsi kugira ngo bashike ku nyungu zabo mbi.
6 Now godliness with contentment is great gain, Ariko ukugororoka n’uguhazwa n’ivyo umuntu afise bigira ikimazi kinini cane.
7 for we brought nothing into the world, and we can take nothing out of it. Kukaba nka ko, nta co twazanye kw’isi kandi nta co tuzojana tuyivuyeko.
8 But if we have food and clothing, with these we will be content. Iyo turonse ivyo turya n’ivyo twambara, biba bidukwiye.
9 But those wanting to grow rich fall into temptation, a trap, and many foolish, harmful desires that plunge people into ruin and destruction. Abafise inyota nyinshi yo gutunga barageragezwa hanyuma bakagwa mu mitego y’ivyipfuzo vy’ubupfu kandi bibabaza, bibatwara mu kwononekara no guhona.
10 Love of money is a root of all kinds of evil; craving it, some have strayed from the faith and pierced themselves with many pains. Kuko ugukunda amahera ni wo muzi w’ibibi vyose. Bamwe bagize umwitwarariko mwinshi wo kuyaronka, maze bazimirira kure y’ukwizera kw’ukuri, bita mu bibahagarika imitima.
11 But you, man of our Father, flee all this. Pursue righteousness, godliness, faith, love, perseverance, and gentleness. Ariko wewe muntu w’Imana, hunga ivyo vyose, ukurikirane ukugororoka, ukwubaha Imana, ukwizera, urukundo, ukwihangana n’ubugwaneza.
12 Fight the good fight of the faith; take hold of the eternal life you were called to, and professed the good confession before many witnesses. Ugwane intambara y’ukwizera. Uzigame cane ubugingo budashira wahamagariwe, igihe wagira ukwatura kwiza imbere y’ivyabona vyinshi.
13 I charge you before our Father, who gives life to all things, and Christ Jesus, who testified the good confession before Pontius Pilate, Kandi ndakwinginze imbere y’Imana, yo itanga ubuzima kuri bose, n’imbere ya Kristo Yesu yashinze intahe nziza imbere ya Pontiyo Pilato,
14 to keep the command spotless and blameless until our Lord Jesus Christ appears, ngo ukurikize ivyo ndakugeze, utagira umugayo gushika aho Umwami wacu Yesu Kristo azohishurirwa.
15 which the blessed and only Ruler, the King of kings and Lord of lords, will bring about at the proper time. Kuko igihe gikwiye kigeze, Kristo azohishurwa avuye mw’ijuru, ahishuwe n’Imana nyaguhezagirwa, Imana nyene inganji, Umwami w’abami kandi Uwuganza abatware.
16 He alone is immortal, living in unapproachable light, whom no one has seen or can see. To him be honor and eternal dominion. Amen. Niyo yonyene ifise ukudapfa, kandi iba mu muco ata muntu yoshobora kuwegera, iyo ata muntu n’umwe arayibona kandi ata wushobora kuyibona. Icubahiro n’ububasha bibe ivyayo ibihe bidashira. Amen.
17 Tell the rich in this present age not to be arrogant or hope in uncertain wealth, but in our Father, who richly gives us everything to enjoy. Wigishe abafise ubutunzi bwo muri iyi si kutishira hejuru no kudashira ivyizigiro vyabo muri bwo, kuko butaramba. Ariko bizigire Imana yo iduha vyose nk’umusesekara kugira ngo bitunezereze.
18 Command them to do good, be rich in good works, generous, willing to share, Ubigishe gukoresha amahera yabo mu gukora ivyiza: bakwiye kuba abatunzi mu bikorwa vyiza, no mu gufasha abakene no mu kugira imitima yiteguriye gusangira ivyabo n’abandi.
19 laying up for themselves a good foundation for the future, so they may grasp the life that is truly life. Nibakora uko, bazoba bariko bariziganiriza ubutunzi ngo bubabere urufatiro rwiza rwa kazoza aho bazogira ubuzima nyakuri.
20 Timothy, guard what's entrusted to you. Avoid godless, empty chatter and contradictions of so-called knowledge, Ewe Timoteyo, uzigame neza ico wahawe. Wirinde ibiyago birimwo kutubaha Imana, n’impari zirimwo ubupfu hagati yawe n’abakurwanya biyita abanyabwenge kuko bidahwanye n’ukwizera.
21 for by professing it some have wandered away from the faith. Grace be with you all. Bamwe barataye ukwizera bakurikira ubwo bupfu. Ubuntu bubane namwe mwese.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]