Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Timothy 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Paul, apostle of Christ Jesus by the will of our Father, by the promise of life in Christ Jesus, Jewe Pawulo, intumwa ya Yesu Kristo, natoranijwe mu kugomba kw’Imana, ndabihawe n’isezerano ry’ubuzima riri muri Kristo Yesu,
2 to Timothy, my beloved child: Grace, mercy, and peace from our Father and Christ Jesus our Lord. Ndakwandikiye mwana wanje nkunda Timoteyo: Ubuntu, imbabazi n’amahoro biva ku Mana Data no ku Mwami wacu Kristo Yesu bibane na we.
3 I thank our Father, whom I serve with a clear conscience as my ancestors did, remembering you constantly in my prayers, night and day. Ndashima Imana nkorera n’umutima wanje wose nk’uko ba sogokuruza bayikorera. Nama nkwibuka iyo nsenze ijoro n’umutaga.
4 Remembering your tears, I long to see you, so that I may be filled with joy. Nama nibuka amarira yawe igihe twatandukana, bikantera kwipfuza gusubira kukubona kugira ngo nuzure umunezero.
5 I recall your sincere faith—alive first in your grandmother Lois and mother Eunice, and now, I'm convinced, in you too. Nama nibuka ukwizera kwawe kwabanje kuba muri nyokuru wawe Lowisi no muri nyoko Ewunise, ubu naho kukaba kubandanya kuba muri wewe.
6 So I remind you to fan into flame the gift of our Father in you, through the laying on of my hands. Ni co gituma ndakwibutsa kwongera kwatsa ingabire Imana yaguhaye igihe nakurambikako ibiganza.
7 For our Father gave us no spirit of fear, but the Spirit of power, love, and self-control. Kuko Imana itaduhaye Mpwemu w’ubwoba, ariko yaduhaye Mpwemu w’ububasha, w’urukundo kandi wo kuganza ingeso zacu.
8 So don't be ashamed of our Lord's testimony, nor of me his prisoner, but share in suffering for the gospel by our Father's power. Nuko rero ntukagire isoni zo gushingira intahe Umwami wacu, kandi ntuterwe isoni nanje imbohe yiwe. Ahubwo ku bw’inkomezi wahawe n’Imana, wemere ubabazanywe nanje ku bw’Ubutumwa Bwiza.
9 He saved and called us with a holy calling, not by our works but by his own purpose and grace, given us in Christ Jesus before time began, Kuko Imana ni yo yadukijije, iduhamagarira kubaho ubuzima bwejejwe. Ivyo ntiyabikoze kuko twari tubibereye, ariko ni ku bw’umugambi wayo n’ubuntu bwayo. Ubwo buntu twabuherewe muri Kristo Yesu ibihe bitarabaho,
10 and now made known through the appearing of our Savior Christ Jesus, who ended death and illuminated life and immortality through the gospel. ariko buhishurwa mu kuza kw’umukiza wacu Kristo Yesu, uwasambuye rwose ububasha bw’urupfu, agashira ahabona ubuzima n’ukudapfa biciye mu Butumwa Bwiza.
11 For this gospel I was appointed a preacher and an apostle and a teacher. Kandi Imana yantoranirije kuba umuvuzi w’ubwo Butumwa Bwiza, nk’intumwa n’umwigisha.
12 That's why I suffer this way. But I'm not ashamed, for I know whom I've believed, and am convinced he can guard what's entrusted to me until the day he returns. Ni co gituma ndiko ndababazwa uku. Ariko singira isoni kuko ndazi uwo nizeye, kandi sinkekeranya ko ashoboye kuzigama ico namubikije gushika ku musi w’ukugaruka kwiwe.
13 Hold the pattern of sound words you heard from me, in faith and love in Christ Jesus. Wame ufatira akarorero ku nyigisho z’ukuri wanyumvanye, uhagarare mu kwizera, no mu rukundo dufise muri Kristo Yesu.
14 Guard the good deposit entrusted to you, through the Holy Spirit who lives within us. Uzigame ingabire nziza wabikijwe, ufashijwe n’ububasha bwa Mpwemu Yera aba muri twebwe.
15 You know this: everyone in the province of Asia turned away from me, including Phygelus and Hermogenes. Urazi ko abo muri Aziya bose bantaye, harimwo Figelusi na Heremogeni.
16 May our Lord Jesus grant mercy to Onesiphorus's household, for he often refreshed me and wasn't ashamed of my chains. Ariko Imana igirire ubuntu abo mu nzu kwa Onesiforo, kuko yangendeye kenshi akandemesha. Ntiyigeze aterwa isoni n’uko ndi mw’ibohero.
17 On the contrary, when he arrived in Rome he searched eagerly for me until he found me. Igihe yaza i Roma, yarandondeye hose gushika antoye.
18 May our Lord Jesus grant that he finds mercy from the Lord on that day. You know very well how much he served in Ephesus. Umwami Imana amuhe kuzobona ubuntu buva kuri Kristo ku musi azogarukirako. Murazi ingene yamfashije mu buryo bwinshi igihe nari muri Efeso.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]