Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Timothy 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 So then, my child, draw your strength from the grace that is in Christ Jesus. None rero na we, mwana wanje, ugirire inkomezi mu buntu turonkera muri Kristo Yesu.
2 And what you heard from me in the presence of many witnesses, entrust to faithful people able to teach others too. Kandi ivyo wanyumvanye hari ivyabona vyinshi, uzovyigishe abantu b’ukwizerwa, na bo bazoshobora kuvyigisha abandi.
3 Take your share of suffering like a good soldier of Christ Jesus. Wifatanye nanje mu kwihanganira imibabaro, nk’umusoda mwiza wa Kristo Yesu.
4 No soldier on duty gets tangled in civilian affairs—he wants to please the one who enlisted him. Nta wahawe kuba umusoda abandanya yivanga mu vy’ubuzima busanzwe ashobora guhimbara umukuru wiwe.
5 And an athlete is not crowned unless he competes according to the rules. Ni co kimwe n’umunonotsi, ntashobora koronka agashimwe kiretse yahiganywe akurikije amategeko.
6 The hard-working farmer ought to be the first to receive a share of the crops. Uwaruhiye kw’isuka ni we yari akwiye kuba uwa mbere mu kurya ivyeze vyo mu mwimbu wiwe.
7 Think over what I am saying, for the Lord will give you understanding in everything. Ufate akanya wiyumvire ku vyo ndiko ndakubarira, Umwami Imana azoguha gutahura muri vyose.
8 Remember Jesus Christ, risen from the dead, a descendant of David, as told in my gospel, Wame wibuka Yesu Kristo yazutse mu bapfuye, yavuye mu muryango wa Dawidi, nk’uko Ubutumwa nahawe buvuga. Ubwo ni bwo mbabarizwa,
9 for which I suffer, chained like a criminal. But the word of our Father is not chained! gushika n’aho mbohwa nk’umwicanyi. Ariko ijambo ry’Imana ryo ntiriboshwe.
10 So I endure everything for the sake of the chosen, so they too may gain the salvation in Christ Jesus, with eternal glory. Ni co gituma nihanganira vyose ku bw’abatoranijwe, kugira ngo na bo baronke agakiza kari muri Kristo Yesu, hamwe n’ubwiza butazoshira.
11 This saying is trustworthy: If we have died with him, we will also live with him; Iri jambo ni iryo kwizera: “Nitwapfana na we, tuzobana bazima na we.
12 if we endure, we will also reign with him; if we disown him, he also will disown us; Nitwihangana, tuzoganzanya na we. Nitwamwihakana, na we azotwihakana.
13 if we are faithless, he remains faithful, for he cannot disown himself. Naho tutoba abizigirwa, we aguma ari umwizigirwa, kuko ntashobora kwivuguruza.”
14 Remind them of these things, and warn them before our Father not to quarrel over words—useless, and ruins those who listen. Ibi uzokwame ivyibutsa abantu, ubihanikiriza mu nyonga z’Imana ngo bareke guharira ivyerekeye amajambo, kuko ata kimazi bifise, kandi bishobora kugwisha abavyumva.
15 Do your best to present yourself to our Father approved, a worker unashamed, rightly handling the word of truth. Ukore ibishoboka vyose kugira ngo wame ugaragara wemewe imbere y’Imana, umukozi anezererwa igikorwa ciwe, kandi asigura neza ijambo ry’ukuri.
16 But avoid empty, godless chatter; it leads people further into wickedness, Wirinde ibiyago vy’ubupfu, kuko abavyamamwo bibatwara mu kutubaha Imana.
17 and their talk will spread like gangrene. Among them are Hymenaeus and Philetus, Inyigisho zabo zikwiragira nk’ingwara ya kanseri mu mubiri. Muri bo harimwo Humenayo na Fileto.
18 who wandered away from the truth, claiming the resurrection already happened, and are undermining some people's faith. Bataye inzira y’ukuri, bigisha ko izuka ry’abapfuye ryamaze kuba, maze bagasambura ukwizera kwa bamwe.
19 Yet our Father's firm foundation stands, sealed: "He knows those who are his," and "Let all who name his name turn from evil." Ariko, imfatiro zikomeye zashizweho n’Imana zirashimangiye. Zanditsweko aya majambo ngo: “Uhoraho arazi abiwe”; kandi ngo: “Abatura izina ry’Uhoraho bose bave mu kugabitanya.”
20 In a large house there are vessels not only of gold and silver, but also of wood and clay—some for honor, some for dishonor. Mu nzu nini itunze, ntihabamwo gusa ibikoresho bikozwe mu nzahabu canke mw’ifeza gusa, habamwo n’ibikozwe mu biti, no mw’ibumba. Kandi bimwe vyagenewe gukoreshwa ivy’icubahiro, ibindi na vyo vyagenwe gukoreshwa ibikorwa bisanzwe.
21 So if anyone purifies himself from these, he becomes a vessel of honor: holy, useful to the Master, ready for every good work. Umuntu niyiyeza, azoba igikoresho c’icubahiro, cejejwe, kigirira akamaro nyene co, kandi giteguriwe gukora igikora ciza cose.
22 Flee youthful cravings; pursue righteousness, faith, love, and peace with those who call on the Lord from a pure heart. Uhunge ivyipfuzo bibi vy’ubusore, urondere ukugororoka, ukwizera, urukundo n’amahoro, wifatanye n’abambaza Umwami Imana n’imitima itanduye.
23 Have nothing to do with foolish, ignorant controversies; you know they breed quarrels. Wirinde ibihari vy’ubupfu ata kindi bishikanako atari imitongano.
24 The Lord's servant must not be quarrelsome, but be gentle to all, able to teach, patient when wronged. Kandi umukozi w’Imana ntakwiye kuba mu mitongano, ahubwo agira ubugwaneza kuri bose, akaba ushoboye kwigisha, no kwihanganira abanyabihari.
25 Gently correcting those who oppose him. Perhaps our Father will grant them repentance to know the truth, Abamugwanya abigishanya ubugwaneza, yizigiye ko Imana ishobora kubaha ukwihana no kubashikana ku kumenya ukuri,
26 and they may sober up, escaping the devil's trap where he has held them captive to do his will. maze bakabona kwisubirako, bakava mu mutego wa Satani, yabagize imbohe zo gukora ivyo ashaka vyose.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]